IKIGANIRO C’UKWIGA CA 37
URURIRIMBO RWA 114 ‘Tugaragaze ukwihangana’
Ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe
«Yagumye yiteze ubutungane, mugabo hagumye akarenganyo.»—YES. 5:7.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene akarorero ka Yezu kadufasha kuvyifatamwo neza igihe turenganijwe.
1-2. Abantu benshi bavyifatamwo gute iyo barenganijwe, kandi ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza?
TUBA mw’isi yuzuye akarenganyo. Nk’akarorero, abantu bararenganywa kubera ubukene, igitsina, ubwoko canke ibara ry’urukoba. Baragira ingorane bivuye ku kwononekara kw’ibidukikije guterwa n’abagwizatunga be n’abategetsi bironderera inyungu zabo. Ibikorwa nk’ivyo vy’akarenganyo be n’ibindi tutavuze, usanga bitugirako ingaruka twese, haba mu buryo bwibonekeza canke butibonekeza.
2 Ntibitangaje rero kubona benshi bababazwa n’akarenganyo babona muri iyi si. Twese twipfuza kuba mw’isi itekanye kandi itagira akarenganyo. Ni co gituma bamwebamwe bagerageza guhindura ibintu babicishije mu nzira zitandukanye. Nk’akarorero, hari abatera umukono ku nyandiko ziyamiriza akarenganyo, bakaja mu myiyerekano, bakongera bagashigikira indongozi zibasezeranira kurwanya akarenganyo. Ariko twebwe abakirisu twigishwa ‘kutaba ab’isi’ no kwizigira ko Ubwami bw’Imana ari bwo buzokuraho akarenganyo kose. (Yoh. 17:16) Naho ari ukwo, iyo tubonye uwurenganijwe biratubabaza cane. Twoshobora kwibaza duti: «Ndabigenze gute? Hari ico noba ndakora ku bijanye n’akarenganyo?» Kugira turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka tubanze turabe ingene Yehova na Yezu babona akarenganyo.
YEHOVA NA YEZU BARANKA AKARENGANYO
3. Kubera iki vyumvikana kubona tubabazwa n’akarenganyo? (Yesaya 5:7)
3 Bibiliya irasigura igituma vyumvikana kubona tubabazwa n’akarenganyo. Ivuga ko Yehova yaturemye mw’ishusho yiwe kandi ko «akunda ubugororotsi n’ubutungane.» (Zab. 33:5; Ita. 1:26) Yehova ntiyigera arenganya umuntu n’umwe, kandi yipfuza ko ata muntu yorenganya uwundi. (Gus. 32:3, 4; Mika 6:8; Zak. 7:9) Nk’akarorero, mu gihe c’umuhanuzi Yesaya, Yehova yarumvise «amaborogo» y’Abisirayeli benshi bariko bafatwa nabi na bagenzi babo. (Soma Yesaya 5:7.) Ico gihe Yehova yarahanye abagumye bahonyanga amategeko yiwe kandi bagafata nabi bagenzi babo.—Yes. 5:5, 13.
4. Inkuru imwe ivugwa mu Njili yerekana gute ingene Yezu abona akarenganyo? (Raba n’ifoto.)
4 Cokimwe na Yehova, Yezu na we nyene arakunda ubutungane akanka akarenganyo. Umusi umwe, Yezu yarabonye umugabo yari afise ukuboko kunyunyutse. Abitumwe n’ikigongwe yaciye amukiza. Ariko indongozi z’amadini zozo, aho kunezerwa zaciye zishavura kubera ko zari zifise umutima ukomantaye. Ntibari barajwe ishinga no gufasha uwo muntu yari yigorewe, ahubwo bari barajwe ishinga no kwubahiriza amategeko agenga isabato ata guca ku ruhande. None Yezu yavyakiriye gute? ‘Yaratuntujwe n’ukuntu imitima yabo ikomantaye.’—Mrk. 3:1-6.
Indongozi z’idini ry’Abayuda nta mpuhwe zagira, ariko Yezu wewe yari umunyempuhwe (Raba ingingo ya 4)
5. Dukwiye kuguma twibuka iki igihe bishitse tukababazwa n’akarenganyo?
5 Kubera ko Yehova na Yezu bababazwa n’akarenganyo, ni ibisanzwe ko na twebwe katubabaza. (Ef. 4:26) Ariko rero, dukwiye kwibuka ko umubabaro tugira udaca utorera umuti akarenganyo, mbere naho twoba dufise imvo zumvikana zo kubabara. Kanatsinda, kuguma dushavuye birashobora kubangamira amagara yacu. (Zab. 37:1, 8; Yak. 1:20) None twovyifatamwo gute igihe tubonye akarenganyo? Reka turabe ivyo twigira ku karorero ka Yezu.
INGENE YEZU YAVYIFASHEMWO IGIHE YABONA AKARENGANYO
6. Ni ibintu ibihe vy’akarenganyo vyari vyiraye igihe Yezu yari ng’aha kw’isi? (Raba n’ifoto.)
6 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarabonye akarenganyo katagira izina. Nk’akarorero, yariboneye ingene abantu batobato bahahazwa n’indongozi z’amadini. (Mat. 23:2-4) Yari azi kandi n’ingene indongozi z’Abaroma zafata nabi abantu. Ni co gituma Abayuda benshi bari bashashaye kwiganzura Uburoma. Mbere bamwe muri bo, barashinze imigwi y’intagondwa yo kurwanya Abaroma. Ariko Yezu wewe, nta mihari nk’iyo yashinze canke ngo hagire iyo ashigikira. Igihe yamenya ko abantu bashaka kumugira umwami, yaciye ababisa arigira.—Yoh. 6:15.
Igihe abantu bashaka ko Yezu yisuka mu vya politike, yaciye ababisa arigira (Raba ingingo ya 6)
7-8. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi kubera iki atagerageje gukuraho akarenganyo? (Yoh. 18:36)
7 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi ntiyagerageje gukorana n’intwaro z’ico gihe kugira ngo akureho akarenganyo. Kubera iki? Kubera yari azi ko abantu ata burenganzira bafise bwo kwitegeka kandi ko batanabishoboye. (Zab. 146:3; Yer. 10:23) Vyongeye, ntibashobora gukuraho ibintu nyamukuru bituma habaho akarenganyo. Nk’akarorero, ntibashobora gukuraho Shetani wa mutware w’iyi si w’umubisha, wa mwicanyi akoresha ububasha bwiwe mu gukokeza akarenganyo. (Yoh. 8:44; Ef. 2:2) Ikindi na co ntibashobora gukuraho agasembwa. Agasembwa karatuma mbere n’abantu bameze neza bibagora kwama bakoresha ubutungane.—Umus. 7:20.
8 Yezu yari azi ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzorandurana n’imizi akarenganyo kose. Ni co gituma umwanya wiwe n’inguvu ziwe yabikoresha mu ‘kwamamaza no mu gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.’ (Luka 8:1) Yarahumurije «abafise inzara n’inyota vy’ubugororotsi», arababwira ko akarenganyo kazovaho. (Mat. 5:6; Luka 18:7, 8) Ariko rero, ivyo ntibizokorwa n’intwaro z’abantu ahubwo bizokorwa n’intwaro itari iyo muri iyi si, ni ukuvuga intwaro y’Imana.—Soma Yohani 18:36.
NIWIGANE YEZU IGIHE UBONYE AKARENGAYO
9. Wemezwa n’iki ko Ubwami bw’Imana ari bwo buzokuraho akarenganyo kose?
9 Muri iyi misi ya nyuma tubayemwo, akarenganyo tubona kararuta ako Yezu yabonye igihe yari ng’aha kw’isi. Ariko cokimwe no mu gihe ca Yezu, Shetani be n’abantu b’abanyagasembwa bamuyoboka ni bo ahanini batuma haba akarenganyo. (2 Tim. 3:1-5, 13; Ivyah. 12:12) Nka kumwe kwa Yezu, turazi ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzorandurana n’imizi akarenganyo kose. Kubera ko dushigikira ubwo Bwami tudahemuka, turirinda kuja mu myiyerekano canke mu bindi bikorwa vyitwa ko bifise intumbero yo guhagarika akarenganyo. Raba akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Stacy.a Imbere y’uko amenya ukuri, yama aja mu myiyerekano yo kwiyamiriza akarenganyo. Ariko mu nyuma yaratanguye gukekeranya ku vyo yariko arakora. Avuga ati: «Igihe naba ndi muri iyo myiyerekano narakunda kwibaza nimba iyo nzira narimwo yari ibereye. Ariko ubu kubera ko nshigikira Ubwami bw’Imana ndazi ko nahisemwo inzira ibereye. Ndazi ko Yehova ari we azorenganura abahahazwa bose kuruta uko jewe nari kubigira.»—Zab. 72:1, 4.
10. Kubera iki imihari iharanira amahinduka iteye kubiri n’ivyo Yezu yavuze muri Matayo 5:43-48? (Raba n’ifoto.)
10 Imihari yo muri iyi si iharanira amahinduka, akenshi usanga irangwa n’agatima k’ubugarariji n’inzigo, ivyo bikaba biteye kubiri n’ivyo Yezu yatwigishije be n’akarorero yadusigiye. (Ef. 4:31) Umuvukanyi umwe yitwa Jeffrey avuga ati: «Ndazi ko imyiyerekano isa n’iyatanguye mu mahoro mu kanya isase ishobora guhinduka ikarangwa n’ubugizi bwa nabi be n’ubusahuzi.» Ariko rero Yezu atwigisha gukunda abantu bose, mbere naho twoba tudahuza ivyiyumviro canke bakaba baturwanya. (Soma Matayo 5:43-48.) Twebwe abakirisu rero turakora uko dushoboye kwose tukirinda ikintu cose giteye kubiri n’akarorero Yezu yadusigiye.
Muri iki gihe, bisaba umutima rugabo kugira ngo tugume ata ho duhengamiye mu bibazo vya politike n’ivyo mu kibano (Raba ingingo ya 10)
11. Kubera iki kudashigikira imihari iharanira amahinduka bishobora kutubera urugamba?
11 Naho tuzi ko Ubwami bw’Imana ari bwo buzorandurana n’imizi akarenganyo, igihe turenganijwe birashobora kutugora kwigana Yezu. Ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Janiya igihe yakumirwa kubera ibara ryiwe ry’urukoba. Avuga ati: «Naragize ishavu ryinshi, ndababara cane ku buryo nipfuza ko ako karenganyo katokwijana. Naciye niyumvira gushigikira umuhari umwe warwanya ikumira rishingiye ku bwoko no kw’ibara ry’urukoba. Nabona ko kubigenza gutyo ari bwo buryo bwiza bwo kwerekana akababaro kanje.» Ariko haciye igihe Janiya yarabonye ko yari akwiye kugira ivyo ahinduye. Avuga ati: «Nasanze nariko ndirekerana nkajanwa n’ivyiyumviro vy’abandi vyatuma nizigira abantu aho kwizigira Yehova. Naciye mfata ingingo yo kuvavanura n’uwo muhari.» Naho ishavu twoba dufise ryoba rifise ishingiro, turakwiye kuba maso kugira ngo ntitudohoke ku mpagararo yacu yo kutagira aho duhengamiye mu bibazo vya politike canke vyo mu kibano.—Yoh. 15:19.
12. Kubera iki ari vyiza ko tuba maso ku makuru dusoma, turaba, canke twumviriza?
12 Ni igiki codufasha kudatwarwa n’ishavu igihe turenganijwe canke igihe ari abandi barenganijwe. Abenshi basanze kuba maso ku vyo basoma, ku vyo bumviriza, no ku vyo baraba, bifasha cane. Imbuga hwaniro zimwezimwe usanga zuzuye amakuru ashikuza ku bijanye n’akarenganyo canke aremesha abantu gushigikira imihari iharanira amahinduka. Ibimenyeshamakuru na vyo, akenshi usanga bishikiriza amakuru mu buryo buhengamye. None hoho twumvise amakuru y’ukuri yerekeye akarenganyo, kuyagumizako umutima vyodufasha iki? Hamwe twomara umwanya munini dusoma ayo makuru canke tuyaraba, vyoshobora gutuma duhagarika umutima canke ducika intege bitari bikenewe. (Imig. 24:10) N’ikibabaje kuruta, vyoshobora gutuma twibagira ko Ubwami bw’Imana ari bwo gusa buzokuraho akarenganyo kose.
13. Kwama dusoma Bibiliya vyodufasha gute kugumana uburimbane mu kuntu tubona akarenganyo?
13 Kwama dusoma Bibiliya tukongera tukazirikana ku vyo dusoma birashobora kudufasha kugira uburimbane mu kuntu tubona akarenganyo. Mushiki wacu umwe yitwa Alia yarababazwa cane no kubona ingene abantu bo mu kibano iwabo bafatwa nabi kandi ababikora ntibahanwe. Avuga ati: «Naricaye maze ndibaza nti: ‘Ubwo ndemera vy’ukuri ko Yehova azotorera umuti izi ngorane zose?’ Muri ico kiringo narasomye Yobu 34:22-29. Ico canditswe caranyibukije ko ata kintu na kimwe Yehova atabona. Ni we wenyene akurikiza ubutungane mu buryo bwuzuye kandi ni we wenyene ashobora gukosora ibintu mu buryo bwiza.» Ariko none ni ibiki twokora mu kurindira ko Ubwami bw’Imana buzana ubutungane nyakuri?
IVYO TWOBA TURAKORA
14. Twokora iki kugira ngo twirinde kugira uruhara mu bikorwa vy’akarenganyo vyo muri iyi si? (Abakolosayi 3:10, 11)
14 Mu bisanzwe, ntidushobora gukontorora ibikorwa vy’akarenganyo abandi bagira, ariko turashobora gukontorora ibikorwa vyacu. Nk’uko twabibonye, turigana Yezu mu kugaragaza urukundo. Urwo rukundo ruratuma twubaha abandi, mbere n’abadufashe nabi. (Mat. 7:12; Rom. 12:17) Yehova arahimbarwa igihe dufashe abandi mu buryo buranga ubuntu kandi ntitubarenganye.—Soma Abakolosayi 3:10, 11.
15. Kubwira abantu ukuri kwo muri Bibiliya bibafasha gute?
15 Kubwira abantu ukuri kwo muri Bibiliya, ni co kintu gihambaye kibafasha kumenya uko bovyifatamwo igihe babonye akarenganyo. Uti kubera iki? Kubera ko «ubumenyi bwerekeye Yehova» bushobora gutuma umuntu yahora akaze cane kandi w’umubisha ahinduka akaba umuntu w’umunyamahoro kandi akundana. (Yes. 11:6, 7, 9) Nk’akarorero, imbere y’uko umugabo umwe yitwa Jemal amenya ukuri, yaragiye mu kagwi k’abaroberi kugira arwanye intwaro yabona ko ibacinyiza. Avuga ati: «Ntushobora guhindura abantu ku nguvu. Na jewe sinahindutse ku nguvu, ahubwo nahinduwe n’ukuri kwo muri Bibiliya nize.» Ivyo Jemal yize vyatumye areka kurwana. Nitwigisha abantu benshi ukuri kwo muri Bibiliya, bizotuma bahinduka maze abateza akarenganyo kiraye muri iki gihe bagabanuke.
16. Kubera iki wipfuza kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana?
16 Cokimwe na Yezu, turipfuza cane kubwira abantu ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzorandurana n’imizi akarenganyo kose. Kumenya ico kintu birashobora kuremesha abagiriwe nabi. (Yer. 29:11) Umwe Stacy twavuga, agira ati: «Kumenya ukuri vyaramfashije kwihanganira akarenganyo nagirirwa be n’ako nabona kagirirwa abandi. Emwe, Yehova arakoresha ubutumwa buri muri Bibiliya kugira ngo ahumurize abantu.» Kugira ngo ushobore kubwira abandi ubutumwa buhumuriza dusanga muri Bibiliya, ukwiye kuba witeguye neza. Igihe utahura neza ukuri gushingiye ku Vyanditswe twabonye muri iki kiganiro, nta nkeka ko bizogufasha gusigurira neza abo mwigana canke abo mukorana ikibazo kijanye n’akarenganyo.b
17. Yehova adufasha gute kwihanganira akarenganyo?
17 Magingo Shetani ‘agitwara iyi si’, turazi ko tuzoshikirwa n’akarenganyo. Ariko mu gihe ‘ataratabwa hanze’, Yehova asezerana kudufasha. (Yoh. 12:31) Muri Bibiliya, ntaduhishurira gusa igituma kw’isi huzuye akarenganyo, aranatubwira ingene amererwa kubera amarushwa kaduteza. (Zab. 34:17-19) Yehova abicishije ku Mwana wiwe, aratwigisha ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe canke igihe tubonye abandi barenganijwe. Aranatwigisha ingene Ubwami bwiwe vuba bugiye kurandurana n’imizi akarenganyo kose. (2 Pet. 3:13) Ese twobandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami tubigiranye umwete, kandi tukaguma twiteganye umushasharo igihe isi yose izoba yuzuye «ubutunganye n’ubugororotsi.»—Yes. 9:7.
URURIRIMBO RWA 158 «Ntibizocerwa!»
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b Raba n’Inyongera ya A, agace ka 24-27, mu gatabu Nukunde abantu ubahindure abigishwa.