ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 30
  • Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo ukwiye kumenya
  • Ivyo wokora
  • Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 30
Umugabo yunamitse umutwe yihebuye, umugore na we araba mw’idirisha yavunitse umutima.

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano

Umugore umwe yaramenye ivyo umugabo wiwe yakorera mu mpisho. Nya mugabo yarasavye imbabazi rwose, avuga ko agihe kubiheba, kandi yarabikoze. Ariko haciye igihe, vyarasubiriye, akama ari muri “mbabarira sinzosubira.”

Woba nawe ufise iyo ngorane? Nimba ufise iyo ngorane, urakeneye gutahura ingaruka iyo ngeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni igira ku wo mwubakanye n’ingene woyiheba burundu.a

Ibivugwa muri iki kiganiro

  • Ivyo ukwiye kumenya

  • Ivyo wokora

  • Nimba umugabo wawe araba amashusho y’ibiterasoni

Ivyo ukwiye kumenya

Amashusho y’ibiterasoni arashobora gusambura umubano. Arashobora gutuma uwo mwubakanye agira inzika, ntabe akikwizigira.b

Umugore afise umugabo araba amashusho y’ibiterasoni arashobora. . .

  • kwumva yahemukiwe. Umugore yitwa Sarah avuga ati: «Numva umengo umugabo wanje yarenze ibigo incuro n’izindi.»

  • kwumva ata co amaze. Umugore umwe yavuze ko kuba umugabo wiwe yararaba mwene ayo mashusho vyatuma abona «ko ari mubi, akumva amaramaye.»

  • kutamwizigira. Umugore yitwa Helen avuga ati: «Naguma nicura ko umugabo wanje aho ari hose ariko araba ayo mashusho.»

  • kwumva amaganya. Umugore yitwa Catherine agira ati: «Umwanya wose nama mpagaritswe umutima n’iyo ngeso umugabo wanje yari afise.»

Zirikana iki kintu: Bibiliya ibwira umugabo gukunda umugore wiwe. (Abanyefeso 5:25) Mbega umugabo atuma umugore wiwe yiyumva nk’uko vyavuzwe aho haruguru, yovuga ko amukunda?

Ivyo wokora

Ingeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni ntiyoroshe guheba. Umugore yitwa Stacey atwiganira ati: «Umugabo wanje yarahevye itabi, urumogi n’inzoga. Ariko vyaranse ko aheba amashusho y’ibiterasoni.»

Nimba nawe ari ukwo bimeze, ehe ivyogufasha guheba iyo ngeso burundu.

  • Nutahure igituma ayo mashusho ari mabi. Amashusho y’ibiterasoni atuma umuntu arondera kwiryohera wenyene. Ivyo bica bituma mu rugo hataba urukundo, ukwizerana n’ukudahemukiranira kandi ivyo bikenewe ngo abubakanye bagire urugo rwiza. Kuraba ayo mashusho birerekana kandi ko umuntu atubaha Yehova Imana we yashinze umubano w’ababiranye.

    Ico Bibiliya ivuga: «Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka.»​—Abaheburayo 13:4.

  • Ntute amakosa ku wo mwubakanye. Ntuvuge ngo: “Iyaba umugore wanje anyereka urukundo bikwiye, sinokwiriwe ndaraba ayo mashusho.” Utaye amakosa ku mugore wawe uba umurenganije, kandi bituma uronka icitwazo co kuraba ayo mashusho igihe cose adakoze ivyo wari wipfuza.

    Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha.»​—Yakobo 1:14.

  • Nuze uramubwira ukuri. Umugabo yitwa Kevin avuga ati: «Nama mbwira umugore wanje uko umusi wagenze. Ndamubwira yuko amashusho ateye amakenga narabutswe naciye ndayirinda canke nagumye ndayaraba. Ivyo bituma atumva ko hari ico ndamuhisha.»

    Ico Bibiliya ivuga: «Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»​—Abaheburayo 13:18.

  • Nugume uri maso. Urashobora gusubira kuraba ayo mashusho naho hoba haciye imyaka myinshi witwa ko wabihevye. Umwe Kevin twavuga kare agira ati: «Naramaze imyaka cumi ntaraba amashusho y’ibiterasoni, bica bituma niyumvira ko natsinze iyo ngeso. Ariko iyo ngeso yari yaravye gusa, irindiriye akaryo keza ngo yongere ivyure umutwe.»

    Ico Bibiliya ivuga: «Uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.»​—1 Abakorinto 10:12.

  • Igihe ugize icipfuzo co kuyaraba, nufate ifire. Naho icipfuzo co kuraba ayo mashusho gishobora kukuzamwo utabishaka, urashobora guhitamwo kuyaraba canke kutayaraba. Ico cipfuzo kirateba kigahera. Kirashobora kuguheramwo ningoga igihe uciye wiyumvira ibindi bintu.

    Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese muri mwebwe akwiye kumenya kuganza umubiri wiwe bwite kugira ugume ari mweranda kandi uteye iteka. Ntimube nk’abantu birekerana mu vy’inambu y’umubiri, badahera ipfa.”​—1 Abatesalonika 4:4, 5.

  • Niwirinde ibintu vyotuma usubira kugwa mu mutego. Igitabu kimwe (Willpower’s Not Enough) kivuga giti: “Igihe uri ahantu canke mu bintu bishobora gutuma ugira ivyipfuzo bibi, akantu gatoyi karashobora kuba imbarutso ituma usubira kugwa mu ngeso mbi.”

    Ico Bibiliya ivuga: «Ese hatogira ikibi na kimwe kinyizizira!»​—Zaburi 119:133.

  • Ntiwihebure. Kugira ngo uwo mwubakanye asubire kukwizera, birashobora gutwara igihe kirekire, mbere n’imyaka. Ariko ivyashikiye abandi birerekana ko ashobora gusubira kukwizera.

    Ico Bibiliya ivuga: «Urukundo rurihangana.»​—1 Abakorinto 13:4.

Umugabo n’umugore bicaranye, bariko barayaga bafatanye amaboko.

a Naho iki kiganiro cerekeza ku bagabo, ivyiyumviro bivugwamwo biraraba n’abagore baraba amashusho y’ibiterasoni.

b Hari abubakanye bavuga ko kurabira hamwe amashusho y’ibiterasoni bituma umubano wabo urushiriza kumera neza. Ariko ivyo birateye kubiri n’ivyo Bibiliya ivuga.​—Imigani 5:15-20; 1 Abakorinto 13:4, 5; Abagalatiya 5:22, 23.

Nimba umugabo wawe araba amashusho y’ibiterasoni

Ntiwiyagirize. Ntuce wiyumvira ko utari umugore mwiza, ko utagira igikundiro canke ko ata co umaze. Ayo mashusho atuma abayaraba bagira ivyipfuzo bidahera kandi kenshi biteye kubiri n’uko Imana yaturemye. Nta mugore ashobora kumara ipfa umugabo afise mwene ivyo vyipfuzo.

Woba ushobora gufasha umugabo wawe gusubira kukwizera? Birashoboka, canecane igihe aba agira uko ashoboye ngo ahebe iyo ngeso. Umugore yitwa Felicia ahora afasha umugabo wiwe kumenya ivyotuma yipfuza kuraba ayo mashusho mabi, n’ivyo yokora ngo ayirinde. Felicia avuga ati: «Ndazi ko umugabo wanje ari we afise ingorane. Si jewe. Ariko ndamufashije, mba mfashije urugo rwacu.»​—Umusiguzi 4:9-12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika