ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 114
  • Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki numva ntagishaka kubaho?
  • Urwaruka ruribaza
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Sinokwiyahura bigahera biheze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nokwihanganira gute akabonge?
    Urwaruka ruribaza
  • 2 Kubera ko hariho ivyogufasha
    Be maso!—2014
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 114
Umwigeme afise intuntu ariko arabira mw’idirisha imvura iriko iragwa.

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

“Mu myaka mike iheze, nari mfise amaganya menshi ku buryo numva umengo nama ndiko ndarwana no kuzimya umuriro. Muri ivyo bihe, nariyumvira kwiyahura. Ariko sinipfuza gupfa. Nashaka gusa ko uwo mubabaro uhera.”​—Jonathan, w’imyaka 17.

Mw’itohoza rimwe ryagizwe ku banyeshure 14.000 bo mu mashure yisumbuye, umunyeshure 1 kuri 5 yariyemereye ko yagize ivyiyumviro vyo kwiyahura mu mezi cumi n’abiri aheze.a None wokora iki nimba nawe wumva umengo kubaho nta co bimaze?

  • Nurindire. Nufate ingingo yuko utazokora ikikujemwo cose igihe wumva ushaka kwiyahura. Naho woba wumva umengo ingorane zirakurengeye, hari ibintu wokora vyogufasha kuvyihanganira.

Umwigeme ariko arondera inzira yocamwo.

Woshobora kubona umengo nta muti uhari w’ingorane ufise. Ariko rero, igihe cose wiyumviriye ikintu ntibica bisobanura ko kiba ari co. Igihe dushikiwe n’ingorane hari uburyo bwinshi twovyifatamwo, ariko vyoshobora gushika ukaronka umuti w’iyo ngorane vuba kuruta uko uvyibaza.

  • Ico Bibiliya ivuga: “Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”​—2 Abakorinto 4:8.

    Iciyumviro: Nimba uguma wiyumvira kwiyahura, nurondere ibintu vyogufasha biri hafi y’aho uri, nk’akarorero nunyarukire ku bigo vyitwararika abafise ivyiyumviro vyo kwiyahura canke ku bitaro. Abantu bahakorera barigishijwe ingene bogufasha kandi baripfuza kugufasha.

  • Nubiyagire uwundi muntu. Hari abantu bakwitwararika kandi bipfuza kugufasha. Aho hoshobora kuba harimwo incuti n’abagenzi bawe batomenya ingorane ufise kiretse uzibabwiye.

Umwigeme yambaye amarori.

Abantu bamwebamwe barakenera amarori kugira abafashe kubona neza. Muri ubwo buryo nyene, umugenzi arashobora kugufasha gutahura ingorane ufise, gutyo ugasubira kugira icipfuzo co kubaho.

  • Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri . . . yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

    Iciyumviro: Mu gutangura ikiyago, urashobora kuvuga uti: “Maze igihe mfise ivyiyumviro bitabereye. Ubona nobikuyagira?” Canke urashobora kuvuga uti: “Ndafise ingorane ntashobora gutorera umuti jenyene. Ubona womfasha?”

  • Nuje kwa muganga. Ingorane z’amagara nk’amaganya canke akabonge, birashobora gutuma abantu bumva batagishaka kubaho. Inkuru nziza ni uko izo ndwara zivurwa.

Umwigeme agwaye ajumarariwe. Vyanse ko afungura ibifungurwa biri imbere yiwe.

Nka kurya nyene akamangu gatuma utakaza akayabagu, ni ko n’akabonge gatuma wumva utagishaka kubaho. Ariko rero, izo ndwara zompi zirashobora kuvurwa.

  • Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

    Iciyumviro: Nusinzire bihagije kandi ugire siporo wongere ufungure neza. Ingene amagara yawe yifashe birashobora kugira ico bikoze ku kuntu ubona ubuzima.

  • Nusenge. Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu ‘aruta imitima yacu akaba kandi azi ibintu vyose.’ (1 Yohani 3:20) Ubona gute umuyagiye mw’isengesho uno musi? Nukoreshe izina ryiwe Yehova, umubwire uko wiyumva.

Umwigeme ariko arahangayika ngo atware ikintu kiremereye.

Hari ingorane zikomeye cane udashobora gutorera umuti wenyene. Ariko Umuremyi wawe Yehova aripfuza kugufasha.

  • Ico Bibiliya ivuga: “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:6, 7.

    Iciyumviro: Uretse kubwira Yehova ingorane ufise, nugerageze kwiyumvira n’imiburiburi ikintu kimwe womushimira ku musi. (Abakolosayi 3:15) Gukenguruka birashobora kugufasha kwibanda ku bintu vyiza bigushikira mu buzima.

Nimba ubona ko kubaho ata co bimaze nurondere imfashanyo. Ni na vyo Jonathan yavuzwe mu ntango yakoze. Avuga ati: “Nari nkeneye kuyaga n’abavyeyi banje hamwe no kuja kwa muganga. Ariko ubu ni sawa. Naho bishika nkagira umubabaro, sinkigira ivyiyumviro vyo kwiyahura.”

a Iryo tohoza ryagizwe n’ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biraba ivyo gukinga indwara no kuzibuza mu 2019.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Alexandra.

“Ukuntu umuntu yiyumva birahambaye cokimwe n’amagara yo ku mubiri. Aho bitandukaniye ni uko igihe umuntu yavunitse ku mubiri ushobora kubibona, ariko igihe afise umubabaro ku mutima ntivyama vyibonekeza. Igihe ufise umubabaro, ntutinye kuvyiganira uwundi muntu. Ni vyiza gusaba imfashanyo.”​—Alexandra.

Ian.

“Nkiri umwana, abavyeyi banje baramfashije gutahura yuko mu buzima ata ngorane idashobora gutorerwa umuti canke n’imiburiburi udashobora kwihanganira. Kuronka umuntu ndavyiganira, nk’akarorero abavyeyi banje, vyaramfashije gutahura neza ingorane mfise.”​—Ian.

Ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyogufasha

Ubona gute wanditse ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyogufasha igihe ufise amaganya? Ng’ibi bimwebimwe vyogufasha:

Zaburi 34:18: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”

Ico bisobanura: Yehova aritwararika cane abantu babona ko ingorane zabo zibarengeye. Aripfuza kubafasha.

Zaburi 46:1: “Imana ni ubuhungiro n’inkomezi vyacu, ikaba n’imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa.”

Ico bisobanura: Urashobora gusenga Yehova igihe cose wumva amaganya. Ariteguriye kugufasha kwihanganira iyo ngorane kandi aravyipfuza.

Zaburi 94:18, 19: “Igihe navuga nti: ‘Ikirenge canje ntikizobura kugenda kidandabagirana,’ ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwagumye bunshigikiye. Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”

Ico bisobanura: Imana irashobora kuguhumuriza biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya. Rero, ntureke ngo umusi uhere utayisomye.

Zaburi 139:23, 24: “Mana, nunserangure . . . umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya, urabe ko muri jewe hari inzira n’imwe ibabaza, unyobore mu nzira y’igihe kitagira urugero.”

Ico bisobanura: Yehova arakuzi kuruta uko wiyizi. Arashobora kugufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege maze ugasubira kugira umunezero mu buzima.

Yesaya 41:10: “Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”

Ico bisobanura: Mu ngorane zose ucamwo, Yehova arashobora kuguha inkomezi ukeneye kugira uzihanganire.

Incamake: Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

  • Nurindire. Nufate ingingo yuko utazokora ikikujemwo cose igihe wumva ushaka kwiyahura. Hari ibintu wokora vyogufasha kwihanganira ingorane ufise.

  • Nubiyagire uwundi muntu. Incuti n’abagenzi bawe ntibazomenya ingorane ufise utazibabwiye.

  • Nuje kwa muganga. Kwumva ushaka kwiyahura kirashobora kuba ari ikimenyetso c’indwara y’akabonge, ikaba ari indwara ivurwa igakira.

  • Nubwire Imana uko wiyumva mw’isengesho. Irakuzi kuruta uko wiyizi, kandi yipfuza kugufasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika