ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb13 rup. 8-41
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
  • Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyagurishijwe be n’ivyaguzwe
  • Gukwiragiza rya Jambo
  • Imfashanyo ku bantu b’uburyo bwose
  • Indirimbo zo gushemeza ziboneka mu ndimi nyinshi
  • Ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene
  • Udukuru two hirya no hino kw’isi
  • Kwegurira Yehova ibiro vy’amashami biramutera iteka
  • Raporo y’ivy’imanza
  • Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze
    Igitabu c’umwaka 2012 c’Ivyabona vya Yehova
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
Igitabu c’umwaka 2013 c’Ivyabona vya Yehova
yb13 rup. 8-41

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kiriko kiratera kija imbere ata kigitangira! Tukuremesheje gusoma inkuru zerekeye amaterambere ateye akamwemwe yabaye muri aya mezi aheze.

Ivyagurishijwe be n’ivyaguzwe

Ahantu hashasha hagiye kuba icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova

Muri Mukakaro 2009, Ivyabona vya Yehova baraguze itongo muri Leta ya New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bafise umugambi wo kwimurirayo icicaro gikuru cabo. Iryo tongo ry’amahegitari 102 riri nko ku bilometero 80 mu buraruko bushira uburengero bw’ahasanzwe inyubakwa zabo i Brooklyn, muri Leta ya New York, aho zamye kuva mu 1909.

Abanyabeteli nka 800 bazoba muri izo nyubakwa nshasha bongere bazikoreremwo, muri zo hakazoba harimwo inyubakwa y’amabiro gusa, iyikorerwamwo ibijanye n’umurimo, izikorerwamwo ivy’urwego rujejwe kubungabunga ibikoresho be n’izindi zine z’uburaro. Muri ico kibanza harateguwe kandi ivyo kwubaka inzu ntoyi y’iratiro izoba irimwo ibintu vyerekana kahise k’Ivyabona vya Yehova mu bihe vya none.

Izo nyubakwa zizokwubakwa mu kibanza kingana n’amahegitari 45 yo muri iryo tongo, kandi ishamba be n’ibibanza birimwo amazi biri muri ryo bizogumaho. Nta busitani bunini na bumwe buzoba buhari. Ahubwo, izo nyubakwa zizoba zihuye n’ukuntu ico gitara kizoba kimeze. Kugira ngo ntihakoreshwe amahera menshi, abahinga mu vy’ubwubatsi bateguye imigero y’izo nyubakwa ku buryo zitazotwara umuyagankuba mwinshi, ivyo bikaba bitazokwonona cane ibidukikije kandi bikaba bizotwara uburyo buke. Nk’akarorero, hejuru kuri izo nyubakwa hazoba hateyeko ibintu birinda ubukanye kandi bidasaba kubungabungwa cane, ivyo bikaba bizogabanya amazi y’imvura atemba kandi bigatuma indani muri izo nyubakwa hadashuha cane canke ngo hakanye cane. Inyubakwa y’amabiro yatunganijwe ku buryo ahanini ibonesherezwa n’umuco w’izuba. No kubika amazi biri mu bintu bizokwitwararikwa.

Ni igiki catumye hatunganywa ivyo kwimuka? Ubu amabiro y’amashami yo mu tundi duce tw’isi aracapura Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo, ivyo bikaba vyahora bikorerwa gusa i Brooklyn. Mu 2004, icapuriro ryo muri Leta Zunze Ubumwe be n’urwego rujejwe kurungika ibitabu rwaho vyarimuriwe i Wallkill, muri Leta ya New York, nko ku bilometero 145 mu buraruko bushira uburengero bwa Brooklyn. N’ibijanye n’amahera akoreshwa na vyo nyene vyarihwejwe. Kwitwararika izo nyubakwa zimaze igihe kandi zitegeranye z’i Brooklyn no kuzibungabunga bitwara amahera menshi. Twimukiye muri izo zindi nyubakwa, tuzoshobora gukoresha neza kuruta intererano zitangwa.

Ibiro vy’amashami bishirwa hamwe

Muri Nyakanga 2012, ibikorwa vyahora bihagarikirwa n’ibiro vy’amashami y’Ivyabona vya Yehova arenga 20 bisigaye bihagarikirwa n’amashami maninimanini. Hari imvo zibiri nyamukuru zatumye haba ayo mahinduka:

1. Ubuhinga bwa none bwaratumye ibikorwa bigabanuka. Muri iyi myaka iheze, amaterambere yabaye mu vyo gutumatumanako amakuru no mu vy’ubuhinga bwo gucapura yaratumye igitigiri c’abantu bakenewe ku mashami maninimanini kigabanuka. Kubera ko abantu bahora bakorera ku mashami maninimanini bagabanutse, haciye haboneka ivyumba vyojamwo bamwebamwe mu bahora bakorera ku mashami matomato yo mu bindi bihugu.

[Igicapo ku rup. 13]

Ubu umugwi w’Ivyabona bazi utuntu n’utundi bo ku mashami ahagarikira ibindi bihugu ni wo witwararika igikorwa co kwigisha Bibiliya. Nk’akarorero, igikorwa co kwamamaza gikorerwa muri Kosta Rika, Salvador, Gwatemala, Honduras, Nikaragwa na Panama gisigaye gihagarikirwa n’ishami ryo muri Megizike. Ku bw’ivyo, ibiro vy’amashami vyo muri ivyo bihugu bitandatu vyaciye vyugarwa. Abantu 40 bagize umuryango wa Beteli bo muri ayo mashami bararungitswe gukorera kw’ishami ryo muri Megizike. Abandi nka 95 bagumye mu bihugu vyabo, aho babandanije gusukura ari abasuku b’igihe cose.

Abandi bo muri ivyo bihugu vyo muri Amerika yo Hagati babandanya gukorera mu mabiro y’ubuhinduzi bahagarikiwe n’ishami ryo muri Megizike. Nk’akarorero, abahinduzi nka 20 bo muri Panama barahindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zaho kavukire. Muri Gwatemala, Ivyabona 16 barahindura ibisohokayandikiro mu ndimi zine zo ng’aho. Muri Amerika yo Hagati, iyo ntunganyo nshasha yatumye igitigiri c’Abanyabeteli kiva ku 300 kija nko ku bashika 75.

2. Hociye haboneka abandi bakozi b’igihe cose bakorera mu ndimiro. Kubera ukwo kuntu amashami yashizwe hamwe, abavukanyi bahora bakorera mu mashami matomato ubu barashobora kwitunira ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Umuvukanyi umwe wo muri Afrika, yarungitswe gukorera mu ndimiro, yanditse ati: “Guhindura ukuntu nari mbayeho kugira ngo mpuze n’ubuzima bushasha ntivyanyoroheye mu mezi makeyi ya mbere. Ariko, kuja mu busuku imisi yose vyaratumye ndonka umunezero n’imihezagiro bitagira uko bingana. Ubu, nyobora inyigisho za Bibiliya 20, kandi bamwe muri bo baritaba amakoraniro y’ishengero.”

Ikintu kimaze igihe cibonekeza i Brooklyn

Mu myaka irenga 40, icapa c’indome zitukura gifise imetero 4 na santimetero 60 kiri hejuru y’inyubakwa y’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova camye ku murango no mw’ijoro ari ikintu ababa i New York bamenyereye kubona, benshi muri bo bakaba bisunga ico capa ngirakamaro cerekana umwanya be n’urugero rw’ubushuhe n’ubukanye.

Ico capa cari cashizweho n’uwahora ari nyene iyo nyubakwa, ubu hakaba haciye imyaka 70. Inyuma y’aho Ivyabona vya Yehova baguriye iyo nyubakwa mu 1969, ni ho bahindura ico capa bakigira nk’uko kiri ubu.

Abavukanyi bariko baramanika ca capa kivuga ngo “Watchtower” mu 1970

Ico capa cararyohowe incuro zitari nke kugira ngo kirushirize kumera neza kandi ivyo cerekana ntibibemwo amakosa. Nko hagati y’imyaka ya 1980, kuri ico capa cahora cerekana umwanya be n’ingero z’ubushuhe n’ubukanye za Fahrenheit harongeweko ingero z’ubushuhe n’ubukanye za Celsius.

Umukenyezi yitwa Eboni, uno akaba ashobora kubona ico capa ari mu nyubakwa abamwo i Brooklyn, yavuze ati: “Birahimbaye kuraba hanze ncishije mw’idirisha kugira ngo ndabe aho umwanya ugeze be n’urugero rw’ubushuye n’ubukanye imbere y’uko nja ku kazi. Ivyo biratuma ntacerwa kandi nkambara bivanye n’uko ikirere cifashe.”

None ico capa coba kizomara iyindi myaka 40 ng’aho? Kubera Ivyabona vya Yehova bariko barategekanya kwimura icicaro gikuru cabo, iyo ngingo izofatwa n’abazogura iyo nyubakwa.

Gukwiragiza rya Jambo

Igishasha i Manhattan

Muri Munyonyo 2011, hari umugwi w’Ivyabona vya Yehova watanguye kumenyesha abantu b’i Manhattan ubutumwa bwo muri Bibiliya mu kuza barashira ibisohokayandikiro ku mameza canke ku tuntu dufise amapine bagenda barasunika. Ici gikorwa kiriko kibera mu bumanuko bwa Manhattan, akarere ko mu gisagara ca New York karimwo uruja n’uruza rwinshi kandi ka kera gusumba utundi. Ako karere kagabuwe mu mice ine. Umuce umwumwe wose urimwo ibibanza bitari bike aho abahita bashobora guhagarara ahantu hari imeza canke akantu gafise amapine bagenda barasunika gapanzweko neza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, hakaba kandi haba hari umutsimvyi wo muri ako karere. Vyinshi muri ivyo bintu bashirako ibisohokayandikiro usanga bishirwa aho ibidandazwa bishikira canke hafi yaho, aho abantu ibihumbi mirongo baca buri musi.

Umugabo n’umugore bubakanye b’abatsimvyi bariko baratanga ibinyamakuru biri ku meza bashirako ibisohokayandikiro ku gituro gikuru co mu gisagara ca New York

Muri ivyo bibanza, abantu barashobora kumenya inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bitari bike. Abantu badashaka guteba barashobora gutora igisohokayandikiro kugira bagisome mu nyuma. Haba hari ibisohokayandikiro vyo mu ndimi nyinshi. Igihe umuntu ataba aronse igisohokayandikiro mu rurimi yipfuza, arashobora kugisaba maze akazogitora inyuma y’imisi mikeyi.

Abantu, eka mbere n’abategetsi, barakiriye neza utwo twigoro. Umupolisi mukuru umwe w’umukenyezi yavuze ati: “Kubera iki mwatevye? Murafise koko ibintu abantu bakeneye.” Umugabo umwe yarahagaze bukwi na bukwi igihe yabona igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yavuze ko yari yabonye abantu mw’ibarabara rica mu kuzimu bariko barasoma ico gitabu maze aca yibaza iyo bagikuye. Yari agiye yahamenya!

Hari umusore umwe yamaze amayinga atandatu aza ararengana ahari imwe muri ayo mameza igihe yaba agiye ku kazi. Amaherezo yarahagaze maze avuga ati: “Ndakeneye imfashanyo.” Abari iruhande y’iyo meza barahimbawe no kumufasha. Baramuhaye Bibiliya bongera baramwereka ukuntu yomugirira akamaro. Ingenzi zishimishwa zaremeye zirahagarara kugira ngo ziyage ivy’Imana n’abo batanga ivyo bitabu, kandi mu mezi umunani abantu 1.748 baragaragaje icipfuzo bafise co kwiga Bibiliya. Muri Ruheshi 2012, iyo ntunganyo yaratumye abantu baronka ibinyamakuru 27.934 n’ibitabu 61.019.

Ibinyamakuru vyacu bisohoka ku mpapuro nkeyi no mu ndimi ziyongereye

Ibinyamakuru Be maso! be n’integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi vyaragabanijwe impapuro, biva ku mpapuro 32 bija ku mpapuro 16, guhera ku vyo muri Nzero 2013. Kubera ko ivyo binyamakuru bizoba birimwo amakuru makeyi, abahinduzi bazoshobora kubihindura mu ndimi nyinshi kuruta. Ubu, Be maso! ihindurwa mu ndimi 98, Umunara w’Inderetsi na wo mu ndimi 204. Integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi izoguma isohorwa ku mpapuro 32.

Bimwebimwe mu biganiro vyahora bisohorwa muri ivyo binyamakuru ubu bisohorwa gusa kuri wa muhora wo kuri Internet wa www.pr418.com. Muri ivyo harimwo “Ku bw’urwaruka,” “Ivyigwa vyanje vya Bibiliya,” be na raporo y’abasohoka rya Shure rya Gileyadi vyahora bisohorwa mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi be na “Abagize umuryango bavyihwereze hamwe” hamwe na “Urwaruka ruribaza” vyahora bisohorwa muri Be maso!

Vyongeye, ibiganiro bisohoka gusa kuri Internet biratanga inyishu zitomoye kandi zidomako ku bibazo bijanye na Bibiliya be n’ibijanye n’Ivyabona vya Yehova. Kandi kuri Internet hariko ibinyamakuru, ibitabu, udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza be n’ibindi umuntu ashobora kwivomera. Abantu bakoresheje orodinateri canke utundi twuma ngendanwa barashobora kubona ningoga na ningoga ibisohokayandikiro vyacu kuri wa muhora wa www.pr418.com mu ndimi zirenga 440.

Umuhora wacu warahujwe n’igihe wongera urarushiriza kuba uwukwegera

Mu mezi makeyi aheze, Ivyabona vya Yehova batari bake bo ku cicaro gikuru cabo i New York barakoze cane kugira batume wa muhora wa www.pr418.com urushiriza kuba uwukwegera n’uworoshe gukoresha, umuntu yaba afise orodinateri canke utundi twuma ngendanwa. Vyongeye, barahinduye uwo muhora bongera barawuryohora, bafise ibi bintu bibiri ku muzirikanyi:

1. Gupoperaniriza hamwe imihora yacu yo kuri Internet. Imihora itatu yo kuri Internet yahora ikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova yarapoperanirijwe mu muhora umwe, ari wo www.pr418.com. Iyindi ibiri, ari yo www.watchtower.org na www.jw-media.org, yarahagaritswe. Gupoperaniriza hamwe iyo mihora vyaratumye abipfuza amakuru yerekeye Ivyabona vya Yehova canke ibisohokayandikiro bashobora kubisanga mu kibanza kimwe. Nk’akarorero, urashobora gusoma, kwumviriza, canke gusohora ku mpapuro Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo mu ndimi nyinshi.

Ku wa 27 Myandagaro 2012, wa muhora wo kuri Internet wasubiwemwo

wa www.pr418.com waratanguye gukora

2. Kwongerereza amakuru. Uwo muhora wo kuri Internet wahujwe n’igihe uriko inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya be n’amakuru ajanye n’igikorwa co kwamamaza, ibiro vy’amashami, Ingoro z’Ubwami be n’amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova. Igihimba citwa “ Actualités ” kiravuga ibintu biriko birashikira abavukanyi bacu kw’isi yose. Hariko kandi ibiganiro bituma abagize imiryango, imiyabaga be n’abana bagira uruhara mu bivugwa.

Ku musi umwe, abantu ibihumbi amajana barasomera kuri Internet ibisohokayandikiro vyacu. Baravoma hafi igice c’umuliyoni c’ibintu vyafashwe amajwi, ibiteguwe mu buryo bwa EPUB, ubwa PDF, canke amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Buri musi, abantu ijana barasaba ko hogira umuntu abigisha Bibiliya.

Imfashanyo ku bantu b’uburyo bwose

Bibiliya y’imetero zibiri

Bibiliya y’isi nshasha ikwiye iraboneka mu nyuguti z’impumyi z’icongereza, iz’igisupanyoli be n’iz’igitaliyano, ikaba igizwe n’imbumbe ziva kuri 20 gushika kuri 28 kandi ibikwa ahantu hangana n’imetero zibiri! Hari izindi Bibiliya zo mu nyuguti z’impumyi zidakozwe ku mpapuro zidomaguye zidatwara ikibanza kinini. Nk’akarorero, hari akuma gafasha impumyi kugira utwo biyandikiye no kumenya ivyanditse ku vyuma vya elegitoronike hakoreshejwe akandi kuma ngendanwa kariko utuntu twiduza tukongera tukimanura kugira ngo twandike inyuguti z’impumyi. Umuntu w’impumyi kandi arashobora kumenya aho ibisohokayandikiro binaka biri akongera akavyumviriza yifashishije porogarama yo kuri orodinateri ifata igisomwa canditse ikagisoma n’ijwi.

Mu myaka irenga 100 iheze, Ivyabona baratunganije ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu nyuguti z’impumyi, kandi ubu biraboneka mu ndimi 19. Naho abantu b’impumyi bashimishijwe bashobora kuronka ivyo bisohokayandikiro ata co barishe, benshi baratanga intererano bavyishakiye.

Umuvukanyi Anthony Bernard wo muri Sri Lanka ariko arakoresha Bibiliya yo mu nyuguti z’impumyi z’icongereza mu kuyobora ugusenga kwo mu muryango

Ivyabona barateguye ubuhinga bwo kuri orodinateri bushobora gufata igisomwa canditse mu ndome zisanzwe bukagishira mu nyuguti z’impumyi zo mu ndimi nyinshi. Bamaze gushira muri iyo porogarama igitabu canditse mu ndome zisanzwe, bagashiramwo n’inyuguti z’impumyi, iyo porogarama ica ishobora gufata ico gisomwa ikagishira mu nyuguti z’impumyi. Iratunganya kandi ico gisohokayandikiro ku buryo impumyi zoroherwa no kugisoma. Ubwo buhinga buzotuma bishoboka ko hahingurwa ibisohokayandikiro mu nyuguti z’impumyi, tutibagiye Bibiliya, mu ndimi nka zose zifise inyuguti z’impumyi, harimwo n’indimi zidakoresha indome z’Abaroma.

Ubuheruka, igihe kw’ihwaniro hasohorwa ibisohokayandikiro bishasha, abumviriza barabwiwe ko mwene ivyo bisohokayandikiro vyosabwe mu nyuma mu nyuguti z’impumyi. Mu mwaka uheze, ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe vyarabajije amashengero amahwaniro abantu b’impumyi bategekanya kuzokwitaba be n’ubwoko bw’inyandiko boshima gusoma (zaba zimwe zanditse ku mpapuro zidomaguye, izisomwa na ka kuma k’impumyi, canke izisomwa na orodinateri).

Hararungitswe ibisohokayandikiro vyanditse ku mpapuro zidomaguye ku mahwaniro impumyi zokwitavye, ivyo bikaba vyaratumye bishoboka ko zironkera rimwe n’abandi ivyo bisohokayandikiro bishasha vyari vyasohotse. Inyuma y’indwi imwe ihwaniro rirangiye, ibisohokayandikiro biteguwe mu bwoko bwa elegitoronike vyararungikiwe uwo wese yavyipfuza.

Hari mushiki wacu umwe w’impumyi yavuze ati: “Kari agateka kadasanzwe kuronkera rimwe n’abandi ibisohokayandikiro. Zaburi 37:4 ivuga ko Yehova azoduha ivyo umutima wacu usaba. Ivyo yaraye abikoze muri iyi mpera y’umushamvu!” Ikindi Cabona w’impumyi yabanje gukorora amosozi maze aca avuga ati: “Turagushimiye Yehova kuba utwitwararika neza gutya!”

Abantu ibihumbi biga gusoma no kwandika

Mu 2011, Ivyabona vya Yehova barafashije abantu barenga 5.700 kumenya gusoma no kwandika. Ivyo vyabereye mu bihugu bitandukanye:

Gana: Muri iyi myaka 25 iheze, twarafashije abantu barenga 9.000 kwiga gusoma no kwandika.

Ishure ryigisha gusoma no kwandika ryo muri Zambiya

Mozambike: Muri iyi myaka irenga 15 iheze, abantu barenga 19.000 barize gusoma. Umunyeshure umwe yitwa Felizarda yavuze ati: “Ubu numva mpimbawe kubera ko nshobora gusomera abandi Bibiliya. Ivyo kare vyahora bingora.”

Amazinga ya Salomo: Ibiro vy’ishami vyandika biti: “Muri kahise, abantu benshi bo mu turere turi ukwa twonyene ntivyashoboka ko baja kw’ishure. Vyongeye, abakobwa bari ku rushi ni bo baca ku ntebe y’ishure. Ku bw’ivyo, abakenyezi ni bo canecane bungukiye ku mashure yo kwigisha abakuze gusoma no kwandika. Benshi bamaze kurangiza ivyo vyigwa, bararushirije kwumva ko hari ico bamaze.”

Zambiya: Kuva mu 2002, abantu hafi 12.000 bararyohoye ubuhanga bwabo bwo gusoma no kwandika. Agnes, mushiki wacu w’imyaka 82, avuga ati: “Igihe batangaza ko mw’ishengero hagiye gutanguzwa ishure ryo kwiga gusoma no kwandika, narahimbawe no kwiyandikisha. Ku cigwa ca mbere twize, narize kwandika izina ryanje!”

Indirimbo zo gushemeza ziboneka mu ndimi nyinshi

Ivyabona vya Yehova basanzwe bahindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nka 600. Guhindura igitabu cose c’indirimbo 135 ubwaco ni igikorwa giteye ubwoba. Yamara, muri iyi myaka itatu ca gitabu gishasha c’indirimbo Turirimbire Yehova, carahinduwe cose mu ndimi 116. Hari izindi ndimi 55 zifise indirimbo 55 zo muri ico gitabu, kandi kiriko kirahindurwa no mu zindi ndimi nyinshi.

Mu mazinga ya Salomo: Ishengero ririko riraririmba mu gipijini co mu mazinga ya Salomo

[Igicapo ku rup. 25]

Abahinduzi b’indirimbo baba bafise intumbero yo gukoresha amajambo ari n’ico asobanura, aryoshe kandi yoroshe kwibuka. Vyongeye, amajambo akoreshwa mu ndirimbo zo gushemeza akwiye kuba yoroshe cane kugira abayaririmba bashobore kuyatahura bongere babone intumbero ya buri ryungane ryose. Mu rurimi rumwerumwe rwose, amajambo be n’umuziki biraba ngombwa ko bihuzwa kugira ngo bijane neza, nk’aho yoba ari amajambo y’umuririmvyi.

None abahinduzi bashobora gute gushika kuri iyo ntumbero? Aho guhindura ijambo ku rindi bakura mu majambo yo mu congereza ari muri ca gitabu Turirimbire Yehova, bararondera amajambo mashasha aserura iciyumviro nyamukuru kiba kiri mu ruririmbo rw’icongereza. Naho abahinduzi bihatira kwumira ku ciyumviro co mu Vyanditswe kiri muri buri ruririmbo, barakoresha imvugo zimenyerewe mu rurimi rwabo zoroshe gutahura no kwibuka.

Ubwa mbere, babanza guhindura ururirimbo rw’icongereza ijambo ku rindi. Ubukurikira, Icabona afise ubuhanga mu vyo kwandika amajambo y’indirimbo aca afata ca gisomwa cahinduwe akagerageza kugihinyanyura mu majambo aryoheye ugutwi yamara ari n’ico asobanura muri urwo rurimi rwabo. Abahinduzi be n’abasuzuma igisomwa barasuzuma ivyo ico Cabona yakoze, bafise ku muzirikanyi ivyo kuguma bahuje urwo ruririmbo n’ukuri kwo mu Vyanditswe. Naho guhindura igitabu c’indirimbo ari igikorwa kitoroshe, Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barahimbarwa cane no kuririmba indirimbo zo gushemeza mu rurimi rwabo bwite.

Ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene

Igitabu c’Ivyahishuwe carabuye ko muri iki gihe abarobanuwe botumiye abantu kuza “[kwakira] amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 22:17) Ubwo butumire bwohawe abantu bo mu “bisata vyose n’indimi zose.” (Ivyah. 7:9) Gushika muri ino misi ya vuba, abahinduzi batari bake bari bamaze igihe bakorera ku biro vy’ishami, naho indimi bahinduramwo zaba zivugwa mu tundi turere. Ntivyaborohera kuguma bajana n’ingene urwo rurimi ruvugwa be no gukora ku mutima abasomyi b’ibisohokayandikiro bahindura. Ariko ubu, imigwi y’ubuhinduzi myinshi iriko irimukira mu turere aho indimi bahinduramwo zivugwa. Ivyo vyaravuyemwo imihezagiro mu buryo butandukanye, nk’uko vyerekanwa n’aya majambo abahinduzi bavuze.

Mushiki wacu umwe w’umuhinduzi w’ururimi rwitwa Maya muri Megizike yavuze ati: “Numvise meze nk’umuvyaro w’igiterwa wasubijwe mw’ivu ryawo, aho ukwiye guterwa.” Uwundi muhinduzi wo mu bumanuko bw’Uburusiya yavuze ati: “Gukorera aho abantu bavuga ururimi muhinduramwo ni iparadizo ku bahinduzi. Ukuntu imvugo ikoreshwa kuri televiziyo, mu bitabu be no kuri Internet usanga bitandukanye cane n’ukuntu abantu bavuga mu buzima bwa misi yose. Ku bitwerekeye, ikintu gusa kidufasha guhindura mu buryo buhuye n’uko abantu basanzwe bavuga ni ukwumviriza ukuntu bavuga.”

“Numvise meze nk’umuvyaro w’igiterwa wasubijwe mw’ivu ryawo, aho ukwiye guterwa”

Umuhinduzi umwe w’ikiluba muri Kongo yavuze ati: “Tuvuga ururimi rwacu buri musi: mu bikorwa vyacu vya misi yose, nko mu gusuma be no mu kuyaga n’ababanyi, mu gikorwa cacu co kwamamaza be no ku makoraniro ya gikirisu. Twiga ivyo twahinduye, kandi dukoresha ibisohokayandikiro vy’ikiluba mu busuku, ku bw’ivyo turibonera nimba abantu batahura canke badatahura imvugo yakoreshejwe mu guhindura.”

Uwundi muhinduzi w’ururimi rwitwa Lhukonzo muri Uganda yavuze ati: “Ntiworaba ukuntu duhimbarwa cane igihe twitavye amakoraniro agirwa mu rurimi tuvuga kandi tugahindura. Turarushiriza kandi guhimbarwa n’ubusuku, kubera ko ubu tuganira n’abantu mu rurimi twonse.”

[Ikarata ku rup. 27]

Amashengero abahinduzi barungitswemwo na yo nyene yarahungukiye. Ku bijanye n’abahinduzi bo mu rurimi rwitwa Maya, mushiki wacu umwe yavuze ati: “Abahinduzi baraturemesha biciye ku majambo yabo meza no ku karorero kabo keza. Ni nk’aho dufise igice ca Beteli iwacu, kandi ico ni ikintu kidasanzwe na mba.”

Umugwi w’abahinduzi b’ururimi rwitwa Luo w’i Kisumu muri Kenya

Baba abahinduzi canke abakira ibisohokayandikiro, bose bararemeshwa. Umuhinduzi umwe wo muri Kenya yavuze ati: “Kubera ko hari ibitabu bike vyo mu rurimi rwitwa Luo, abantu ntibari bwigere bibaza ko bobonye ibisohokayandikiro biteguwe neza ukuraho mu rurimi rwabo. Ku bw’ivyo, benshi barahimbarwa cane iyo babironse. Iyo mbonye ukwo kuntu bavyakira, birandemesha vy’ukuri kandi biratuma numva ndushirije kugira imvo zo kubandanya igikorwa njejwe nkongera nkagikora uko nshoboye kwose.”

Benshi muri abo bahinduzi bari bamaze imyaka itari mike bakorera ku biro vy’ishami. Umutima mwiza bagaragaza wo gushira ineza y’intama za Yehova imbere y’ineza yabo urashimwa cane, kandi uriko urahezagirwa. Umuhinduzi umwe w’ururimi rwitwa Xhosa muri Afrika y’Epfo araserura inyiyumvo z’abandi benshi ati: “Kuba harafashwe ingingo yo gutunganya gushasha amabiro y’ubuhinduzi ni ikintu ciza Inama Nyobozi yakoze. Kuri Beteli twari duhimbawe, ariko kuba turi mu mabiro y’ubuhinduzi vyo biraduhimbara kuruta.”

Udukuru two hirya no hino kw’isi

“Abavukanyi baratwitwararitse cane”

Ku w’iyinga igenekerezo rya 3 Ruheshi 2012, harabaye isanganya rikomeye ry’indege muri Nijeriya. Indege yari itwaye abantu 153 yarakorokeye ahantu haba abantu benshi ku nkengera y’igisagara kinini kuruta ibindi muri Nijeriya citwa Lagos, ihitana abari muri yo bose be n’abandi batazwi igitigiri bari aho yakorokeye.

I Lagos muri Nijeriya: Inyuma y’aho ya ndege isabiye

Uwitwa Collins Eweh n’umuryango wiwe baba kw’igorofa yo hejuru mu nyubakwa y’amagorofa ane yasetswe n’iyo ndege. Igihe iryo sanganya ryaba, uwo muryango wari ku makoraniro y’ishengero ku Ngoro y’Ubwami.

Nk’igihe c’isaha icenda n’iminuta 35 zo ku muhingamo, mu kiringo c’inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, Collins n’umukenyezi wiwe Chinyere baguma babona ababahamagara kuri telefone zabo, ariko ntibabitabe. Amakoraniro akirangira, Chinyere yaciye yitaba telefone. Ababanyi baramubwiye ko inzu babamwo yariko irasha. Igihe uwo muryango wa Eweh washika, warabonye ko indege yari yasetse iyo nyubakwa hanyuma ica igwa hafi yayo, maze ica iraka.

Chinyere yavuze ati: “Iyo tuba muhira, nta kabuza tuba twarapfuye. Inyuma y’iryo sanganya, twasigaye dufise impuzu twari twambaye ku makoraniro gusa, ariko twaradora. Umucungezi w’umuzunguruko yaciye ubwo nyene atunganya komite ijejwe gutabara, kandi abavukanyi baratwitwararitse cane. Ntiworaba ukuntu dukenguruka.”

Collins yavuze ati: “Abantu b’incuti zanje bari bahoze bandwanya kubera ndi Icabona barahinduye ivyiyumviro. Umwe muri bo yambwiye ati: ‘Yehova wanyu arishura amasengesho. Ntimurote muva ku Mana yanyu kuko yabafashije.’ Uwundi muntu yavuze ati: ‘Ibintu vyose mumaze igihe mukorera Imana, nimubandanye kubikora n’ubugingo bwanyu bwose.’ Twariboneye vy’ukuri ukuboko kwa Yehova. Ndahimbawe cane.”

Inama nshingamateka ishigikira ivy’uko idini ryemerwa n’amategeko

I Budapest muri Hongiriya: Abavukanyi bacu barabwira inkuru nziza ingenzi aho bazisanga hose

Ku wa 27 Ruhuhuma 2012, Leta ya Hongiriya yarongeye ibindi bintu kw’itegeko rigenga amadini, ivyo bica bituma Ivyabona vya Yehova bemererwa kuba ishirahamwe ry’ivy’idini ryemewe n’amategeko. Ukwo kwemererwa n’amategeko bizogira ikintu kinini bifashije mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza muri Hongiriya. Biratuma kandi Ivyabona vya Yehova bakurwako amakori bikongera bigatuma bemererwa kwakira intererano no kugendera abari mu mabohero n’abari mu bitaro.

Icibutso cabereye ahantu hadasanzwe

Hari umutsimvyi adasanzwe w’ahitwa Rundu muri Namibiya yagize ico avuze ku Cibutso yitavye mu kigwati co hafi. Hari habonetse abantu bashimishwa, ivyo bica bituma abavukanyi bafata ingingo yo kuhagirira Icibutso ari ryo rya mbere, mu rurimi rwo ng’aho rwitwa Rumanyo. Yanditse ati: “Ico Cibutso cabereye ahantu heza, hanze ukwezi kuriko kuraka, hari amatara ya peteroli be n’amatara abiri bashiramwo amabeteri.” Vyatumye uwo mugwi w’abantu wumva wiyegereje Yehova. Umwamamaji umwe gusa wo muri ako karere yari yatanguye kuhamamaza muri Ntwarante, ariko Icibutso citabwe n’abantu 275!

Kwegurira Yehova ibiro vy’amashami biramutera iteka

Igenekerezo rya 19 Munyonyo 2011, wabaye umusi udasanzwe muri kahise k’ishirahamwe rya Yehova muri Centrafrique no muri Tchad. Kuri uwo musi, abavukanyi na bashiki bacu 269 barakoraniye imbere y’inyubakwa nshasha z’ishami. Vyari biteye umunezero kubona Samuel Herd, wo mu Nama Nyobozi, ashikiriza insiguro yo kwegurira Yehova inyubakwa nshasha za Beteli kugira ngo zizokoreshwe mu murimo w’Imana. Mu kiringo ca porogarama, hariganywe kahise k’igikorwa co kwamamaza muri ivyo bihugu bibiri. Catanguye mu 1947 muri Centrafrique no mu 1959 muri Tchad. Mu nsiguro yakurikiye baravuze ido n’ido ry’ukuntu ubwubatsi bwagenze be n’ibintu vyose vyasabwe kugira ngo izo nyubakwa zirangire kwubakwa. Abari aho bahejeje gushikirizwa indamukanyo zivuye mu bihugu bitandukanye, barakurikiye insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa yatanzwe n’umuvukanyi Herd. Abantu 42 bagize umuryango wa Beteli barahimbawe no kuronka amabiro umunani y’ubuhinduzi, igikoni, icumba c’uburiro, be n’imesuriro bihuye n’ivyo bari bakeneye. Kubera ko hubatswe ivyumba vy’uburaro 22 be n’izindi nyubakwa, nk’iyakiriro, amabiro akorerwamwo ivy’ubuyobozi be n’idepo y’ibitabu, umuryango wa Beteli wari ushoboye gukora neza.

Ni ryo ryari irya mbere haba ukwegurira Imana ishami ryo muri Kongo

Umuvukanyi Jackson ariko arashikiriza insiguro yo kwegurira Imana ibiro vy’ishami i Kinshasa muri Kongo

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 26 Rusama 2012, wari umusi w’intibagirwa ku Vyabona vya Yehova bo muri Kongo (Kinshasa). Inyuma y’imyaka umunani yo kwubaka no gusanura ibiro vy’ishami, izo nyubakwa zareguriwe Imana. Ico cari ikintu kidasanzwe kuko, naho hari haheze imyaka nka 50 muri Kongo hari ibiro vy’ishami, ni ryo ryari irya mbere haba porogarama yo kwegurira Imana ibiro vy’ishami muri ico gihugu. Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa, ikaba yabereye mu kigo c’ishami imbere y’abantu 2.422, benshi muri bo bakaba bari bamaze imyaka irenga 40 babatijwe. Hari abashitsi 117 bavuye mu bihugu 23. Abamisiyonari bamwebamwe bari barasukuriye muri Kongo imyaka itari mike imbere y’aho barashirikije abari ng’aho ivyabonywe biremesha. Abari aho bose baranezerewe kandi barahimbawe no kwiyemeza gukoresha gusa izo nyubakwa ku bw’ugusenga Yehova.

Raporo y’ivy’imanza

Ku wa 30 Ruheshi 2011, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yaravuze ko Leta y’Ubufaransa yahonyanze agateka k’Ivyabona vya Yehova mu kubasaba kuriha ikori ry’ibice 60 kw’ijana ku ntererano zose zijanye n’ivy’idini zahabwa Ivyabona vya Yehova bo mu Bufaransa kuva mu 1993 gushika mu 1996. Naho iyo Sentare yasavye iyo migwi ibiri gutorera umuti ico kibazo mu mwumvikano, Leta y’Ubufaransa yoyo yagumye ivuga ko iryo kori ry’umurengera ridateye kubiri n’amategeko; rero gutorera umuti ico kibazo mu mwumvikano ntivyashobotse. Ku bw’ivyo, mu ngingo iyo Sentare yafashe ku wa 5 Mukakaro 2012, yategetse Leta y’Ubufaransa gukuraho “inkurikizi zose” z’iryo kori. Uretse ko iyo Leta y’Ubufaransa yabwirizwa gusubiza Ivyabona amahera y’amanyaburaya 4.590.295 (nk’amarundi arenga imiliyaridi 9) yari yafashwe igihe hasohorwa rya tegeko ryo gutanga ikori (ushizeko n’inyungu), yabwirizwa kandi kubariha ayandi mahera y’amanyaburaya 55.000 (nk’amarundi arenga imiliyoni 110) y’indishi y’akababaro.

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka bo muri Eritreya baratswe ubwenegihugu kubera impagararo yabo yo kutagira aho bahengamiye. (Yes. 2:4) Mu myaka irenga 17 iheze, benshi barafashwe, kandi ubu abavukanyi na bashiki bacu bashika kuri 50, harimwo abatamakazi n’abana batoyi gushika ku bafise imyaka ibiri, barapfunzwe. Ikibabaje, muri Mukakaro 2011, umuvukanyi Misghina Gebretinsae yarabaye we Cabona wa mbere yapfiriye mu mabohero yo muri Eritreya. Imbere y’uko apfa, yari amaze indwi yose apfungiwe mu gasho ka wenyene, mu kintu kimeze nk’igisandugu gikozwe mu cuma; vyavuzwe ko urupfu rwiwe rugoye gutahura. Abavukanyi bacu barabandanya kubonana n’abategetsi kugira ngo babafashe gutahura ko kuba turi abanyamahoro be no kuba dufise icipfuzo co kuguma ata ho duhengamiye atari icerekana ko tutubaha Leta ya Eritreya.

Mu Buhindi: Umwe mu bavukanyi bacu ahagaze hanze imbere y’inyubakwa baciramwo imanza imbere y’uko ajanwa mw’ibohero

Ivyabona vya Yehova bo mu Buhindi barabandanya kwihanganira ukugirirwa nabi n’imigwi y’inkozi z’ikibi igihe bari mu busuku. Baba abagabo, abagore, abana, mbere n’umutamakazi w’imyaka 60 be n’umwana w’umwaka n’amezi atandatu barakubaguwe bongera baratukwa. Bamwe barambuwe impuzu bongera baraterwa ubwoba ko bokwicwa. Kuba igipolisi cigira sindabibazwa kandi kikagira aho gihengamiye vyatumye Ivyabona vya Yehova barushiriza kugirirwa nabi. Aho kurengutsa izo nkozi z’ikibi, igipolisi carataye muri yompi Ivyabona kibagiriza ibinyoma ngo ni inkozi z’ikibi. Abafatwa akenshi basabwa ku karenganyo kuriha ingwati imbere y’uko barekurwa mu kurindira ko bacirwa urubanza kandi barakubagurwa bakongera bagatukwa n’abapolisi, vyongeye ntibemererwa kwivuza no kuronswa ibifungurwa n’amazi. Inyuma y’aho, baramara imyaka bihanganiye ugusambishwa nk’inkozi z’ikibi, imbere y’uko bambikwa izera. Ibirego vyinshi vyerekana ko agateka ka zina muntu kahonyanzwe vyararungikiwe Urwego rw’igihugu rujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, bikaba vyizigiwe ko urwo rwego ruzofasha abo bavukanyi bacu.

Muri Tirkiya: Naho umuvukanyi Feti Demirtaş yahuye n’ingorane nyinshi, arabandanya kwamamaza n’umwete

Muri Munyonyo 2011, abagize ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu baremeje ata n’umwe avuyemwo ko Tirkiya yahonyanze uburenganzira Yunus Erçep afise bwo gukora ibintu yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima, uno akaba ari Icabona ca Yehova yafashwe yongera arapfungwa ahowe ukwanka gukora ibikorwa vya gisirikare yishimikije ijwi ryiwe ryo mu mutima. Kuva muri Ntwarante 1998, umuvukanyi Erçep yarahamagawe incuro 39 ngo aje mu bikorwa vya gisirikare kandi yararengukijwe mu rubanza incuro 30. Umuvukanyi Erçep yaraciwe amande, arapfungwa, yongera arajanwa mu bitaro vy’abarwaye mu mutwe ngo arwaye mu mutwe kubera ivyiyumviro vy’idini.

Muri Gitugutu 2004, umuvukanyi Erçep yaritwaye muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Muri urwo rubanza, iyo Sentare yavuze ko “uwitwaye, kubera ko ari Icabona ca Yehova, arondera kudasabwa gukora ibikorwa vya gisirikare atabitumwe n’imvo zishingiye ku nyungu ziwe bwite ariko abitumwe n’ibintu vy’ukuri yemera kandi yajijutseko bijanye n’idini.”

Feti Demirtaş ni ikindi Cabona ca Yehova wo muri Tirkiya yanse kuja mu myimenyerezo ya gisirikare igihe yabisabwa mu 2005. Yarafashwe, arakubitwa, ararengutswa mu rubanza yongera arapfungwa imisi 554 gushika arekuwe muri Ruheshi 2007. Kubera ko umuvukanyi Demirtaş yanse kurenga ku vyo yemera bishingiye kuri Bibiliya, harateguwe raporo yerekana ko arwaye mu mutwe. Mu rubanza baburana na Leta ya Tirkiya, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yasanze umuvukanyi Demirtaş yarafashwe bunyamaswa n’abategetsi ba Tirkiya yongera isanga uburenganzira bwiwe bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima bwarahonyanzwe.

Izo ngingo zibiri iyo Sentare yafashe zakurikiye urubanza rw’intibagirwa rwabaye muri Mukakaro 2011 (umuvukanyi Bayatyan yaburana na Leta ya Armeniya) aho Inama Nkuru y’iyo Sentare yemeje ko ya Masezerano y’Abanyaburaya akingira uburenganzira bw’abantu bazira ukwemera kwabo. Ayo mategeko araraba ibihugu vyose bigize ya Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya, harimwo na Tirkiya.

Iyo Sentare kandi yarakubise intahe mu gahanga Leta ya Armeniya mu rubanza yaburana na Bukharatyan be no mu rwo yaburana na Tsaturyan muri Nzero 2012, iremeza ko hahonyanzwe umwidegemvyo w’ivyo gusenga w’Ivyabona vya Yehova babiri banse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima. Mu kuburanisha izo manza, iyo Sentare yaravuze ikintu c’intibagirwa cabaye mu rubanza Leta ya Armeniya yaburana na Bayatyan.

Naho Leta ya Armeniya imaze gukubitwa intahe mu gahanga izo ncuro zose, iyo Leta ibandanya kurengutsa abantu bazira ukwemera kwabo, kubagiriza ubukozi bw’ikibi no kubapfunga. Itegeko ryo gushiraho ibikorwa umuntu yokora yanse gukora ivya gisirikare ryaremewe na Leta ya Armeniya muri Ntwarante 2012, ariko Inama nshingamateka ntiraryemeza. Twizeye ko Leta ya Armeniya izoshira mu ngiro ivyo abacamanza bo muri ya Sentare y’Abanyaburaya bayisavye mu kwemera kurekura abavukanyi bagipfunzwe bazira ukwemera kwabo.

Ivyabona vya Yehova bo muri Azerbayijani barabandanya gutotezwa na Leta: baraterwa bakongera bagafatwa bazira ko bitavye amakoraniro y’ivy’idini, barasuzuma ibitabu vyabo vy’idini, abanyamahanga bo muri bo barirukanwa, barakubagurwa kandi bagatukwa n’abapolisi bakongera bagafatwa nabi bahorwa ko batemewe n’amategeko. Kuva igihe Komite y’igihugu ijejwe ibikorwa vy’amashirahamwe y’ivy’idini yanka kwemera ivyo Ivyabona bari basavye ko bosubira kwemerwa n’amategeko, abapolisi baciye barushiriza kuburabuza amakoraniro y’ivy’ugusenga Ivyabona bagira mu mahoro, kubaburabuza igihe bari mu busuku, bongera barabuza ivyo kuzana ibitabu bishingiye kuri Bibiliya no kubiha abantu. Sentare yaraciriye Ivyabona vya Yehova amahadabu y’umurengera ngo kubera baha abantu ibitabu vy’idini bakongera bagakoranira hamwe ku bw’ugusenga. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe yasabwe gutanga ihadabu y’amadolari 1.909 y’Abanyamerika (nk’amarundi arenga imiliyoni 2 n’igice) ngo kubera yitavye amakoraniro mu gisagara ca Ganja. Kubera ko ivyo bihano biteye kubiri n’uburenganzira bwo gusenga mu mwidegemvyo butangwa muri ya Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, hari imanza zahawe ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu hizigiwe ko izotuma Azerbayijani ihagarika ivyo gutoteza no guhama Ivyabona vya Yehova.

Inyamiramabi zo mu duce dutandukanye two mu Burusiya zirabandanya gutoteza no guhama Ivyabona vya Yehova zikongera zigahatira amasentare ngo acire urubanza Ivyabona bazira uburenganzira bafise bwo gusenga Imana. Amasentare yo mu Burusiya yisunze itegeko ryo kurwanya intagondwa ryaneguwe cane, yaratangaje ko n’imiburiburi ibitabu 64 vy’Ivyabona vya Yehova vyari birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Mu misi ya vuba, umushikirizamanza yarasavye ko igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye cotangazwa ko kirimwo ivyiyumviro vy’intagondwa, kino kikaba ari igitabu cigisha abana ivyerekeye Yezu Kristu. Mu turere twinshi tw’Uburusiya, amasentare yarabujije ivyo gukoresha umuhora wo kuri Internet wemewe w’Ivyabona vya Yehova. Ayo masentare yarahaye inyamiramabi ububasha bwo gucungera bimwe bikomeye abantu bo mu mashengero, harimwo kubacungera mu mpisho hakoreshejwe mwene vya vyuma bifata amasanamu n’amajwi be no kuza barabuza ko amakete yabo yaca kuri posita abashikira. Ivyo vyatumye abapolisi baza barasaba ababanyi barwanya Ivyabona kugira ivyo bashikirije, bakaza barasaka amazu y’Ivyabona bakongera bagafata ibitabu vy’idini be n’ibindi bintu. Ivyabona barafatwa igihe baba bariko baragenda mu mabarabara, igihe baba bariko baratwara umuduga canke igihe baba bururutse igariyamoshi. Amakoraniro ya gikirisu yaraburabuzwa n’abapolisi, kandi abakurambere bararengutswa bahorwa ibikorwa vyo kuragira bakora mw’ishengero. Mu turere tumwetumwe, abashikirizamanza bariko baragerageza gusaba amasentare kwugara Amashirahamwe y’ivy’idini y’Ivyabona vya Yehova yo muri utwo turere.

Muri Rusama 2012 mu gisagara ca Taganrog, Ivyabona 17 baragirijwe gutunganya no kugira uruhara mu bikorwa vy’ubukozi bw’ikibi kubera gusa bariko bakora ibintu bihuye n’ukwizera kwabo. Muri ako karere Amashirahamwe y’ivy’idini y’Ivyabona vya Yehova yaho yari yarugawe mu 2009 n’itegeko rya sentare kandi Ingoro y’Ubwami yaho yari yarugawe kubera ngo yakorerwamwo ivya ba gaterabwoba. Kubera ko Ivyabona bari bankiwe gukoresha Ingoro y’Ubwami yabo, baciye baza barakoranira mu mazu canke mu bibanza baba bakose, ariko ubu abategetsi bariko baragerageza kubabuza kuja hamwe ku bw’ugusenga. Muri Mukakaro 2012, abatsimvyi babiri bubakanye bo mu gisagara co mu karere ka Siberiya ca Chita, igihe bariko barabwira abandi ivyo bizera, bagirijwe ko baremesha urwanko kubera bariko baratanga igitabu gifasha kwiga Bibiliya Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ico bavuze ngo kirimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Umwe wese bamuciriye urubanza rwo kumara amasaha 200 ariko arakora ibikorwa vy’umuruho, mugabo bariko barasaba ko urwo rubanza baciriwe rwohindurwa.

Naho ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yerekanye ko Ivyabona vya Yehova batsinze imanza zibiri bariko baraburana n’Uburusiya, zino zikaba ari urwo umuvukanyi Kuznetsov be n’abandi bariko baburana n’Uburusiya mu 2007 be n’urwo Ivyabona vya Yehova b’i Moscou bariko baburana n’Uburusiya mu 2010, abategetsi bo mu Burusiya barabandanya kwirengagiza izo ngingo zafashwe n’iyo Sentare yubahitse. Vyongeye, Ivyabona vya Yehova barafise izindi manza 19 zitaracibwa batuye iyo Sentare y’Abanyaburaya bizigiye ko izindi ngingo iyo Sentare izofata zizotuma abategetsi b’Uburusiya bahagarika guhama abasavyi ba Yehova bongere babemerere ‘kubandanya kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, bari n’ukwihebera Imana gukwiye kandi badafyina.’—1 Tim. 2:2.

Koreya y’Epfo irabandanya gupfunga abavukanyi bakiri bato kubera ukutagira aho bahengamiye kwabo kwa gikirisu. Buri kwezi, abavukanyi bakiri bato nka 45 barakubitwa intahe mu gahanga maze bagacirwa umunyororo w’umwaka n’igice. Ku bw’ivyo, abavukanyi nka 750 ubu bari mu mabohero muri Koreya. Ico ni co gihugu gifise Ivyabona vya Yehova benshi bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo ugereranije no mu bindi bihugu vyo kw’isi. Kuva mu 1950, Ivyabona vya Yehova bashika ku 17.000 baramaze gucirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka irenga 32.000, tuyifatiye hamwe.

Mu 2012, abategetsi bararushirije kuburabuza Ivyabona babahoye ko banse gukora ibikorwa vya gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima mu gucira umunyororo ari bwo bwa mbere abanse kuba abasoda b’integabizoza bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima. Kera, mwene abo bantu baba banse kugira imyimenyerezo ngo bazobe abasoda b’integabizoza bacirwa gusa ihadabu. Kubera ko mu myaka iheze hagiye harakenerwa cane abasoda b’integabizoza, abanka barahura n’ingorane zitari nke. Nk’akarorero, muri Munyonyo 2011, uwitwa Ho-jeong Son yaciriwe umunyororo w’amezi umunani. Mu nyuma, muri Ruheshi 2012, yarasubiye kurengutswa maze hoho aca acirwa umunyororo w’amezi atandatu. Akirekurwa kuri iyo ncuro igira kabiri yaciye asubira gufatwa maze arekurwa haciye imisi 29 ari uko atanze ingwati, ariko akaba yasabwa kuza ararenguka. Ubu ariko akorera umunyororo w’amezi 14.

Muri Koreya y’Epfo, buri kwezi abavukanyi bakiri bato nka 45 barakubitwa intahe mu gahanga maze bagacirwa umunyororo w’umwaka n’igice

Akatari gake, Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU yaragirije Koreya y’Epfo ko yahonyanze uburenganzira umuntu afise bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima. Hariho imanza nshasha zikirindiriye gucibwa n’iyo Komite be na ya Sentare yo muri Koreya y’Epfo ijejwe kwubahiriza ibwirizwa-shingiro kugira ngo bigerageze gutorera umuti ico kibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika