INKURU Y’UBUZIMA
‘Urugamba ni urwa Yehova’
KU WA 28 Nzero 2010, nari mu gisagara ciza cane ca Strasbourg mu Bufaransa, hakaba hari hakanye cane. Ariko sinari najanywe no gutembera. Nari kumwe n’umugwi w’abavukanyi bajejwe ivy’amategeko bagiye kwitura ya sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu, kugira tuburanire uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova. Ikibazo nyamukuru cari ico kwerekana ko leta y’Ubufaransa yahonyanze uburenganzira bw’abavukanyi bacu mu kubarihisha ikori rihanitse ry’amadolari y’Abanyamerika nk’imiliyoni 89. N’igihambaye kuruta, izina rya Yehova, ukuntu abasavyi biwe bazwi, n’uburenganzira bwo kumusenga bidegemvya vyari bigeramiwe. Ivyabaye ico gihe, birerekana neza ko «urugamba ari urwa Yehova.» (1 Sam. 17:47) Reka ndabibasigurire.
Ico kibazo catanguye mu 1999, igihe leta y’Ubufaransa yategeka ko ibiro vy’ishami ryo mu Bufaransa bitanga ikori ritagira ishingiro ku ntererano zari zatanzwe kuva mu 1993 gushika mu 1996. Twarituye amasentare yo mu Bufaransa, ariko nta cavuyemwo. Tumaze gutsindwa muri sentare y’iyungururizo, leta yaciye yigarurira amahera yari kuri konte y’ibiro vy’ishami arenga 6.300.000 z’amadolari y’Abanyamerika. Icizigiro twari dusigaranye gusa, yari ya sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ariko imbere y’uko urubanza nyezina rusasa, iyo sentare yasavye ko umugwi wacu ubanza kubonana n’abashingwamanza ba leta kugira twumvirizwe n’umwe mu banyamabanga b’iyo sentare.
Twibaza ko uwo munyamabanga aza kuduhatira gutorera umuti ico kibazo, akadusaba ngo twemere kuriha amwe mu mahera leta yariko iraturihisha. Ariko twaratahura neza ko kuriha n’igiceri kimwe, kwobaye ari ukurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abavukanyi bacu bari batanze intererano kugira zishigikire inyungu z’Ubwami, vyarumvikana rero ko ayo mahera atari aya leta. (Mat. 22:21) Naho ari ukwo, kugira twerekane ko twubaha iyo sentare twaritavye uwo mubonano.
Umugwi w’abashingwamanza bacu imbere ya ya sentare y’Abanyaburaya, mu 2010
Uwo mubonano wabereye mu cumba kimwe c’amanama kibereye ijisho c’iyo sentare. Ibintu vyatanguye nabi. Wa munyamabanga wa sentare, yatanguye avuga ko Ivyabona vya Yehova bo mu Bufaransa bakwiye kuriha amwe mu makori leta yariko irabasaba. Twaciye tumubaza duti: «Wari uzi yuko leta imaze kwigarurira imiliyoni zirenga zine n’inusu z’amahera y’Abanyaburaya iyakuye kuri konte yacu?»
Yarakubiswe n’inkuba avyumvise. Umugwi w’abashingwamanza ba leta bamaze kwemeza ko bayigaruriye, ukuntu yabona urwo rubanza vyaciye bihinduka rwose. Yarabakariye aca ahagarika uwo mubonano bukwi na bukwi. Ubwo nyene naciye mbona ko Yehova yahindukije urwo rubanza ku neza yacu mu buryo tutari twiteze namba. Twavuye muri uwo mubonano twarengewe n’umunezero, tudatahura ivyari bihejeje kuba.
Ku wa 30 Ruheshi 2011, abagize ya sentare y’Abanyaburaya bose hamwe bafashe ingingo idushigikira. Iyo sentare yaciye ihagarika ayo makori yongera itegeka leta kudusubiza amahera yari yafashe, hariko n’inyungu. Iyo ngingo y’intibagirwa, yatumye ugusenga kw’ukuri gukingirwa mu Bufaransa gushika n’uyu musi. Ka kabazo gasanzwe twabaza tutari twaniyumviriye imbere y’igihe, kabaye nka rya buye ryinjira mu ruhanga rwa Goliyati, gatuma urugamba ruhindukira. None vyagenze gute ngo dutsinde? Nk’uko Dawidi yabibwiye Goliyati, ni kubera ko «urugamba ari urwa Yehova.»—1 Sam. 17:45-47.
Iyo si yo yari intsinzi ya mbere dutahukanye. Naho turwanywa n’intwaro zikomeye be n’amadini akomeye, gushika ubu turamaze gutahukana intsinzi 1.225 mu masentare yo mu bihugu 70, no mu masentare mpuzamakungu atari make. Izo ntsinzi mu vy’amategeko zirakingira uburenganzira bwacu nyamukuru, nk’ubujanye no kwemerwa na leta, kwamamaza, kutaja mu birori vyo gukunda igihugu, no kutemera guterwa amaraso.
None vyagenze gute ngo nje kuburana mu rubanza rw’i Buraya kandi nkorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, i New York muri Amerika?
ABAVYEYI BANJE BARI ABAMISIYONARI B’ABANYAMWETE
Abavyeyi banje, ari bo George na Lucille, basohotse ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 12 baca baja gukorera muri Etiyopiya, kandi ni ho navukiye mu 1956. Banyise Philip bafatiye kuri wa mwamamaji w’inkuru nziza wo mu kinjana ca mbere. (Ivyak. 21:8) Mu mwaka wakurikiye, leta yaciye ihagarika igikorwa cacu. Naho nari nkiri muto, ndibuka neza ingene umuryango wacu wagira amakoraniro winyegeje. Kubera ko nari umwana, nabona ko biryoshe. Ikibabaje, mu 1960 abajejwe intwaro baratwirukanye mu gihugu.
Nathan Knorr (hirya ibubamfu) igihe yari yagendeye umuryango wacu i Addis Abeba muri Etiyopiya, mu 1959
Twaciye twimukira i Wichita muri leta ya Kansas muri Amerika, kandi abavyeyi banje bimukanye wa mwete w’ubumisiyonari bari bafise. Bari babayeho bisunga ukuri kandi baradufashije guha agaciro ivy’impwemu, jewe na mushiki wanje mukuru yitwa Judy, be na mutoyi wanje Leslie, na bo nyene bakaba bavukiye muri Etiyopiya. Nabatijwe mfise imyaka 13. Haciye imyaka itatu, umuryango wacu warimukiye i Arequipa muri Peru, ahari hakenewe cane abamamaji.
Mu 1974 igihe nari mfise imyaka 18, ishami ryo muri Peru ryangenye kuba umutsimvyi adasanzwe hamwe n’abandi bavukanyi bane. Twabwirizwa kwamamaza mu vyibare bitari bwakorerwemwo mu misozi miremire cane yitwa les Andes. Mu bantu twabwira inkuru nziza, harimwo imvukira zo muri ako karere zivuga igikecuwa n’iki aymara. Twari dufise imodoka abantu bashobora kubamwo akaba ari yo twakoresha mu ngendo zacu. Twakunda kuyita ubwato bwa Nowa kubera ukuntu yari imeze nk’igisandugu. Mpora nibuka ingene nakoresha Bibiliya mu kwereka abo bantu b’imvukira yuko vuba Yehova azokuraho ubukene, indwara n’urupfu. (Ivyah. 21:3, 4) Benshi muri bo barakiriye inkuru nziza y’Ubwami.
Ya modoka twita ubwato bwa Nowa, mu 1974
NDUNGIKWA GUKORERA KU CICARO GIKURU
Mu 1977 igihe Albert Schroeder wo mu Nama Nyobozi yagendera Peru, yarandemesheje gusaba kuja gukorera kuri Beteli yo ku cicaro gikuru. Naciye ndabigira, maze bidatevye ku wa 17 Ruheshi 1977 nca ndatangura gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Namaze imyaka irenga ine nkorera mu Rwego rw’isuku n’Urwego rujejwe kubungabunga ibintu.
Ku musi w’ubugeni bwacu, mu 1979
Muri Ruheshi 1978, narahuye na Elizabeth Avallone kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i New Orleans muri leta ya Louisiana. Cokimwe nanje, na we nyene yari yarezwe n’abavyeyi bakunda cane Yehova. Ico gihe Elizabeth yari amaze imyaka ine ari umutsimvyi asanzwe kandi yaripfuza gukora umurimo w’igihe cose ubuzima bwiwe bwose. Twagumye tuvugana, kera kera dusanga twakundanye. Twahavuye twubakana ku wa 20 Gitugutu 1979 maze twese duca dutangura gukorera kuri Beteli.
Abavukanyi bo mw’ishengero twatanguye gukoreramwo ry’i Brooklyn ryakoresha igisupanyoli, batwakiranye igishika. Mu myaka yakurikiye, twarakoreye mu yandi mashengero atatu yarimwo abavukanyi bakundana cane, kandi baturemesha kuguma mu murimo wacu wo kuri Beteli. Turakenguruka ukuntu badushigikiye, tukanakengurukira incuti n’abagenzi badufashije kwitwararika abavyeyi bacu bageze mu zabukuru.
Abanyabeteli bari mw’ishengero ry’igisupanyoli i Brooklyn, mu 1986
NJA GUKORERA MU RWEGO RUJEJWE IVY’AMATEGEKO
Muri Nzero 1982 naragenywe gukorera mu Rwego rujejwe ivy’amategeko kuri Beteli ntari ndavyiteze. Haciye imyaka itatu narasabwe kuja kunonosora ivy’amategeko muri kaminuza, nca mba umushingwamanza yavyigiye. Naratangaye cane nsanze mu vyigwa twiga, abantu benshi bo muri Amerika no mu bindi bihugu bararonse umwidegemvyo wo gukora ibintu bitari bike kubera intsinzi Ivyabona vya Yehova batahukanye. Izo manza zikomakomeye, mw’ishure twarazinjira mu mizi cane.
Mu 1986 mfise imyaka 30, naragenywe kuba umuhagarikizi w’Urwego rujejwe ivy’amategeko. Kubera ko nari nkiri muto, kandi nkaba ntatahura neza ibikorwa bitoroshe vyari bituraririye, ku ruhande rumwe nabona ko ari agateka ku rundi na ho nkahagarika umutima.
Nahejeje ivyigwa vy’ubushingwamanza mu 1988, mugabo sinari nzi ingaruka mbi ayo mashure yahavuye angirako mu vy’impwemu. Amashure ahanitse aratuma umuntu yiduza agasigara abona ko kubera ko afise ubumenyi buhanitse, aruta abadafise amashure nk’ayo yize. Umukenyezi wanje Elizabeth yarankebuye, aramfasha gusubirana urutonde nari mfise rw’ivy’impwemu imbere y’uko nja kwiga ivy’amategeko. Naho vyansavye igihe, buhorobuhoro narasubiranye mu vy’impwemu. Mfatiye ku vyanshikiye, ndashobora kwemeza neza yuko kuba uzi ibintu bidasanzwe atari co kintu gihambaye cane mu buzima. Igihambaye vy’ukuri mu buzima ni ukugiranira ubucuti bwiza na Yehova be no kuba umukunda ugakunda n’abasavyi biwe.
KUBURANIRA INKURU NZIZA NO GUTUMA YEMERWA N’AMATEGEKO
Maze guheza ivyigwa vy’amategeko, naciye nitwararika cane gutunganya ibikorwa vyo kuri Beteli bijanye n’amategeko no kuburanira inyungu z’Ubwami mu masentare. Ibikorwa nakora vyo gushigikira ishirahamwe ryacu riguma ritera imbere cane kandi rijana n’igihe, vyarantera umunezero cane naho bitari vyoroshe. Nk’akarorero, mu 1990 Urwego rujejwe ivy’amategeko rwasabwe gutanga ivyiyumviro vy’ukuntu twohagarika ibijanye no gusaba intererano igihe dutanze ibitabu vyacu. Inyuma y’aho, Ivyabona vya Yehova baciye batangura kuza barabitanga ku buntu. Ivyo vyaroroheje ibikorwa vyo kuri Beteli no mu ndimiro, vyongera bituma ivyo bikorwa bidatangishwa amakori gushika n’ubu. Hari abiyumviriye ko ayo mahinduka yotumye uburyo twahora dukoresha buhera, bikanabangamira igikorwa cacu co kwamamaza. Ariko habaye igihushane. Kuva mu 1990 igitigiri c’abasavyi ba Yehova cigwije incuro zirenga zibiri. Kandi muri iki gihe, abantu barumva inkuru nziza ata co barinze kuriha. Jewe ubwanje nariboneye ko amahinduka nk’aya be n’ayandi menshi aba mw’ishirahamwe rya Yehova avamwo ivyiza kubera ko gusa tuba tubifashijwemwo na Yehova no kubera ubuyobozi atanga biciye ku mushumba w’umwizigirwa.—Kuv. 15:2; Mat. 24:45.
Intsinzi dutahukana ntiziva gusa ku kuba dufise abashingwamanza beza. Akenshi inyifato nziza y’abasavyi ba Yehova ni yo ituma abacamanza n’abategetsi bafata ingingo ku neza yacu. Ico kintu naraciboneye mu 1998 igihe abo mu Nama Nyobozi batatu n’abakenyezi babo bitaba amahwaniro y’intibagirwa yabereye muri Kiba. Inyifato yabo irangwa ubuntu n’icubahiro ni yo ahanini yatumye abategetsi batahura ko ata ho duhengamiye mu vya politike, kuruta ivyo twababwiye vyose mu mibonano yose twagiraniye.
Ariko rero, igihe bidakunze ko ibibazo vyacu bitorerwa umuti mu mwumvikano, turitura sentare ‘tukaburanira inkuru nziza kugira yemerwe n’amategeko.’ (Flp. 1:7) Nk’akarorero, haraciye imyaka myinshi abategetsi b’i Buraya no muri Koreya y’Epfo batemera uburenganzira dufise bwo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare. Ivyo vyatumye abavukanyi nka 18.000 b’i Buraya n’abarenga 19.000 bo muri Koreya y’Epfo bamara igihe mw’ibohero bazira gusa kutaja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima.
Amaherezo, ku wa 7 Mukakaro 2011 ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, yarafashe ingingo y’intibagirwa mu rubanza rwahuza Bayatyan na leta ya Armeniya. Iyo sentare yafashe ingingo ivuga ko mu bihugu vyose vya Buraya bakwiye kwemerera abanka kuja mu gisirikare kubera ukwizera kwabo gukora ibindi bikorwa bitari ivya gisirikare. Iyo ngingo yakurikiwe n’iyindi imeze nka yo yafashwe ku wa 28 Ruheshi 2018 na sentare yo muri Koreya y’Epfo ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Muri abo bavukanyi bacu, iyo hagira na bakeyi muri bo bahemuka nta ntsinzi nk’izo twari gutahukana.
Urwego rujejwe ivy’amategeko rwo ku cicaro gikuru be n’izindi nk’izo ziri ku mashami yo hirya no hino kw’isi, zirakora zivuye inyuma mu kuburanira inyungu z’Ubwami. Ni iteka ntangere kuburanira abavukanyi na bashiki bacu baba bahanganye n’uruhamo rugirwa n’abategetsi. Dutsinda canke tudatsinda, imanza zacu zirashinga intahe kuri ba buramatari, ku bami no ku mahanga. (Mat. 10:18) Abacamanza, abaserukira leta, abanyamakuru, be n’abantu muri rusangi, uko bigenda kwose barabona kandi bakumva ivyanditswe tuba twashize mu vyireguro tuba twatanze no mu vyo tuvuga turiko turiburanira. Abantu b’umutima nziraburyarya baramenya Ivyabona vya Yehova abo ari bo be n’uko ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya. Mbere bamwe muri bo barabaye abasavyi ba Yehova.
WARAKOZE YEHOVA
Mu myaka irenga 40 iheze, naratewe iteka ryo gukorana n’amashami atandukanye hirya no hino kw’isi mu bijanye n’amategeko nongera ndarenguka imbere ya sentare nkuru zitandukanye n’imbere y’abategetsi benshi bakomakomeye. Ndakunda abo dukorana mu Rwego rujejwe ivy’amategeko bo ku cicaro gikuru be n’izindi nzego nk’izo ziri ku mashami hirya no hino kw’isi nkongera nkashima ibikorwa barangura. Imihezagiro nironkeye mu buzima ntigira uko ingana.
Elizabeth yaranshigikiye mu myaka 45 iheze, haba mu bihe vyiza no bihe bibi. Ico ndakimukundira kuko yagumye anshigikira naho asanzwe arwaye indwara ituma yamana intege nke.
Twariboneye ko zaba inkomezi z’umubiri canke intsinzi twatahukanye, ata na kimwe cavuye ku bubasha bwacu. Nk’uko Dawidi yabivuze, «Yehova ni we nkomezi z’abantu biwe.» (Zab. 28:8) Mu vy’ukuri, ‘urugamba ni urwa Yehova.’