ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 16-rup. 17 ing. 4
  • Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • Kwihutisha ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Inyubakwa zubatswe imbere y’ikiza
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 16-rup. 17 ing. 4
Ifoto ku rup. 16

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi

IYONGEREKANA ryihuta ririko riraba mw’ishirahamwe rya Yehova ririko riratuma mu turere twinshi harushiriza gukenerwa izindi Ngoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro, ibibanza vyo kugiriramwo amashure y’ivya gitewokarasi, ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene, n’inyubakwa z’amashami. Ku bw’ivyo, muri Gitugutu 2013, Inama Nyobozi yarashizeho urwego rushasha kugira ngo ibikorwa vyo gucapa imigero, kwubaka, gusanura, no kubungabunga inyubakwa zacu, bikorwe mu buryo bwiza kandi hadasesaguwe amahera. Urwo rwego rushasha rwitwa Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi. Ruri ku cicaro gikuru cacu i Brooklyn muri New York, kandi rukora ruhagarikiwe na Komite nshingwasohora y’Inama Nyobozi.

Urwo Rwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi ni rwo ruhagarikira Urwego rw’akarere rujejwe imigero n’ubwubatsi. Urwo rwego rw’akarere rwarashinzwe kuri aya mashami akurikira: Afrika y’Epfo, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ostraliya, n’Ubudagi. Izo nzego z’akarere zo kuri ayo mashami ni zo zihagarikira ivyo gucapa imigero, kwubaka, no kubungabunga inyubakwa mu turere zijejwe. Icatumye urwo rwego rushirwaho ni ukugira ngo igikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami cihutishwe. Mu myaka iheze, Ingoro z’Ubwami zubakwa biciye kuri Komite y’ubwubatsi y’akarere canke biciye kuri ya porogarama yo gufasha ibihugu bifise uburyo buke. Iyo komite n’iyo porogarama ubu vyarapoperanijwe mu ntumbero yo gushira inguvu hamwe kugira ngo igikorwa co kwubaka kinyaruke.

Kugira ngo amashami ashobore guhagarikira neza ubwubatsi bw’izo Ngoro z’Ubwami n’izo Ngoro z’amateraniro ziguma zirushiriza gukenerwa, kuri buri shami harashinzwe Urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi. Urwo Rwego rutanga amaraporo yarwo kuri Komite y’ishami rukukira. Ikintu gishimishije cavuye muri ayo mahinduka ni uko ubu buri shami rishobora kugena abubatsi b’Ingoro z’Ubwami b’igihe cose ngo bafashe abavukanyi bo mu mashengero kwubaka Ingoro z’Ubwami n’Ingoro z’amateraniro.

Muri Ndamukiza 2014, hariho amaporoje manini y’ubwubatsi arenga 270 yari akeneye kurangizwa, muri yo hakaba hari harimwo ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene 90, Ingoro z’amateraniro 35, n’amaporoje 130 yo ku mashami. Vyongeye, harakenewe cane Ingoro z’Ubwami. Izirenga 14.000 zirakeneye kwubakwa canke gusanurwa.

Ese ukuntu bikomeza ukwizera kubona abasavyi ba Yehova bunze ubumwe barengera ibibatandukanya, nk’ubwenegihugu, imico kama, n’indimi kugira bubake ibibanza bituma izina ryeranda rya Yehova rishemezwa! Umuvukanyi Dan Molchan wo mu biro vya Komite nshingwabakozi ku cicaro gikuru, avuga ati: “Haracariho ibikorwa vyinshi bikenewe gukorwa. Ku bw’ivyo, turakenguruka cane amasengesho abavukanyi na bashiki bacu batura, hamwe n’intererano batanga kugira bashigikire ivyo bikorwa. Ariko turashimira cane abavukanyi na bashiki bacu bitanga babikunze bagafasha muri ubwo bwubatsi.”

GUSHIKA MURI NDAMUKIZA 2014, HARIHO AMAPOROJE MANINI Y’UBWUBATSI ARENGA 270 YARI AKENEYE KURANGIZWA, MURI YO HAKABA HARI HARIMWO:

  • Ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene 90

  • Ingoro z’amateraniro 35

  • Amaporoje 130 yo ku mashami

Harakenewe cane kandi Ingoro z’Ubwami. Izirenga 14.000 zirakeneye kwubakwa canke gusanurwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika