ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 111
  • Noba nkwiye kubatizwa?​—Igice ca 3: Ni igiki kimbuza kubatizwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba nkwiye kubatizwa?​—Igice ca 3: Ni igiki kimbuza kubatizwa?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bite ho igihe nokora igicumuro gikomeye maze kubatizwa?
  • Bite ho nimba ntinya ko ninabatizwa nzogira ibikorwa vyinshi?
  • Bite ho igihe mbona yuko ntabereye gukorera Yehova?
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Gukwiza Ibisabwa Kugira Umuntu Abatizwe Rukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 111
Umugabo ariko arabatizwa mu kiyaga, abandi na bo bakaba bariko baravyitegereza.

URWARUKA RURIBAZA

Noba nkwiye kubatizwa?​—Igice ca 3: Ni igiki kimbuza kubatizwa?

Kwiyegurira Yehova no kubatizwa vyoba bigutera ubwoba? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kiraza kugufasha gutsinda ubwo bwoba.

Ivyo turimbura muri iki kiganiro

  • Bite ho igihe nokora igicumuro gikomeye maze kubatizwa?

  • Bite ho nimba ntinya ko ninabatizwa nzogira ibikorwa vyinshi?

  • Bite ho igihe mbona yuko ntabereye gukorera Yehova?

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Bite ho igihe nokora igicumuro gikomeye maze kubatizwa?

Igituma vyoshika ukibaza ukwo: Kumbure woba uzi umuntu yigeze gukora igicumuro gikomeye bica biba ngombwa ko akurwa mw’ishengero. (1 Abakorinto 5:11-13) Ushobora kuba utinya ko nawe vyogushikira.

“Igihe natangura kwiyumvira ivyerekeye kubatizwa naratinya ko nohava nkora igicumuro gikomeye inyuma y’ibatisimu. Naguma niyumvira ukuntu nobaye maramaje abavyeyi banje.”​—Rebekah.

Icanditswe nyamukuru: “Umubisha nahebe inzira yiwe, . . . nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane.”​—Yesaya 55:7.

Zirikana kuri ibi bintu: Naho abacumuzi batigaya bakurwa mw’ishengero, Yehova aragirira imbabazi abigaya kandi bakemera gukosorwa.​—Zaburi 103:13, 14; 2 Abakorinto 7:11.

Vyongeye, ukuri ni uku: Naho udatunganye, urashobora gutsinda ibigeragezo ufashijwe n’Imana. (1 Abakorinto 10:13) Nakare, ni nde aguhitiramwo ivyo uzokora? Ni wewe canke uwundi muntu?

“Naratinya ko nari gushobora gukora igicumuro gikomeye inyuma y’ibatisimu. Ariko naratahuye ko nari kuba nkoze ikosa iyo ntabatizwa. Naratahuye ko ntari kureka kubatizwa kubera gusa ntinya ivyoshobora kuba muri kazoza.”​—Karen.

Iciyumviro nyamukuru: Niwahitamwo kubatizwa, birashoboka ko wirinda ibicumuro bikomeye cokimwe n’abandi basavyi ba Yehova benshi.​—Abafilipi 2:12.

Woba ukeneye ibindi vyogufasha? Raba ikiganiro kivuga ngo “Nonanira gute ibigeragezo?”

Bite ho nimba ntinya ko ninabatizwa nzogira ibikorwa vyinshi?

Igituma vyoshika ukibaza ukwo: Nk’akarorero ushobora kuba uzi abakiri bato bimukiye kure y’incuti n’abagenzi kugira bakore vyinshi mu gikorwa ca Yehova. Uratinya yuko abantu bokwitega ko nawe wobigenza uko nyene.

“Iyo umukirisu abatijwe aba aronse akaryo ko gukora vyinshi. Ariko hari abo usanga babona ko hataragera, abandi ugasanga uko ivyabo vyifashe ntibibakundira kubigira.”​—Marie.

Icanditswe nyamukuru: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Abagalatiya 6:4.

Zirikana kuri ibi bintu: Aho kwigereranya n’abandi, niwibande ku majambo yo muri Mariko 12:30 avuga ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose.”

Urabona ko ukwiye gukorera Yehova n’umutima wawe wose. Ntukwiye kumukorera bivuye ku wundi muntu. Nimba vy’ukuri ukunda Yehova, uzorondera uturyo two kumukorera ivyo ubwawe ushoboye vyose.

“Naho kubatizwa ari intambwe ikomeye, si umuzigo. Niwifatanya n’abagenzi beza, bazobigufasha. Uko uzogenda urongerereza ivyo ukora mu gikorwa ca Yehova uzohimbarwa. Niwaguma utinya kubatizwa urashobora kuba uriko urigirira nabi.”​—Julia.

Iciyumviro nyamukuru: Nurushirize gukenguruka urukundo Yehova yakugaragarije. Ivyo bizotuma umukorera ivyo ubwawe ushoboye vyose.​—1 Yohani 4:19.

Woba ukeneye ibindi vyogufasha? Raba ikiganiro kivuga ngo “Nitaho ibintu ukungana iki?”

Bite ho igihe mbona yuko ntabereye gukorera Yehova?

Igituma vyoshika ukibaza ukwo: Yehova ni Segaba w’ibiriho vyose. Umugereranije na twebwe abantu, turi ubusa. Urashobora kuba wibaza nimba Yehova azi ko unabaho.

“Naribaza nimba mfitaniye ubucuti na Yehova kubera gusa abavyeyi banje ari Ivyabona be n’uko Yehova yankwegereye kubera bo.”​—Natalie.

Icanditswe nyamukuru: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.”​—Yohani 6:44.

Zirikana kuri ibi bintu: Kuba uriko uriyumvira ivyo kubatizwa bishobora kuba vyerekana ko Yehova ariko agukwegera kuri we kugira urushirize kuba umugenzi wiwe. Woba ukeneye kwemera ubwo butumire?

Niwibuke kandi yuko Yehova ari we abwira abo bose atumira ngo bamwiyegereze ivyo abasaba. Nta wundi muntu yogushingira ivyo wokora. Ijambo ry’Imana rigukura amazinda ko ‘niwiyegereza Imana, izoca ikwiyegereza.’​—Yakobo 4:8.

“Kuba uzi ivyerekeye Yehova kandi akaba yaragutumiye ngo umwiyegereze ni ikimenyamenya c’uko agukunda. Rero nimba wibaza yuko utabereye kumukorera niwibuke ko atari ko abibona. Vyongeye Yehova yama akora ibibereye.”​—Selina.

Iciyumviro nyamukuru: Nimba ukwije ibisabwa bishingiye kuri Bibiliya kugira ubatizwe, bisigura ko ubereye gukorera Yehova. Niwibuke kandi yuko abereye ko umusenga.​—Ivyahishuwe 4:11.

Woba ukeneye ibindi vyogufasha? Raba ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki nosenga?”

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Skye.

“Gutinya ko utobishobora ntibikwiye kukubuza kubatizwa. Ni nko kugira uruhara mw’isiganwa. Woshobora guhitamwo kutiruka kubera gutinya ko wotemba. Ariko utemvye urashobora kuvyuka. Udatanguye kwiruka ntuzokwigera ushika ku murongo wa nyuma.”​—Skye.

Vinicio.

“Nta muntu areka kurondera uruhusha rwo gutwara umuduga ngo ni uko atinya kugira isanganya. Ni cokimwe no kubatizwa. Turakwiye kwitunira ku gukomeza ubugenzi somambike dufitaniye na Yehova, aho guhagarika umutima twiyumvira ku bishobora kuzoba.”​—Vinicio.

Isubiramwo: Ni igiki kimbuza kubatizwa?

  • Gutinya gukora igicumuro gikomeye. Niwahitamwo kubatizwa, birashoboka ko wirinda ibicumuro bikomeye cokimwe n’abandi basavyi ba Yehova benshi.

  • Gutinya ibikorwa vyiyongereye. Nurushirize gukenguruka urukundo Yehova yakugaragarije. Ivyo bizotuma umukorera ivyo ubwawe ushoboye vyose.

  • Gutinya kubera wibaza ko utabibereye. Nimba ukwije ibisabwa bishingiye kuri Bibiliya kugira ubatizwe, bisigura ko ubereye gukorera Yehova. Niwibuke kandi yuko abereye ko umusenga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika