ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Munyonyo rup. 16-21
  • Yezu ni Umuherezi mukuru ababarana natwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ni Umuherezi mukuru ababarana natwe
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMWANA IMANA YAKUNDA CANE AZA KW’ISI
  • YEZU ARUMVIRA IMPUHWE ABANTU
  • INGENE TURIKO TURIGANA UMUHEREZI MUKURU WACU
  • UMUHEREZI MUKURU WACU ARASHOBORA KUGUFASHA
  • Incungu itwigisha iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo Yezu yakoze mu misi 40 ya nyuma yamaze kw’isi bitwigisha iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Niwifate ruto wemere ko hari ivyo utazi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Yehova ‘arakiza abavunitse umutima’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Munyonyo rup. 16-21

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 46

URURIRIMBO RWA 17 « Ndabishaka»

Yezu ni Umuherezi mukuru ababarana natwe

«Umuherezi mukuru dufise, si umuherezi adashobora kubabarana natwe mu bugoyagoye bwacu.»—HEB. 4:​15, akajambo k’epfo.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene impuhwe n’imbabazi Yezu afise bituma aba Umuherezi mukuru mwiza cane, tubone n’ingene adufasha muri iki gihe.

1-2. (a) Kubera iki Yehova yarungitse Umwana wiwe ng’aha kw’isi? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro? (Abaheburayo 5:​7-9)

HARAHEZE nk’imyaka 2.000 Yehova Imana arungitse Umwana wiwe akunda ng’aha kw’isi. None yabitumwe n’iki? Kimwe mu vyatumye amurungika kwari ukugira ngo akize abantu icaha n’urupfu, yongere akureho ingorane zose Shetani yateje. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 3:8) Vyongeye, Yehova yari azi yuko ivyoshikiye Yezu ng’aha kw’isi vyomufashije kuba Umuherezi mukuru yuzuye impuhwe n’imbabazi. Yezu yatanguye igikorwa ciwe co kuba Umuherezi mukuru mu mwaka wa 29, ahejeje kubatizwa.a

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene ivyashikiye Yezu igihe yari ng’aha kw’isi vyamufashije kuba Umuherezi mukuru ababarana natwe. Nitwatahura ingene Yezu «yagizwe uwutagira akanenge» kugira arangure neza iryo banga, bizotuma tutitinya kwiyegereza Yehova, canecane igihe tuzoba ducitse intege kubera ubugoyagoye bwacu canke amakosa yacu.—Soma Abaheburayo 5:​7-9.

UMWANA IMANA YAKUNDA CANE AZA KW’ISI

3-4. Ni amahinduka ayahe akomeye cane yashikiye Yezu igihe yaza kw’isi?

3 Benshi muri twebwe turamaze gushikirwa n’amahinduka. Kumbure twaravuye ahantu twahora twikundira maze twimukira kure y’incuti n’abagenzi. Amahinduka nk’ayo ntiyoroshe. Ariko rero, nta muntu n’umwe arashikirwa n’amahinduka nk’ayashikiye Yezu. Akiri mw’ijuru, ni we yari akomeye kuruta abandi bamarayika bose. Yehova yaramukunda cane kandi na Yezu yama ahimbarwa no gukorera «iburyo» bwa Se. (Zab. 16:11; Imig. 8:30) Naho ari ukwo, mu Bafilipi 2:7 havuga ko yemeye ‘guheba vyose’, araheba ikibanza gikomeye cane yari afise mw’ijuru, aza kubana n’abantu badatunganye ng’aha kw’isi.

4 Zirikana kandi ku vyabaye mu ntango y’ubuzima bwa Yezu ng’aha kw’isi. Yezu yavukiye mu muryango ukenye, ivyo bikaba bibonekera ku kimazi abavyeyi biwe batanze amaze kuvuka. (Lew. 12:8; Luka 2:24) Igihe wa mwami w’umubisha Herodi yamenya ko Yezu yavutse, yaciye arondera kumwica. Umuryango wiwe waciye uba uramuhungishiriza mu Misiri. (Mat. 2:​13, 15) Umve nawe ayo mahinduka!

5. Ni ibintu ibihe Yezu yabonye igihe yari ng’aha kw’isi, kandi vyamuteguye gute mu gikorwa ciwe co kuba Umuherezi mukuru? (Raba n’ifoto.)

5 Igihe Yezu yari kw’isi, yarabona abantu bugarijwe n’imibabaro hirya no hino. Nta gukeka ko yatahura intuntu umuntu agira iyo abuze uwiwe, kuko na we ashobora kuba yarabuze abo mu muryango, kumbure ushizemwo na se wiwe yamureze Yozefu. Igihe na ho yaba ariko aramamaza, yarahura n’abantu barwaye imibembe, impumyi, abamugaye, n’abavyeyi baba babuze abana babo, kandi yarabumvira impuhwe. (Mat. 9:​2, 6; 15:30; 20:34; Mrk. 1:​40, 41; Luka 7:13) Ego ni ko akiri mw’ijuru yarabona ingorane abantu baba bafise. Ariko igihe yari kw’isi ari umuntu, hoho yararushirije kuzitahura. (Yes. 53:4) Ivyo Yezu yiboneye kw’isi, vyaramufashije gutahura intuntu n’imibabaro bishikira abantu. Na we nyene ubwiwe yarashikiwe n’ibintu bishikira abantu bose, nko guhagarika umutima, kuruha no gutuntura.

Yezu akikujwe n’umugwi w’abantu bariko baramutakambira ngo abakize indwara. Abitumwe n’impuhwe arafata amaboko y’umutama umwe amugaye.

Yezu yaritwararika cane ababa bari mu mibabaro (Raba ingingo ya 5)


YEZU ARUMVIRA IMPUHWE ABANTU

6. Imvugo ngereranyo umuhanuzi Yesaya yakoresheje, zitwigisha iki ku bijanye n’impuhwe za Yezu? (Yesaya 42:3)

6 Igihe Yezu yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, yaragaragarije impuhwe nyinshi abantu baciye bugufi kandi bahahazwa. Ivyo vyatumye ashitsa ubuhanuzi bwari bwaravuzwe na Yesaya. Mu vyanditswe vy’igiheburayo, abantu batunze kandi bakomeye hari igihe bagereranywa n’umurima uvomerewe neza be n’ibiti bininibinini kandi bikomeye. (Zab. 92:12; Yes. 61:3; Yer. 31:12) Ariko abakene be n’abantu bahahazwa, bagereranywa n’irenga rijanjaguritse canke urutambi rw’itara rufumba umwotsi, ivyo bikaba ari ibintu ata co bimaze. (Soma Yesaya 42:3; Mat. 12:20) Yesaya ahumekewe n’Imana, yarakoresheje imvugo ngereranyo mu kwerekeza ku rukundo n’impuhwe Yezu yogaragarije abantu baciye bugufi, babonwa ko ata co bamaze.

7-8. Yezu yashikije gute ivyavuzwe na Yesaya?

7 Umwanditsi w’Injili Matayo, yarerekanye uko Yezu yashikije ubwo buhanuzi bwa Yesaya. Yavuze ati: «Ntazovuna irenga rijanjaguritse, kandi ntazozimya urutambi ruriko rurafumba umwotsi.» Ibitangaro bimwebimwe Yezu yakoze yabikoreye abantu bahahazwa, bumva ko bari bameze nk’irenga rijanjaguritse, canke abari barihebuye, bumva ko bari bameze nk’urutambi ruriko rurafumba umwotsi rugira ruzime. Muri abo bantu, harimwo umugabo umwe yari yuzuye imibembe. Uwo mugabo nta cizere yari afise co gukira ngo asubire kwifatanya n’incuti n’abagenzi. (Luka 5:​12, 13) Harimwo kandi n’umugabo umwe atumva, kandi atavuga neza. Iyumvire ingene yamererwa igihe yaba abonye abandi bariko baratera inkuru batwenga, na we ata kintu na kimwe yashobora kwumva. (Mrk. 7:​32, 33) Ariko si abo gusa.

8 Mu gihe ca Yezu, Abayuda benshi bemera ko umuntu yashikirwa n’ivyago kubera ivyaha yakoze canke ivyakozwe n’abavyeyi biwe. (Yoh. 9:2) Ico ciyumviro kitari co catuma abo bantu bafatwa nabi, ku buryo bumva ko ata co bamaze. Mu gushitsa ubwo buhanuzi bwa Yesaya, Yezu yarakijije abari bafise indwara n’ubumuga, yongera arabafasha kubona ko Imana ibakunda. None ivyo bitwigisha iki?

9. Mu Baheburayo 4:​15, 16 (Akajambo k’epfo), herekana gute ko Umuherezi mukuru wacu Yezu ababarana vy’ukuri n’abantu b’abanyagasembwa?

9 Soma Abaheburayo 4:​15, 16. Turakwiye guhera amazinda ko Yezu azokwama ababarana natwe. None ivyo bisobanura iki? Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «kubabarana n’umuntu», risobanura kwishira mu kibanza ciwe, ukiyumvamwo intuntu n’umubabaro afise. Birakora ku mutima kubona iryo jambo ry’ikigiriki ari ryo nyene Pawulo yakoresheje mu Baheburayo 10:​34, mu kwerekana ko dukwiye kubabarana n’abari mw’ibohero. Inkuru zitandukanye zivuga ibijanye n’ibitangaro Yezu yakoze, zirerekana ko yishira mu kibanza c’abari bababaye, akababarana na bo. Ntiyakiza abantu kubera ko gusa ari vyo yasabwa gukora. Ahubwo yabikora kubera ko yabitwararika vy’ukuri no kubera ko yipfuza kubafasha. Nk’akarorero, igihe yakiza wa mugabo w’umunyamibembe, yari gushobora kumukiza ku gitangaro atarinze kumwegera. Aho kubigenza gutyo, impuhwe yamugiriye zatumye amwegera aramukorako, bikaba bishoboka ko ari we muntu wa mbere yari akoze kuri uwo munyamibembe, mu myaka myinshi yari amaze arwaye iyo ndwara. Igihe Yezu yakiza wa mugabo atumva, yaramweretse ko amubabaye mu kumukura mw’isinzi ry’abantu maze amujana ahantu hiherereye amukirizayo. Igihe na ho Umufarizayo umwe yasuzugura wa mugore w’umucumuzi yigaya, akoza ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe agaca abihanaguza umushatsi wiwe, Yezu yaciye amuvugira yivuye inyuma. (Mat. 8:3; Mrk. 7:33; Luka 7:44) Yezu ntiyaca kure ababa bafise ubumuga canke abacumuzi katwa. Ahubwo yarabiyegereza, kandi akabereka ko abakunda. Na twebwe nyene turazi neza ko ari ko adufata.

INGENE TURIKO TURIGANA UMUHEREZI MUKURU WACU

10. Muri iki gihe, turiko dufasha gute abaragi n’impumyi? (Raba n’amafoto.)

10 Kubera ko turi abigishwa ba Yezu, turihatira kumwigana mu kugaragariza abandi urukundo n’impuhwe. (1 Pet. 2:21; 3:8) Naho tudashobora gukiza ku gitangaro abaragi n’impumyi, turashobora kubafasha mu vy’impwemu. Nk’akarorero, ubu turafise ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi z’ibimenyetso zirenga 100. Mu ntumbero yo gufasha impumyi n’abatabona neza na ho, turasohora ibitabu vyo mu nyuguti z’impumyi mu ndimi zirenga 60, tugasohora n’amavidewo arimwo amajwi adondora ibiba biriko biraba, mu ndimi zirenga 100. Ivyo bintu vyose, birafasha abaragi n’impumyi kwiyegereza Yehova n’Umwana wiwe.

Amafoto: 1. Abavukanyi na bashiki bacu bari mw’ikoraniro ry’ururimi rw’ibimenyetso bariko bararirimba bakoresheje ibimenyetso. 2. Mushiki wacu w’impumyi ariko arasoma Bibiliya yo mu nyuguti z’impumyi.

Ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya biraboneka mu ndimi zirenga 1.000

Ibubamfu: Indimi z’ibimenyetso zirenga 100

Iburyo: Indimi zo mu nyuguti z’impumyi zirenga 60

(Raba ingingo ya 10)


11. Ishirahamwe rya Yehova ryitwararika gute abantu bo mu moko yose nka kumwe kwa Yezu? (Ivyakozwe 2:​5-7, 33) (Raba n’amafoto.)

11 Ishirahamwe rya Yehova ririhatira gufasha abantu bo mu moko yose. Niwibuke ko Yezu amaze kuzuka, yasutse impwemu nyeranda ku bigishwa biwe kugira ngo babwire inkuru nziza abantu bose bari bitavye umusi mukuru wa Pentekoti, ku buryo umwe wese ayumva mu «rurimi rwiwe.» (Soma Ivyakozwe 2:​5-7, 33.) Biciye ku buyobozi bwa Yezu Kristu, ishirahamwe rya Yehova rirasohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 1.000, zimwezimwe muri zo zikaba zivugwa n’abantu bakeyi cane. Nk’akarorero, hari indimi zimwezimwe z’abasangwabutaka usanga zivugwa n’abantu bakeyi bo muri Amerika ya Ruguru no muri Amerika y’Epfo. Naho ari ukwo, ibitabu vyacu bimaze gusohorwa mu ndimi zirenga 160 muri zo, kugira ngo dufashe abantu benshi bashoboka kwumva inkuru nziza. Ibitabu vyacu kandi biraboneka mu ndimi zirenga 20 zivugwa n’abantu bitwa Abaromani bashwiragiye mu bihugu bitari bike. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bavuga izo ndimi barakiriye ukuri.

Amafoto: 1. Mushiki wacu w’umusangwabutaka wo muri Amerika ariko aramwenyura, akaba agumbiriye Bibiliya yo mu rurimi rwiwe. 2. Mushiki wacu w’Umuromani be n’agakobwa kiwe bariko barakurikira programa y’ivy’impwemu bahimbawe.

Ibubamfu: Indimi zirenga 160 z’abasangwabutaka bo muri Amerika

Iburyo: Indimi zirenga 20 zivugwa n’abantu bitwa Abaromani

(Raba ingingo ya 11)


12. Ni mu bundi buryo ubuhe ishirahamwe rya Yehova ririko rirafasha abantu?

12 Uretse ko ishirahamwe rya Yehova ririko rirafasha abantu benshi kumenya inkuru nziza, riranafasha ababa bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Mu bihe nk’ivyo, abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi baritanga kugira ngo bafashe ababa bashikiwe n’ivyo vyago. Ishirahamwe rya Yehova rirasohora kandi uburyo bwinshi kugira ngo hubakwe inyubakwa zisanzwe zo gusengeramwo, aho abantu bashobora guhurira kugira ngo bige ibijanye n’urukundo Imana ibakunda.

UMUHEREZI MUKURU WACU ARASHOBORA KUGUFASHA

13. Yezu adufasha mu buryo butandukanye ubuhe?

13 Kubera ko Yezu ari umwungere mwiza, aritwararika ivyo umwe wese muri twebwe akeneye mu vy’impwemu. (Yoh. 10:14; Ef. 4:7) Rimwe na rimwe, ibidushikira mu buzima birashobora gutuma twumva umenga turi nk’irenga rijanjaguritse canke urutambi rufumba umwotsi. Turashobora gucika intege cane kubera indwara ikomeye, amakosa dukora, canke bivuye ku gucanamwo n’uwo dusangiye ukwemera. Mu bihe nk’ivyo, vyoshobora kutugora kurengera umubabaro dufise no kugumiza umutima ku cizigiro cacu ca kazoza. Ariko rero, uribuka ko Yezu abona ibiriko biragushikira, kandi ko atahura ukuntu umerewe. Impuhwe agufitiye zituma yipfuza kugufasha. Nk’akarorero, arashobora gukoresha impwemu nyeranda kugira ngo agukomeze igihe wacitse intege. (Yoh. 16:7; Tito 3:6) Arashobora no gukoresha «ingabire zigizwe n’abagabo» be n’abandi musangiye ukwizera, kugira ngo bakuremeshe bongere bagushigikire.—Ef. 4:8.

14. Wokora iki bishitse ugacika intege?

14 Bishitse ugacika intege, nuce uzirikana ku ruhara Yezu arangura nk’Umuherezi wacu mukuru. Niwibuke ko Yehova atamurungitse ng’aha kw’isi kugira gusa aducungure, ariko kandi yabigize kugira ngo amufashe kurushiriza gutahura ingorane abantu b’abanyagasembwa bafise. Igihe rero ducitse intege kubera ibicumuro vyacu canke amakosa dukora, Yezu aba yiteguriye kudufasha «ku gihe kibereye.»—Heb. 4:​15, 16.

15. Vuga ivyafashije umuvukanyi umwe yari yarahevye Yehova, kugaruka mw’ishengero.

15 Yezu kandi arahezagira utwigoro abantu biwe bagira two kurondera abahevye Yehova kugira ngo babafashe kugaruka mw’ishengero. (Mat. 18:​12, 13) Raba ivyashikiye uwitwa Stefano.b Inyuma y’imyaka 12 yamaze yarakuwe mw’ishengero, yahavuye afata ingingo yo kwitaba ikoraniro. Avuga ati: «Naho bitanyoroheye, naripfuza gusubira kuba mu bagize umuryango wa Yehova urangwa urukundo. Abakurambere twayaze baratumye numva nisanze. Rimwe na rimwe nariyagiriza nkumva umengo nta co maze, ku buryo numva umengo vyose nobiheba. Ariko abo bakurambere baranyibukije ko Yehova na Yezu bipfuza ko ntatana n’akabando. Igihe nagarukanwa mw’ishengero, abagize ishengero bose banyakiranye igishika, eka mbere n’abo mu muryango wanje. Umugore wanje yahavuye atangura kwiga Bibiliya, ubu tukaba dukorera Yehova twese uko tugize umuryango.» Ese ukuntu wa Muherezi wacu arangwa urukundo ahimbarwa cane iyo abonye ingene abacumuzi bigaya, bariko barafashwa kugira ngo bagaruke mw’ishengero!

16. Kubera iki ukenguruka kubona dufise Umuherezi mukuru ababarana natwe?

16 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarafashije abantu benshi ku gihe nyene baba babikeneye. Na twebwe, turakwiye kwizigira tudakeka ko azodufasha igihe cose tuzoba tubikeneye. Mw’isi nshasha na ho, azofasha abantu bose bagamburuka kubaho bafise ubuzima bwiza, batagishikirwa n’ingaruka mbi ziva ku gicumuro n’agasembwa twarazwe. Ese ukuntu dukenguruka urukundo n’imbabazi Yehova Imana yacu adufitiye, ku buryo yagenye Umwana wiwe ngo atubere Umuherezi mukuru ababarana natwe!

WOKWISHURA GUTE?

  • Ivyo Yezu yaciyemwo ng’aha kw’isi, vyamuteguye gute kuzoba Umuherezi mukuru mwiza?

  • Yezu yashikije gute ibivugwa muri Yesaya 42:3?

  • Umuherezi mukuru wacu adufasha gute muri iki gihe?

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, karorero kacu

a Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene Yezu yasubiriye abaherezi bo muri Isirayeli mw’ibanga ryo kuba Umuherezi mukuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe», mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2023, rup. 26, ing. 7-9.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika