ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 19-rup. 23 ing. 1
  • Ntikomeye ngo isigaze!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntikomeye ngo isigaze!
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibipfukisho vyitunatuna
  • Bibiliya y’isi nshasha mu zindi ndimi
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
  • Ni ikimenyamenya c’urukundo, ukwizera n’ukugamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Gusohora igitabu gihambaye kuruta ibindi vyose
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 19-rup. 23 ing. 1
Ifoto ku rup. 19

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Ntikomeye ngo isigaze!

BIBILIYA ni co gitabu Ivyabona vya Yehova bakunda kuruta ibindi vyose. Twama tuyikoresha mu kwiyigisha no mu kwigisha abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Mat. 24:14) Ku bw’ivyo, abavukanyi bacu barakoze ibishoboka vyose kugira ngo ibikoresho vyakoreshejwe mu gukora ya nteguro yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha yo mu congereza bibe ibibereye ijisho kandi bikomeye.

Igihe abavukanyi bacu bo kw’icapuriro ry’i Wallkill, i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika babwira umuyobozi w’ikompanyi imwe ikora ibipfukisho vy’ibitabu ingene bipfuza ko iyo Bibiliya yoba imeze, uno yababwiye ati: “Iyo Bibiliya mushaka ntibaho.” Yongeyeko ati: “Birababaje ariko ni ukuri, Bibiliya nyinshi zikorwa kugira ziboneke neza gusa, si kugira ngo zirambe cane.”

Zimwezimwe mu nteguro za kera za Bibiliya y’isi nshasha wasanga zitamara na kabiri. Ku bw’ivyo, abavukanyi bakorera kw’icapuriro ry’i Wallkill baragize icigwa citondewe ku bikoresho n’ubuhinga bwo gufatanya no gupfuka ibitabu. Barondera ingene bokora Bibiliya itononekara, yaba bivuye ku gukoreshwa cane canke bitumwe n’uko iri mu karere gakanye cane canke gashushe cane. Bafatiye ku vyavuye muri ico cigwa, baciye bakora Bibiliya maze baziha Ivyabona bo mu turere dushushe cane be n’udukanye cane kugira bapime ubukomezi bwazo.

Haciye amezi atandatu, baragarukanye izo Bibiliya maze abavukanyi bararyohora ukuntu bari bazikoze baca baratanga izindi. Zose hamwe zari Bibiliya zirenga 1.690, ariko nkeyi gusa ni zo zononekaye cane kubera amasanganya. Nk’akarorero, hari Bibiliya yaciweko n’imodoka, iyindi yibagiriwe hanze imara ijoro ryose iriko iranyagirwa, iyindi na yo aho yari iri haratewe n’amazi y’umwuzure.

Mu 2011, magingo za Bibiliya zariko zirapimwa, haraguzwe imashini nshasha zifatanya impapuro buravyo kugira zikoreshwe mu macapuriro y’i Ebina mu Buyapani n’i Wallkill muri Amerika. Intumbero ntiyari iyo gusa gucapura Bibiliya zari zikenewe ku musi iyo Bibiliya yari gusohorerwako, ariko kandi kwari kugira ngo muri ivyo bibanza vyompi hacapurirwe Bibiliya zimeze kumwe.

Ibipfukisho vyitunatuna

Ifoto ku rup. 21

Izo bakoze ubwa mbere, ibipfukisho vyazo vyaciye vyitunatuna

Mu ntango z’umwaka wa 2012, ayo macapuriro yompi yaratanguye gucapura integuro yo mu 1984 ya Bibiliya y’isi nshasha, bakoresheje bimwebimwe muri ivyo bikoresho bishasha vyo gukora ibipfukisho. Ariko rero, igihimba c’indani c’igipfukisho be n’uburembo vyakoreshejwe n’izo mashini nshasha ntivyari vyarapimwe. Icavuyemwo ni uko ivyo bipfukisho vyaciye vyitunatuna. Baciye rero bahagarika gucapura izo Bibiliya.

Abakoze kimwe muri ivyo bikoresho bariyemereye ko iyo ngorane ikunze gushika mu mahinguriro afatanya ibitabu, bakaba rero babona ko idashobora gutorerwa umuti. Kubera ko abavukanyi bari biyemeje gukora Bibiliya z’igipfukisho coroshe, gikomeye kandi kibereye ijisho, ntibaciye baheba uwo mugambi ngo bakore Bibiliya z’igipfukisho kigumye. Haciye amezi hafi ane bapima basubira, bararonse uburembo n’igihimba c’indani c’igipfukisho kibereye kugira bakore Bibiliya z’igipfukisho coroshe kandi kitituna. Igikorwa co gucapura caciye gisubira gutangura.

Ifoto ku rup. 22

Aho bafataniriza impapuro kw’icapuriro ry’i Wallkill

Iyo Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo yari gusohorwa kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu 2013 kw’ikoraniro rigirwa buri mwaka ritunganywa n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Ayo macapuriro yaronse igisomwa c’iyo Bibiliya ku wa gatanu igenekerezo rya 9 Myandagaro 2013, bukeye bw’aho aca aratangura kuyicapura. Kw’itariki 15 z’ukwo kwezi ni ho Bibiliya isubiwemwo ya mbere yaheza gucapurwa. Mu mayinga indwi yakurikiye, abakorera mu macapuriro ari i Wallkill n’i Ebina barakoze ijoro n’umurango kugira bacapure bongere barungike Bibiliya zirenga 1.600.000. Izo ni zo zari zikenewe kugira umuntu wese yitavye rya koraniro aronke iyo Bibiliya.

Turetse ko iyo Bibiliya ica ibibatsi kandi ikaba itazova ku musozi, ubutumwa butanga ubuzima buri muri yo ni bwo buhambaye cane. Mushiki wacu umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika igihe yaronka iyo Bibiliya, yanditse ati: “Ubu ko twaronse iyi nteguro nshasha, ndashobora kurushiriza gutahura ivyo nsoma muri Bibiliya.”

Ubuhinduzi bwa Bibiliya

Gushika ku wa 31 Myandagaro 2014, Bibiliya y’isi nshasha yari imaze guhindurwa mu ndimi 124, yaba yose canke igice cayo. Ng’izo izasohowe mu mwaka w’umurimo wa 2014.

IGIHE ZASOHOREWEKO

AHO ZASOHOREWE

URURIMI

IYASOHOWE

6 Nyakanga 2013

Afrika y’Epfo

Igiswati

Ivyanditswe vy’ikigiriki

20 Nyakanga 2013

Paraguay

Guarani

Ivyanditswe vy’ikigiriki

17 Nzero 2014

Timor oriental

Tetum

Ivyanditswe vy’ikigiriki

5 Mukakaro 2014

Ukraine Ikinya

Ukraine

Bibiliya yose

8 Myandagaro 2014

Estoniya

Ikinyestoniya

Bibiliya yose

22 Myandagaro 2014

Ubwongereza

Igiperesi

Ivyanditswe vy’ikigiriki

22 Myandagaro 2014

Zambiya

Igishitonga

Bibiliya yose

22 Myandagaro 2014

Zambiya

Kikaonde

Bibiliya yose

22 Myandagaro 2014

Kenya

Luo

Ivyanditswe vy’ikigiriki

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika