ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 166-rup. 167 ing. 3
  • Umuragi wa mbere yemeye ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuragi wa mbere yemeye ukuri
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • ‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Nukerebukire Kurondera Abantu b’Ibitumva mu Cibare Cawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ukuntu Imana yitaho abaragi
    Ibindi biganiro
  • Abaragi ntibibagiwe
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 166-rup. 167 ing. 3

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Umuragi wa mbere yemeye ukuri

José Pérez

  • YAVUTSE 1960

  • YABATIJWE 1982

  • IVYIWE MURI MAKE José akiri agahungu gatoyi yarakwegerewe n’ukuri biciye ku rukundo rwari mw’ishengero, naho muri ryo ata n’umwe yari azi ururimi rw’ibimenyetso.

Ifoto ku rup. 166

NKIRI umwana, narazivye amatwi maze nca ndiga ururimi rw’ibimenyetso mw’ishure ry’abaragi. Natanguye kumenya ukuri mfise imyaka 11, igihe umuryango umwe w’Ivyabona twabana wantumira ku makoraniro. Naho ntatahura ibivugwa, kubera ko bampaye ikaze n’igishika cinshi, narafashe ingingo yo kubandanya nitaba amakoraniro. Benshi mw’ishengero barantumira tugasangira ibifungurwa canke tugakorana ibindi bintu.

Nabaye umwamamaji mu 1982, kandi mu mpera z’uwo mwaka narabatijwe. Mu 1984 narubakanye na Eva, na we nyene akaba ari umuragi. Naho hari ukuri kwo muri Bibiliya tutatahura cane, twaremera ko turi mw’ishirahamwe rya Yehova kubera twabona ca kimenyetso kiranga abakirisu b’ukuri, na co kikaba ari urukundo, kandi twarakunda cane kwifatanya n’ishengero.​—Yoh. 13:35.

Mu 1992 haratunganijwe ivy’uko hagira bashiki bacu na bene wacu bigishwa ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Abo bamamaji baciye batangura kurondera abaragi no kubabwira inkuru nziza. Mu nyuma, mu 1994, igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu rurimi rw’ibimenyetso cararushirije gutera imbere igihe umugabo umwe n’umugore wiwe bava muri Porto Riko bakaza kw’ishami kwigisha abavukanyi na bashiki bacu 25 ururimi rw’ibimenyetso.

Mu nyuma muri uwo mwaka, twe na Eva twaratanguye kwitaba amakoraniro mu mugwi w’ururimi rw’ibimenyetso waheruka gushingwa. Igihe twatangura kwitaba amakoraniro mu rurimi rw’ibimenyetso ni ho twatangura kurushiriza gutahura ido n’ido inyigisho zo muri Bibiliya, nk’iyijanye n’ukuntu Shetani yarwanije ubusegaba bwa Yehova be n’uruhara Ubwami bwa Mesiya bufise mu mugambi w’Imana.

Kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 1995, i Santo Domingo n’i Santiago harashinzwe amashengero y’ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Gushika muri Myandagaro 2014, hari amashengero y’ururimi rw’ibimenyetso 26 n’imigwi 18.

Twe na Eva ururimi nyamukuru twigishije abana bacu ni urw’ibimenyetso. Umuhungu wacu w’imfura, Éber, akorera mu rwego rujejwe guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso kw’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ndi umukozi w’ishengero, Eva na we ni umutsimvyi asanzwe.

Iterambere mu bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika kuva mu 1995 gushika mu 2014

  • 1995

    Amashengero 2

    Ifoto ku rup. 167
  • 2014

    Amashengero 26, n’imigwi 18

    Ifoto ku rup. 167
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika