ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 150-151
  • Banyita ngo Umunara w’Inderetsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Banyita ngo Umunara w’Inderetsi
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ivyo bijanye
  • Twaravuye mu vyara vy’abasoda b’abaroberi
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Kwizigira Yehova vyaratumye ngira umutekano nyakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Twari twiyemeje gusukurira Yehova
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Nariyemeje kuba umusoda wa Kristu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 150-151

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Banyita ngo Umunara w’Inderetsi

James Koroma

  • YAVUTSE 1966

  • YABATIJWE 1990

  • IVYIWE MURI MAKE Yakora igikorwa co gutwara amakete mu gihe c’intambara y’abanyagihugu.

MU 1997, igihe ingabo z’abaroberi n’iza Leta zariko ziratana mu mitwe i Freetown, naritanze ngo nze ndatwara amakete ndayakuye i Freetown ndayajana ku biro vy’ishami vy’imfatakibanza i Conakry muri Guinée.

Naruriye ibisi ku gituro c’amabisi co mu gisagara ndi kumwe n’abandi bagabo. Hirya gatoyi harumvikanye urwamo rw’amasasu, duca turatekerwa n’ubwoba. Igihe twariko turaca mu mabarabara yo mu gisagara, inkoho zarasanye hirya no hino yacu. Umushoferi yaciye asubira inyuma aca afata irindi barabara. Haciye akanya, twarahagaritswe n’umugwi w’abaroberi bafise inkoho maze badutegeka kuva mu modoka. Bahejeje kudusambisha, baciye batureka turabandanya. Mu nyuma twarahagaritswe n’uwundi mugwi w’abasoda. Kubera ko umwe mu bo twari kumwe yari azinanye n’umukomanda wabo, na bo nyene baraturetse turabandanya. Tugeze ku mpera y’igisagara, twarahuye n’umugwi ugira gatatu w’abaroberi na bo bakaba baradusambishije ariko baca badutegeka gufata iyindi nzira. Igihe twariko turagenda tugana mu buraruko, twaraciye ku yandi mabariyeri menshi gushika ku kagoroba igihe umuduga twarimwo wari wuzuye inkungugu washika i Conakry.

Mu zindi ngendo nagize mu nyuma naratwara amakarato y’ibisohokayandikiro, ibikoresho vyo mu biro, impapuro z’ishami be n’imfashanyo. Akenshi nagenda n’imodoka be n’ibisi. Ariko kandi narakoresha abikorezi be na twa twato dutoduto kugira ngo ncishe ivyo bisohokayandikiro mu mashamba nongere ndabijabukane inzuzi.

Igihe kimwe ntwaye i Conakry ibikoresho nkuye i Freetown, ibisi narimwo yarahagaritswe n’abasoda b’abaroberi ku mupaka. Umwe muri bo yarabonye imizigo nari mfise aca atangura kunsambisha abigiranye umwikeko. Naciye mbona muri abo baroberi umuntu twari twariganye. Abasoda bamwita Asase, kandi ni we yaboneka ko akaze kurusha abandi. Narabwiye uwo yariko aransambisha ko nari nje kuraba uwo batazira Asase, maze nca ndamuhamagara. Asase yaciye ubwo nyene anyibuka aca aza ariruka kundaba. Twararwanye mu nda turatwenga. Yaciye yongera kujinyika.

Yambajije ati: “Hari ingorane wagize?”

Nishuye nti: “Ndiko ndagerageza kuja muri Guinée.”

Yaciye ubwo nyene ategeka abo basoda ngo bareke ibisi twarimwo irengane iyo bariyeri batarinze kuyisaka.

Kuva ico gihe, igihe cose naba mpagaze kuri iyo bariyeri, Asase yaca ategeka abasoda kundeka ngo ndengane. Naraha abasoda ibinyamakuru kandi barabikunda cane. Budakeye na kabiri bari basigaye banyita ngo Umunara w’Inderetsi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika