IKIGANIRO C’UKWIGA CA 45
URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa
Ivyofasha umurwaza kugumana umunezero
«Ababiba imbuto barira, bazokwimbura banezerewe.»—ZAB. 126:5.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene abafise umurwayi bitwararika canke uwugeze mu zabukuru, bokwihanganira ingorane zidasanzwe zibashikira be n’ingene bogumana umunezero.
1-2. Yehova abona gute uwufise umurwayi yitwararika canke uwugeze mu zabukuru? (Imigani 19:17) (Raba n’amafoto.)
UMUVUKANYI umwe wo muri Koreya yitwa Jin-yeol avuga ati: «Twe n’umukenyezi wanje tumaze imyaka irenga 32 twubakanye. Ubu maze imyaka itanu ndamurwaje. Bamutoye indwara y’urujugumizi (Maladie de Parkinson), bikaba bitamworohera kuva aho ari. Ndamukunda cane kandi birampimbara kumwitwararika. Buri joro ndara iruhande y’igitanda aryamako kigenewe abarwayi, nkarara ndamufashe ukuboko.»
2 Weho bite? Hoba hari umuntu uriko uritwararika, nk’umuvyeyi wawe, uwo mwubakanye, umwana wawe canke umugenzi wawe? Nimba ahari, nta nkeka ko uhimbarwa no kuba hari ico uriko uramufasha. Vyongeye, igihe witwararitse uwawe, uba werekanye ko ukunda Yehova. (1 Tim. 5:4, 8; Yak. 1:27) Naho ari ukwo, akenshi urahura n’ingorane abandi batamenya. Vyonashika ukiyumvira ko ari wewe wenyene ugowe. Uri mu bandi woshobora gutwenga ariko uri wenyene ukicwa n’amarira. (Zab. 6:6) Naho abandi batomenya ivyo uriko uracamwo, Yehova wewe yama abizi. (Gereranya na Kuvayo 3:7.) Amosozi yawe n’ukwitanga kwawe arabiha agaciro. (Zab. 56:8; 126:5) Arabona ibintu vyose ukorera uwawe wikundira. Ivyo ukora abifata nk’ingurane umuhaye kandi asezerana kuzokwishura.—Soma Imigani 19:17.
Woba ufise umuntu arwaye canke uwugeze mu zabukuru witwararika? (Raba ingingo ya 2)
3. Kubera iki bishobora kuba bitoroheye Aburahamu na Sara kwitwararika Tera?
3 Bibiliya iravuga abagabo n’abagore batari bake bitwararitse abarwaye canke abageze mu zabukuru. Raba nk’akarorero ka Aburahamu na Sara. Igihe bava i Uri, umuvyeyi wabo Tera yari afise imyaka nka 200. Naho ari ukwo barajanye. Bagenze ibilometero nka 960 gushika i Harani. (Ita. 11:31, 32) Naho Aburahamu na Sara bakunda Tera, bishobora kuba bitaboroheye kumwitwararika, canecane igihe bari ku rugendo. Bashobora kuba bagendera ku ngamiya canke ku ndogobwa, ivyo bikaba bitorohera na gato uwo mutama Tera. Birumvikana ko hagera igihe Aburahamu na Sara bakumva ko bishwe n’uburuhe. Uko vyoba vyaragenze kwose, Yehova yarashigikiye Aburahamu na Sara. Na wewe azogushigikira.—Zab. 55:22.
4. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
4 Umuntu afise umunezero biramworohera kwitwararika uwurwaye canke uwugeze mu zabukuru. (Imig. 15:13) Niwibuke ko ushobora kugumana umunezero naho woba uri mu bihe bitoroshe. (Yak. 1:2, 3) None ni ibiki vyogufasha kuwugumana? Kimwe mu vyogufasha ni ukuguma usenga Yehova ukamusaba ngo agufashe kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. Muri iki kiganiro, turaza kubona n’ibindi wokora kugira ugumane umunezero. Turaza no kubona ingene abandi bogira ico bafashije. Ariko reka tubanze turabe igituma abitwararika umurwayi canke uwugeze mu zabukuru, bakeneye kugumana umunezero be n’ivyoshobora gutuma bawutakaza.
IBISHOBORA GUTUMA UTAKAZA UMUNEZERO
5. Kubera iki bihambaye ko uwitwararika umurwayi canke uwugeze mu zabukuru, agumana umunezero?
5 Igihe umuntu yitwararika umurwayi canke uwugeze mu zabukuru atakaje umunezero, biroroshe ko aca atakaza n’inkomezi. (Imig. 24:10) Atakaje inkomezi na ho, ntasubira kumwitwararika nk’uko vyahora. Ni ibiki none bishobora gutuma uwukora ico gikorwa atakaza umunezero?
6. Kubera iki abarwaza bamwebamwe bashobora kwicwa n’uburuhe?
6 Barashobora kwicwa n’uburuhe. Mushiki wacu umwe yitwa Leah avuga ati: «Naho ata bintu biba vyagoranye, kwitwararika uwurwaye canke uwugeze mu zabukuru biraruhisha cane. Akenshi umusi uza guhera wumva wasanzaye. Hari igihe mbere ntaronka n’utuguvu two kwishura mesaje baba banyandikiye.» Abandi na bo birabagora gusinzira neza canke kuronka akanya ko kuruhuka. Mushiki wacu yitwa Inés avuga ati: «Mw’ijoro birangora gusinzira neza kubera ko kenshi uko haciye amasaha abiri nguma mvyuka kwitwararika mabukwe. Haraciye imyaka itari mike bidakunda ko twe n’umugabo wanje dufata akaruhuko ngo tuje gutembera.» Abarwaza bamwebamwe barareka kwemera ubutumire bwo kuja kuryoherwa hamwe n’abandi, canke mbere ntibemere ibikorwa bimwebimwe vyo mw’ishengero, kubera ko bategerezwa kuguma hafi y’uwo bitwararika. Ivyo bituma bagira irungu kandi bakumva ko ari nk’aho baboshwe.
7. Kubera iki abarwaza bamwebamwe bishika bakiyagiriza cane canke bakagira intuntu?
7 Barashobora kwiyagiriza cane canke bakagira intuntu. Mushiki wacu umwe yitwa Jessica avuga ati: «Akenshi mbona ko ntakora ibikwiye. Bishitse rero ngafata akanya ko kuruhuka nca mbona ko nkoze ikintu kiranga ubwikunzi, ngaca niyagiriza.» Hari n’abarwaza biyagiriza kubera ko ico gikorwa kibarengera bagaca bagira ishavu. Abandi barahagarika umutima biyumvira ko batariko barafasha ababo mu buryo bukwiye. Abandi na bo bariyagiriza kubera ko bashobora kuba bataye umutwe maze bakabwira amajambo ababaza umuntu bitwararika. (Yak. 3:2) Hari n’abandi batuntuzwa no kubona uwabo yahora acangamutse kandi afise amagara meza ariko akaba asigaye afise amagara make. Mushiki wacu umwe yitwa Barbara avuga ati: «Ikintu ahanini kintuntuza ni ukubona ingene uwo nkunda aguma aremba uko bukeye.»
8. Abarwaza bamwebamwe bumva bamerewe gute igihe bashimiwe?
8 Hari igihe biyumvira ko abandi badashima ivyo bakora. Uti kubera iki? Kubera ko kenshi badashimirwa ku bikorwa bakora n’ukwitanga kwabo. Amajambo yo gushima naho yoba ari make, arashobora gukora umuntu ku mutima cane. (1 Tes. 5:18) Mushiki wacu umwe yitwa Melissa avuga ati: «Birashika nkakorora amosozi kubera kurengerwa. Ariko igihe abo nitwararika bambwiye ngo ‘urakoze ku vyo udukorera vyose’, nca numva morare igarutse. Ayo majambo aratuma ndonka inguvu zo kuvyuka nkabandanya kubitwararika.» Umuvukanyi yitwa Ahmadu aravuga ingene amererwa igihe bamushimiye. We n’umugore wiwe bitwararika agakobwa ka mwenewabo n’umugore karwaye intandara. Avuga ati: «Naho gashobora kuba kadatahura neza ivyo dukora kugira tukitwararike, ndanezerwa cane iyo kadushimiye canke iyo kagerageje kwandika ngo ‘ndabakunda.’»
IVYOGUFASHA KUGUMANA UMUNEZERO
9. Umurwaza yokwerekana gute ko yifata ruto?
9 Niwifate ruto. (Imig. 11:2) Twese birashika ntituronke umwanya n’inguvu vyo gukora ivyo twipfuza vyose. Bizoba ngombwa rero ko ufata ingingo yo gukora ivyo ushoboye gukora. Ntiwiyumvire ko uzokora ivyo abantu bakwitezeko vyose, kandi nta ngorane irimwo. Uba werekanye ko wifata ruto. Bishitse na ho abandi bakipfuza kugufasha, nuvyemere. Umuvukanyi yitwa Jay avuga ati: «Buri musi, dukora ivyo dushoboye gusa. Gutahura ko hariho ivyo udashoboye kandi ukirinda kwiyahagura, bizogufasha kugumana umunezero.»
10. Kubera iki bihambaye ko umurwaza aba umuntu atahura? (Imigani 19:11)
10 Nube umuntu atahura. (Soma Imigani 19:11.) Umuntu atahura ibintu, biroroshe ko aguma atekanye igihe asomborokejwe. Aragerageza gutahura igituma umuntu agaragaza inyifato kanaka. Mu bisanzwe, indwara zimwezimwe zidakira zirashobora gutuma umuntu akora ivyo atokoze. (Umus. 7:7) Nk’akarorero, umuntu yari asanzwe yitonda kandi atahura abandi, yoshobora gucika umunyamahane canke umuntu yigenza. Canke na ho yoshobora gutangura kuba umuntu w’intashima, aguma yidoga, canke agoye gushimisha. Nimba witwararika umuntu afise indwara ikomeye, vyoba vyiza urondeye kumenya ibijanye n’iyo ndwara. Niwarushiriza gutahura ibijanye n’iyo ndwara, bizokworoha ko utahura yuko uwo muntu atari ko asanzwe ameze, ahubwo ko iyo ndwara ari yo ituma agaragaza inyifato kanaka.—Imig. 14:29.
11. Ni ibintu ibihe bihambaye umurwaza akwiye gufatira akanya buri musi? (Zaburi 132:4, 5)
11 Nufate akanya ko gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. Rimwe na rimwe, bizokenerwa ko wihoza ibikorwa kanaka kugira ngo witwararike ibindi bintu «bihambaye kuruta.» (Flp. 1:10) Kimwe muri ivyo bintu bihambaye, ni ugukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. Umwami Dawidi yashira imbere mu buzima bwiwe ibijanye no gusenga Yehova. (Soma Zaburi 132:4, 5.) Na wewe rero, birahambaye ko witegekaniriza akanya buri musi kugira usome Bibiliya no kugira usenge. Mushiki wacu umwe yitwa Elisha avuga ati: «Gusenga no kuzirikana ku majambo ahumuriza dusanga mu mazaburi, biramfasha kugumana umunezero. Isengesho riramfasha cane. Ku musi ndasenga Yehova kenshi ndamusaba ngo amfashe gutekana.»
12. Kubera iki umurwaza akeneye akanya ko kwitwararika amagara yiwe?
12 Nufate akanya ko kwitwararika amagara yawe. Abantu bafatirwa cane, nk’akarorero abarwaza, usanga bibagora kuronka umwanya wo gukora ibintu vyotuma bagumana amagara meza. Ariko rero kwama ufungura neza no kwama winonora imitsi, birahambaye cane kugira ngo ugire amagara meza, haba ku mubiri canke mu bwenge. Nugerageze rero gukoresha neza umwanya mutoyi ufise mu kwama ufungura imfungurwa ntungamagara no mu kwama winonora imitsi. (Ef. 5:15, 16) Vyongeye, nugerageze kuryama bikwiye. (Umus. 4:6) Abahinga basanze agatiro gashobora gufasha ubwonko bwacu kuza burisukura, bukaguma bukora neza. Ikiganiro kimwe casohowe n’Ikigo citaho amagara y’abantu co muri Amerika (Banner Health), kivuga ko gusinzira bikwiye bishobora no kugabanya amaganya, bikanadufasha gutekana mu bihe bitoroshe. Vyoba vyiza kandi urondeye akanya ko kwiruhura. (Umus. 8:15) Mushiki wacu umwe afise uwo yitwararika, aratubwira ibimufasha kugumana umunezero. Avuga ati: «Igihe ikirere kiba cifashe neza, ndasohoka hanze kugira note akazuba. N’imiburiburi rimwe mu kwezi, ndategekanya umusi wo kuja kuryoherwa ndi kumwe n’umugenzi.»
13. Kubera iki ari vyiza gutwenga? (Imigani 17:22)
13 Ntiwibagire gutwenga. (Soma Imigani 17:22; Umus. 3:1, 4) Gutwenga biragirira neza amagara yacu, haba ku mubiri canke mu bwenge. Igihe hari umurwayi witwararika, kenshi usanga ibintu bitagenda nk’uko wavyipfuza. Ariko muri ivyo bihe bitesha umutwe, igihe urondeyemwo ibintu bitwenza, birashobora kugufasha kwihanganira izo ngorane. Vyongeye, gutwenga uri kumwe n’uwo muntu witwararika biratuma ubucuti mufitaniye bukomera.
14. Kuyagira umugenzi wizigiye vyogufasha gute?
14 Nuyagire umugenzi wizigiye. Naho wogira akigoro gakomeye kugira ngo ugumane umunezero, rimwe na rimwe bizoshika wumve urengewe. Mu bihe nk’ivyo, vyoba vyiza ubiyagiye umugenzi agutahura, atazogutora amahinyu canke ngo akubwire ko uriko urakavya. (Imig. 17:17) Azokwumviriza yongere akuremeshe, kandi hari aho wosanga ari vyo gusa uzoba ukeneye kugira ngo usubire kugira umunezero.—Imig. 12:25.
15. Kugumiza umutima ku cizigiro cacu, vyogufasha gute kugira umunezero?
15 Nuze uriyumvira ivyo muzokorana mw’Iparadizo. Nuze uriyibutsa ko ico gikorwa co kwitwararika uwurwaye canke uwugeze mu zabukuru, utazogikora ibihe vyose. Kanatsinda, ntikiri mu bikorwa Yehova yari yarateguriye abantu mu ntango. (2 Kor. 4:16-18) «Ubuzima nyakuri» buri hafi. (1 Tim. 6:19) Hamwe wewe be n’uwo witwararika mwoza murayaga ivyo muzokorera hamwe mw’Iparadizo, vyotuma munezerwa cane. (Yes. 33:24; 65:21) Mushiki wacu umwe yitwa Heather avuga ati: «Ndakunda kubwira abo nitwararika ko vuba tuzokorana igikorwa co gushona impuzu, tukiruka turi kumwe, kandi tukanyonga amakinga. Tuzotegurira hamwe imikate n’ibifungurwa tuzoha abacu bazoba bazutse. Duhejeje kuyaga ivyo bintu, duca dukengurukira Yehova ku bw’ico cizigiro yaduhaye.»
INGENE ABANDI BOFASHA
16. Twofasha gute uwo mw’ishengero afise umurwayi yitwararika canke uwugeze mu zabukuru? (Raba n’ifoto.)
16 Nubaruhurire. Abagize ishengero barashobora kwitanga bagafasha umurwayi canke uwugeze mu zabukuru, kugira ngo baruhurire uwumwitwararika. Ivyo bituma na we aronka akanya ko kuruhuka mu mutwe no gukora utundi tuntu yipfuza. (Gal. 6:2) Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe, barishingiye urutonde rw’ukuntu boza barafasha buri ndwi. Mushiki wacu yitwa Natalya, akaba yitwararika umugabo wiwe yabaye pararize, avuga ati: «Hari umuvukanyi umwe wo mw’ishengero ahora aza gusanga umugabo wanje, rimwe canke kabiri mu ndwi. Barakorana indimiro, bakayaga, eka mbere bakarabira hamwe n’amasinema. Ivyo biringo birahimbara cane umugabo wanje, kandi nanje birampa akanya ko kuruhuka canke gukora utundi tuntu nipfuza, nko kuja gutembera nkaba ndagorora imitsi.» Mu bihe bimwebimwe, woshobora mbere no kuharara kugira ngo umurwaza na we aronke akanya ko kuryama ngo aruhuke neza.
Wofasha gute umuntu wo mw’ishengero iwanyu afise uwurwaye canke uwugeze mu zabukuru yitwararika? (Raba ingingo ya 16)a
17. Twofasha gute abarwaza mu kiringo c’amakoraniro?
17 Nubafashe mu kiringo c’amakoraniro. Abarwaza usanga badashobora kwungukira neza ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro, kubera ko baba bariko baritwararika uwabo arwaye canke ageze mu zabukuru. Abagize ishengero barashobora kubafasha mu kwicarana n’uwo murwayi canke uwugeze mu zabukuru, mu mwanya wose ayo makoraniro amara canke mu kiringo kanaka. Nimba uwo muntu atakiva muhira na ho, urashobora kwitanga ukaja iwe, mugakurikira ikoraniro muri kumwe biciye ku buhinga bwa none, kugira ngo umurwaza na we ashobore kuja kuryitaba ku Ngoro.
18. Ni ikindi kintu ikihe twokorera abarwaza?
18 Bakeze wongere ubasengere. Abakurambere barakwiye kwama bafata akanya ko kuremesha abarwaza. (Imig. 27:23) Vyongeye, uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, twese abagize ishengero turakwiye kwama dutera intege abarwaza mu kubakeza. Turashobora no gusaba Yehova ngo abandanye kubakomeza no kubafasha kugumana umunezero.—2 Kor. 1:11.
19. Ni ibiki twokwitega muri kazoza?
19 Vuba, Yehova azohanagura amosozi yose ku maso y’abantu. Indwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. (Ivyah. 21:3, 4) «Uwucumbagira azosimba nk’impongo.» (Yes. 35:5, 6) Ingaruka ziterwa n’ubusaza be n’umubabaro umuntu agira igihe aba ariko aritwararika uwiwe arwaye, bizovaho bisigare biri mu ‘bintu vya kera bitazokwibukwa.’ (Yes. 65:17) Mbere no muri iki gihe, aho tukirindiriye ko Yehova ashitsa ivyo yadusezeraniye, azokwama aturi hafi. Nitwabandanya kumwihekako kugira ngo aturonse inkomezi, azodufasha «kwihangana bimwe bishitse, [du]fise ukwiyumanganya n’umunezero.»—Kol. 1:11.
URURIRIMBO RWA 155 Tuzokwama mu munezero
a INSOBANURO Y’IFOTO: Bashiki bacu babiri bagiye gusigarana uwugeze mu zabukuru, kugira ngo uwumwitwarika na we aronke akanya ko kuja kugorora imitsi.