Icofasha abakorerwa amabi mu ngo
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga riti: «Kw’isi yose amabi akorerwa abakenyezi asigaye yiraye nk’ikiza, kandi birahambaye ko hagira igikozwe kugira ahagarare.» Iryo shirahamwe rivuga ko hafi ibice 30 kw’ijana «vy’abakenyezi bubatse canke bafise abo bakundana bamaze gukubagurwa canke gukorerwa amabi afatiye ku gitsina.» Vyongeye, raporo imwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko mu mwaka umwe, kw’isi yose nk’abakenyezi 137 bapfa ku musi bishwe n’uwo bubakanye canke bishwe n’uwundi muntu wo mu muryango.a
Amatohoza arashobora kwerekana ukuntu amabi akorerwa mu ngo ateza ingorane zikomeye, ariko ntadondora intuntu n’ububabare bwo ku mubiri abayakorerwa bagira.
Woba uri muri abo bakorerwa amabi mu ngo? Canke woba uzi uwo biriko birashikira? Nimba ari ukwo biri, raba ivyiyumviro vyo muri Bibiliya vyofasha.
Kuba uriko urashikirwa n’ayo mabi si ikosa ryawe
Urashobora kuronka ivyogufasha
Ukuntu wofasha uwukorerwa amabi mu rugo
Kuba uriko urashikirwa n’ayo mabi si ikosa ryawe
Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri twebwe . . . azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze.»—Abaroma 14:12.
Niwibuke iki kintu: Uwugukorera amabi azobibazwa.
Nimba uwo muntu agukorera amabi avuga ko ari wewe utuma aguhohotera, arabesha. Abakenyezi bakwiye gukundwa aho gufatwa nabi.—Abakolosayi 3:19.
Rimwe na rimwe, uwugukorera ayo mabi hari aho abitumwa n’uko afise ingorane zo mu mutwe, umuryango yakuriyemwo canke na ho akaba abitumwa n’ukuba anywa inzoga nyinshi. Naho ari ukwo, azokwibarizwa n’Imana ku bijanye n’ukuntu agufata. Kandi abwirizwa gukora ivyo ashoboye vyose kugira ahindure iyo ngeso.
Urashobora kuronka ivyogufasha
Ico Bibiliya ivuga: «Iyo hari abajanama benshi [imigambi] iragenda neza.»—Imigani 15:22.
Niwibuke iki kintu: Nimba ubona ko ubuzima bwawe buri mu kaga canke ukaba utabona ico wokora, abandi barashobora kugufasha.
Kubera iki ushobora gukenera ko abandi bagufasha? Nimba ukorerwa amabi mu rugo, hari ibintu vyinshi ushobora kuzirikanako. Igihe uriko uriyumvira ico wokora, birashobora kukubera urugamba kubera uba utabona igihambaye kuruta ibindi muri ibi bintu bikurikira:
Kwikingira wewe ubwawe
Icobera ciza abana bawe
Ukuntu ivy’ubutunzi vyifashe
Urukundo ukunda uwo mwubakanye
Kuba wipfuza kurokora umubano wanyu hamwe uwo mwubakanye yohindura ingeso
Ni ibisanzwe ko wokwumva uzazaniwe kandi urengewe. None ni nde wosaba ngo agufashe?
Umugenzi wizigiye canke uwo mu muryango wawe yoshobora kugufasha mu buryo buboneka akongera akaguhumuriza. Kubiyagira umuntu akwitwararika birashobora kukugirira akamaro.
Inomero woterefonako igihe ukorerwa amabi mu rugo irashobora kugufasha mu buryo bwihuta. Abokwitaba igihe uterefonye barashobora kugufasha kumenya ico wokora kugira wikingire. Nimba uwuhora agukorera ayo mabi yemeye ikosa akaba kandi yipfuza guhindura iyo ngeso, abo wituye kuri iyo nomero barashobora kumufasha kubona ivyo yoba arakora kugira ahinduke.
Hari abandi bashobora kugufasha mu buryo bwihuta nimba uri mu kaga. Muri abo harimwo nk’abaganga, abaforoma canke abandi bantu bavyigiye.
Nturi wenyene
Ico Bibiliya ivuga: «Yehovab ari hafi y’abavunitse umutima. Akiza abadendebukiwe mu mutima.»—Zaburi 34:18.
Niwibuke iki kintu: Imana igusezeranira kugufasha.
Yehova arakwitwararika cane. (1 Petero 5:7) Aratahura ingene wiyumva vy’ukuri. Arashobora kuguhumuriza akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. Vyongeye, agusaba ngo umusenge. Igihe umusenga, urashobora kumusaba kumenya ico wokora be n’inkomezi ukeneye kugira wihanganire ivyo uriko uracamwo.—Yesaya 41:10.
Amabi akorerwa mu ngo azohera
Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri bo azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni ata n’umwe amutera ubwoba.»—Mika 4:4, akajambo k’epfo.
Niwibuke iki kintu: Bibiliya isezerana ko vuba mu ngo zose hazoba harangwa amahoro.
Yehova Imana ni we wenyene ashobora gukuraho ingorane zacu burundu. Bibiliya isezerana iti: «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.» (Ivyahishuwe 21:4) Muri ico gihe, mbere n’ibintu vyatubabaje ntituzoba tukivyibuka kuko bizoba vyasubiriwe n’ibintu vyiza. (Yesaya 65:17) Ivyo ni vyo Bibiliya ikubwira ku bijanye na kazoza karangwamwo amahoro.
a Iki kiganiro cerekeza ku bagore bakorerwa amabi, ariko ivyiyumviro birimwo birerekeye n’abagabo bayakorerwa.
b Yehova ni izina ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.