ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Nyakanga rup. 20-25
  • «Abafise agatima kabereye» bazokwemera inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Abafise agatima kabereye» bazokwemera inkuru nziza
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGIHE UMUNTU ASHIMISHIJWE N’UKURI
  • IGIHE MUTANGUYE KWIGA BIBILIYA
  • IGIHE BATANGUYE KWITABA AMAKORANIRO
  • Ivyotuma uronkera umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Kwiyegereza abavukanyi bacu bitubera vyiza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Nyakanga rup. 20-25

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 39

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

«Abafise agatima kabereye» bazokwemera inkuru nziza

«Abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera barizera.»—IVYAK. 13:48.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Muri iki kiganiro, turaza kubona igihe twosaba umuntu kwiga Bibiliya, n’igihe twomutumira ku makoraniro.

1. Ni gute abantu bakira inkuru nziza ugutandukanye? (Ivyakozwe 13:​47, 48; 16:​14, 15)

MU KINJANA ca mbere, abantu benshi bacumva ukuri baciye bakwemera. (Soma Ivyakozwe 13:​47, 48; 16:​14, 15.) No muri iki gihe, hariho abantu banezerwa cane iyo bumvise inkuru nziza ari bwo bwa mbere. Mbere n’abadashoka bayemera, mu nyuma boshobora kwugurura umutima bakayakira neza. None twokora iki igihe duhuye n’abantu bafise «agatima kabereye»?

2. Igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa gifitaniye isano gute n’igikorwa c’umurimyi?

2 Raba aka karorero. Igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa, twoshobora kukigereranya n’igikorwa c’umurimyi. Iyo umurimyi abonye ivyamwa vyeze aca avyamura, mugabo kandi akabandanya yitwararika n’ibindi bitarera. Muri ubwo buryo nyene, iyo turonse umuntu yakira inkuru nziza, duca twihutira kumufasha kugira ngo abe umwigishwa wa Kristu bidatevye. Ariko kandi turabandanya kwitwararika abagikeneye uwundi mwanya kugira ngo babone agaciro k’ukuri kwo muri Bibiliya. (Yoh. 4:​35, 36) Dutahuye uko ivyabo vyifashe, duca tubona uburyo bwiza twokoresha mu kubafasha. Reka tubanze turabe ivyo twokora igihe duhuye n’umuntu ashimishwa n’ukuri. Turaza kubona n’ingene twomufasha kubandanya atera imbere.

IGIHE UMUNTU ASHIMISHIJWE N’UKURI

3. Twokora iki igihe duhuye n’umuntu ashimishwa n’ukuri? (1 Abakorinto 9:26)

3 Igihe duhuye n’umuntu ashimishwa n’ukuri, twipfuza kumufasha kugira ngo atangure kugendera muri ya nzira ijana mu buzima bidatevye. Duhuye n’umuntu nk’uyo, ntidukwiye kwitinya guca tumusaba ko twokwiga Bibiliya kandi tukamutumira ku makoraniro.—Soma 1 Abakorinto 9:26.

4. Tanga akarorero k’umuntu yemeye kwiga Bibiliya ubwo nyene.

4 Musabe kwiga Bibiliya. Abantu bamwebamwe tubwira inkuru nziza, baca bemera kwiga Bibiliya ubwo nyene. Nk’akarorero, umusi umwe ku wa kane, hari umugore akiri muto wo muri Kanada yaciye iruhande y’abamamaji bari ku mugaragaro, aca atora agatabu Kwiberaho ibihe bidahera. Umudada umwe muri abo bamamaji yaciye amubwira ko abishimye bomwigisha na Bibiliya ku buntu. Uwo mugore yarabishimye, baca bahana inomero za terefone. Kuri uwo muhingamo, uwo mugore yarandikiye uwo mudada amubaza igihe botangurira kwiga. Igihe uwo mudada yamubwira ko bokwiga muri wikendi, uwo mugore yaciye amubaza ati: «Ubona gute dutanguye ejo? Nzoba mfise umwanya.» Bukeye ku wa gatanu baciye batangura kwiga. Muri iyo wikendi nyene, uwo mugore yaritavye ikoraniro ari ryo rya mbere kandi yagumye atera imbere ningoga.

5. Ni igiki codufasha kumenya nimba twosaba umuntu kwiga Bibiliya? (Raba n’amafoto.)

5 Naho ari ukwo, ntiduca twitega ko abantu bose baca bakira inkuru nziza nk’ukwo kw’uwo mugore. Kuri bamwebamwe bifata igihe. Hari aho rero vyoba ngombwa ko tubanza kuyagisha umuntu ku bintu bituma ashimishwa. Ariko nka hamwe twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza kandi tukaguma twitwararika uwo muntu, mu gihe gito twoshobora gutangura kwiga Bibiliya. None twobimusaba gute? Reka turabe ivyiyumviro bimwebimwe vyodufasha, vyatanzwe n’abavukanyi na bashiki bacu b’abahanga mu gutanguza inyigisho za Bibiliya.

Amafoto: 1. Abavukanyi babiri bariko barayagisha umutama yicaye kw’ibaraza. 2. Bashiki bacu babiri bahaye agatabo «Kwiberaho ibihe bidahera» inabibondo umwe ahagaze imbere y’umuryango. Uwo muvyeyi ateruye agahungu kiwe gatoyi, akandi na ko gahagaze iruhande yiwe.

Ni ibiki twobwira abo bantu vyotuma bipfuza kwiga Bibiliya? (Raba ingingo ya 5)a


6. Twosaba gute umuntu yashimishijwe ko twokwiga Bibiliya?

6 Abamamaji n’abatsimvyi babajijwe ibijanye no gutanguza inyigisho za Bibiliya, bavuze ko mu bihugu bimwebimwe igihe umwamamaji ariko aravuga ibijanye n’ukwiga Bibiliya, vyoba vyiza yirinze gukoresha imvugo nk’izi: «kwiga», «kwiga Bibiliya», canke «kukwigisha.» Basanze biba vyiza akoresheje imvugo nk’izi «kuyaga,» «kuganira,» canke «kumenya Bibiliya.» Mu gucira inzira inyigisho ya Bibiliya, woshobora kuvuga uti: «Biratangaje kubona ingene Bibiliya yishura ibibazo bihambaye mu buzima.» Canke na ho uti: «Bibiliya si igitabu kivuga ivy’Imana gusa, kirimwo n’impanuro zodufasha mu buzima bwa misi yose.» Woca wongerako uti: «Ntibitwara umwanya munini. Mu minota 10 canke 15 urashobora kwiga ikintu cokugirira akamaro.» Si ngombwa mbere ko wirirwa urakoresha imvugo ngo «guhana isango» canke «kubonana buri ndwi», kugira ngo uwo muntu ntace abona ko abwirizwa kwama arondera umwanya wo kubonana nawe.

7. Ni hehe abantu bamwebamwe batahuriye ko bubuye ukuri? (1 Abakorinto 14:​23-25)

7 Mutumire kw’ikoraniro. Biboneka ko mu gihe c’intumwa Paulo, abantu bamwebamwe batahuye ko bubuye ukuri igihe bitaba ikoraniro ari bwo bwa mbere. (Soma 1 Abakorinto 14:​23-25.) Akenshi ni ko bigenda no muri iki gihe. Abantu benshi bashasha baratera imbere ningoga igihe batanguye kwitaba amakoraniro. None twotangura kubatumira ryari? Naho icigwa ca 10 co mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera kivuga ibijanye n’ubwo butumire, ntidukwiye kurindira ngo tubatumire ari uko tugeze muri ico cigwa. Woshobora gutumira umuntu mw’ikoraniro ryo muri wikendi ari bwo bwa mbere muganiriye. Ivyo wobigira kumbure mu kumubwira umutwe w’insiguro izotangwa canke iciyumviro kizokwigwa mu Munara w’Inderetsi.

8. Igihe dutumira umuntu ku makoraniro yacu, ni ibintu ibihe twomubwira ku bijanye na yo? (Yesaya 54:13)

8 Igihe utumira umuntu ku makoraniro yacu, numusigurire ingene atandukanye n’ivyo asanzwe amenyereye. Igihe umugore umwe yitaba inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ari ryo rya mbere, yabajije mushiki wacu yamwigisha ati: «Urya ariko arigisha, mwese arabazi amazina?» Uwo mushiki wacu yaciye amusigurira ko twese tugerageza kumenya amazina y’abagize ishengero bose, nka kurya nyene usanga tuzi amazina y’abagize umuryango wacu. Uwo mugore yaciye abona ko bitandukanye cane n’aho asenga. Ikindi na co, turashobora gusigurira uwo twatumiye intumbero y’amakoraniro yacu, kuko usanga benshi batayizi. (Soma Yesaya 54:13.) Dukoranira hamwe kugira ngo dusenge Yehova, twigishwe na we, kandi turemeshanye. (Heb. 2:12; 10:​24, 25) Ni co gituma amakoraniro yacu aba atunganijwe neza kandi arimwo inyigisho ngirakamaro. Si ibintu vy’imigirwa canke ibirori. (1 Kor. 14:40) Vyongeye, mu Ngoro z’Ubwami zacu usanga indani habona neza ku buryo bitworohera kwiga Ijambo ry’Imana. Ikigeretseko, kubera ko ata ho duhengamiye mu vya politike, mu makoraniro yacu ntihigera havugirwa ivya politike canke ngo hagirwe impari zo guhangana. Vyoba vyiza ubanje kwereka uwo muntu ya videwo ivuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. Ivyo bituma agira iciyumviro c’ukuntu azosanga ibintu bimeze.

9-10. Twokora iki kugira ngo uwo dutumiye kw’ikoraniro ntagire ubwoba bw’ingene azofatwa niyaza? (Raba n’ifoto.)

9 Hari abagonanwa kwitaba ikoraniro kubera batinya ko bosabwa guhindura idini. Nuhumurize umutumire wawe ko dukunda abashitsi kandi ko tutigera duhatira umuntu guhindura idini canke ngo tumusabe kugira ico avuze. N’abagize imiryango turabaha ikaze, ushizemwo n’abana batoyi. Ku makoraniro yacu, nta nyigisho zigenewe abana gusa zihabera. Ahubwo abavyeyi n’abana baricarana, bakigira hamwe. Ivyo bituma abavyeyi bamenya ivyo abana babo bariko bariga, be n’abo bari kumwe. (Gus. 31:12) Nta mperezwa zitozwa canke ibigiracumi. Ahubwo dukurikiza ivyo Yezu yategetse ati: «Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.» (Mat. 10:8) Woshobora no kubwira uwo muntu ko atari ngombwa ngo aze yambaye impuzu zizimvye. Imana iraba umutima ntiraba uko umuntu aboneka.—1 Sam. 16:7.

10 Uwo muntu aramutse yitavye ikoraniro, nukore ibishoboka vyose kugira ngo yumve yisanze. Numwereke abakurambere be n’abandi bamamaji kugira bamenyane. Yumvise yisanze, vyoshobora gutuma yipfuza kugaruka. Mu kiringo c’ikoraniro, nuze uramwereka muri Bibiliya yawe nimba ata Bibiliya afise, kugira umufashe gukurikirana ibiriko biravugwa.

Wa muvyeyi wo mw’ifoto iheruka aranezerejwe n’ingene abavukanyi bamwakiranye igishika ku Ngoro y’Ubwami. Ateruye agahungu kiwe gatoyi, akandi na ko kariko karavugana n’uwundi mwana.

Iyo umuntu anyarutse kwitaba ikoraniro, aranyaruka no gutera imbere (Raba ingingo ya 9-10)


IGIHE MUTANGUYE KWIGA BIBILIYA

11. Wokwerekana gute ko wubahiriza umwanya n’urutonde rw’uwo wigisha Bibiliya?

11 Ni ibiki dukwiye kuguma twibuka ku bijanye n’ukwigisha umuntu Bibiliya? Ni ukwubahiriza umwanya wiwe n’urutonde rwiwe. Nk’akarorero, muhanye isango nushike ku gihe, naho ivyo kwubahiriza umwanya vyoba bibonwa nk’ibisanzwe mu karere iwanyu. Vyongeye, igihe mwiga ari ryo rya mbere hari igihe vyoshobora kuba vyiza ukoresheje umwanya muto. Abamamaji bamwebamwe bazi utuntu n’utundi, bavuga ko ari vyiza kudakoresha umwanya munini, mbere n’igihe uwo muntu aba yipfuza kumenya vyinshi. Vyongeye, ntuvuge menshi. Reka uwo wigisha aserure akari ku mutima.—Imig. 10:19.

12. Ni intumbero iyihe dukwiye kuba dufise kuva tugitangura kwiga n’umuntu Bibiliya?

12 Kuva tugitangura kwigisha umuntu Bibiliya, dukwiye kuba dufise intumbero yo kumufasha kumenya Yehova na Yezu no kumufasha kubakunda. Ivyo tubigira mu kubereka ivyo Ijambo ry’Imana rivuga, aho kuza turababwira gusa ivyo tuzi muri Bibiliya. (Ivyak. 10:​25, 26) Igihe intumwa Paulo yaba ariko arigisha, yashingira inyigisho ziwe kuri Yezu Kristu, umwe Yehova yaturungikira kugira adufashe kumumenya no kumukunda. (1 Kor. 2:​1, 2) Paulo yarerekanye kandi ko bihambaye gufasha abigishwa bashasha gutsimbataza kamere nziza, izishobora kugereranywa n’inzahabu, ifeza, be n’amabuye y’agaciro. (1 Kor. 3:​11-15) Muri izo kamere harimwo ukwizera, ubukerebutsi, ugutahura be n’ugutinya Yehova. (Zab. 19:​9, 10; Imig. 3:​13-15; 1 Pet. 1:7) Niwigane rero ubwo buryo Paulo yakoresha mu kwigisha, kugira ngo ufashe uwo wigisha kurushiriza kwizera uwo Muvyeyi wacu adukunda no gukomeza ubucuti afitaniye na we.—2 Kor. 1:24.

13. Igihe dufasha uwashimishijwe, twogaragaza gute ukwihangana be n’ugutahura? (2 Abakorinto 10:​4, 5) (Raba n’ifoto.)

13 Igihe uriko urigisha umuntu, nugaragaze ukwihangana be n’ugutahura, nka kumwe kwa Yezu. Niwirinde kumubaza ibibazo bimutera ubuyega. Igihe hari ivyiyumviro bimugoye gutahura, nube uravyihojeje maze muzobigarukeko hanyuma. Aho kumuhatira kwemera inyigisho kanaka vyanka bikunda, muhe umwanya kugira ngo ukuri gushinge imizi mu mutima wiwe. (Yoh. 16:12; Kol. 2:​6, 7) Inyigisho z’ikinyoma tuba turiko tugerageza gusambura, Bibiliya izigereranya n’inyubakwa nini ishimangiye. (Soma 2 Abakorinto 10:​4, 5.) Aho gusenyurira rero iyo nyubakwa kuri uwo muntu wigisha, mufashe nyabuna kugira Yehova ubuhungiro bwiwe.—Zab. 91:9.

Wa mutama wo mw’ifoto iheruka ariko ariga na ba bavukanyi babiri mu gitabu «Kwiberaho ibihe bidahera.» Hirya ku kabati hariho imidari yaronse mu gisirikare.

Nuhe umwanya uwo wigisha kugira ngo ukuri gushinge imizi mu mutima wiwe (Raba ingingo ya 13)


IGIHE BATANGUYE KWITABA AMAKORANIRO

14. Dukwiye gufata gute abashasha baba bitavye amakoraniro yacu?

14 Yehova yiteze ko tutagira nkunzi mu kuntu dufata abantu bose, tutaravye imico yabo, ubwoko bwabo, canke uko ivyabo vyifashe mu vy’ubutunzi. (Yak. 2:​1-4, 9) None twogaragariza gute urukundo abashasha bitaba amakoraniro yacu?

15-16. Twofasha gute abashasha bitaba amakoraniro yacu kwumva bisanze?

15 Hari abitaba amakoraniro yacu babitumwe n’ugusuma urusaku canke ugasanga babiremeshejwe n’umuntu wo mu kandi karere. Igihe rero baje ku makoraniro, ntidukwiye gutinya kubiyegereza. Bahe ikaze n’igishika mu buryo butarenza urugero. Basabe mwicarane. Bafashe gukurikira muri Bibiliya yawe be no mu gitabu canke ikinyamakuru muba muriko muriga, canke na ho ubaronse rwabo bokoresha. Ikigeretseko, nutume bumva bisanze. Umugabo umwe yitavye ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami, yabwiye umuvukanyi yamwakiriye ko yumva isoni kubera yari yaje yambaye impuzu zisanzwe. Uwo muvukanyi yaciye amuhumuriza, amubwira ko na twebwe turi abantu basanzwe. Uwo mugabo yahavuye atera imbere arabatizwa, kandi ntiyigeze yibagira ingene uwo muvukanyi yatumye yumva yisanze. Ariko rero, urakwiye kuba maso kuri iki kintu: Igihe uyagisha abashasha imbere y’ikoraniro canke inyuma yaryo, nubitwararike utiriwe urabinjirira mu buzima.—1 Pet. 4:15.

16 Turashobora no gutuma bumva bisanze mu bundi buryo. Nk’akarorero, mu biyago vyacu, mu nyishu dutanga, canke mu biganiro dushikiriza ku makoraniro, turakwiye kurangwa n’urupfasoni igihe tuba turiko turavuga ibijanye n’abadasenga Yehova canke ivyo bemera. Niwirinde imvugo zohava zibatsitaza canke bohava babona nk’ibitutsi. (Tito 2:8; 3:2) Nk’akarorero, ntidukwiye kwigera dutyoza ivyo bemera. (2 Kor. 6:3) Abavukanyi batanga insiguro za bose, barakwiye kwiyubara canecane muri ivyo. Barerekana kandi ko bitwararika abatari Ivyabona baba bitavye ikoraniro, mu gusigura imvugo n’amajambo vyobagora gutahura.

17. Dukwiye gukora iki igihe turonse «abafise agatima kabereye»?

17 Uko bukeye uko bwije, ni ko igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa kirushiriza kwihuta. Ni co gituma tubandanya kurondera «abafise agatima kabereye, kotuma baronka ubuzima budahera.» (Ivyak. 13:48) Turamutse tubaronse, ntidukwiye kugonanwa kubasaba ko twokwiga Bibiliya canke kubatumira ku makoraniro. Tubigize, turashobora kubafasha gutangura kugendera muri ‘ya nzira ijana mu buzima.’—Mat. 7:14.

WOKWISHURA GUTE?

  • Twofasha gute «uwufise agatima kabereye» ariho tugitangura kuyaga?

  • Ni ivyiyumviro ibihe twokurikiza igihe dutanguye kwigisha umuntu Bibiliya?

  • Twofasha gute abashasha baba bitavye amakoraniro kwumva bisanze?

URURIRIMBO RWA 64 Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe

a INSOBANURO Y’IFOTO: Abavukanyi babiri bariko barayagisha umukukuruke mu gisirikare, yiyicariye kw’ibaraza. Bashiki bacu babiri bariko barayagisha inabibondo umwe afatiriwe na twinshi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika