ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 16
  • Icofasha abakorerwa amabi mu ngo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icofasha abakorerwa amabi mu ngo
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kuba uriko urashikirwa n’ayo mabi si ikosa ryawe
  • Urashobora kuronka ivyogufasha
  • Nturi wenyene
  • Amabi akorerwa mu ngo azohera
  • Murashobora Gutsinda Ingorane Zonona Urugo
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Urukundo n’ubutungane mu kurwanya ububisha
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi
    Bibiliya irahindura ubuzima
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 16
Umugore aboneka ko afise icizigiro ariko aritegereza ikiyaga izuba ririko rirarenga.

Icofasha abakorerwa amabi mu ngo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga riti: «Kw’isi yose amabi akorerwa abakenyezi asigaye yiraye nk’ikiza, kandi birahambaye ko hagira igikozwe kugira ahagarare.» Iryo shirahamwe rivuga ko hafi ibice 30 kw’ijana «vy’abakenyezi bubatse canke bafise abo bakundana bamaze gukubagurwa canke gukorerwa amabi afatiye ku gitsina.» Vyongeye, raporo imwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko mu mwaka umwe, kw’isi yose nk’abakenyezi 137 bapfa ku musi bishwe n’uwo bubakanye canke bishwe n’uwundi muntu wo mu muryango.a

Amatohoza arashobora kwerekana ukuntu amabi akorerwa mu ngo ateza ingorane zikomeye, ariko ntadondora intuntu n’ububabare bwo ku mubiri abayakorerwa bagira.

Woba uri muri abo bakorerwa amabi mu ngo? Canke woba uzi uwo biriko birashikira? Nimba ari ukwo biri, raba ivyiyumviro vyo muri Bibiliya vyofasha.

Kuba uriko urashikirwa n’ayo mabi si ikosa ryawe

Urashobora kuronka ivyogufasha

Nturi wenyene

Amabi akorerwa mu ngo azohera

Ukuntu wofasha uwukorerwa amabi mu rugo

Kuba uriko urashikirwa n’ayo mabi si ikosa ryawe

Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri twebwe . . . azokwibarizwa n’Imana ivyo yakoze.»​—Abaroma 14:12.

Niwibuke iki kintu: Uwugukorera amabi azobibazwa.

Nimba uwo muntu agukorera amabi avuga ko ari wewe utuma aguhohotera, arabesha. Abakenyezi bakwiye gukundwa aho gufatwa nabi.​—Abakolosayi 3:19.

Rimwe na rimwe, uwugukorera ayo mabi hari aho abitumwa n’uko afise ingorane zo mu mutwe, umuryango yakuriyemwo canke na ho akaba abitumwa n’ukuba anywa inzoga nyinshi. Naho ari ukwo, azokwibarizwa n’Imana ku bijanye n’ukuntu agufata. Kandi abwirizwa gukora ivyo ashoboye vyose kugira ahindure iyo ngeso.

Urashobora kuronka ivyogufasha

Ico Bibiliya ivuga: «Iyo hari abajanama benshi [imigambi] iragenda neza.»​—Imigani 15:22.

Niwibuke iki kintu: Nimba ubona ko ubuzima bwawe buri mu kaga canke ukaba utabona ico wokora, abandi barashobora kugufasha.

Kubera iki ushobora gukenera ko abandi bagufasha? Nimba ukorerwa amabi mu rugo, hari ibintu vyinshi ushobora kuzirikanako. Igihe uriko uriyumvira ico wokora, birashobora kukubera urugamba kubera uba utabona igihambaye kuruta ibindi muri ibi bintu bikurikira:

  • Kwikingira wewe ubwawe

  • Icobera ciza abana bawe

  • Ukuntu ivy’ubutunzi vyifashe

  • Urukundo ukunda uwo mwubakanye

  • Kuba wipfuza kurokora umubano wanyu hamwe uwo mwubakanye yohindura ingeso

Ni ibisanzwe ko wokwumva uzazaniwe kandi urengewe. None ni nde wosaba ngo agufashe?

Umugenzi wizigiye canke uwo mu muryango wawe yoshobora kugufasha mu buryo buboneka akongera akaguhumuriza. Kubiyagira umuntu akwitwararika birashobora kukugirira akamaro.

Inomero woterefonako igihe ukorerwa amabi mu rugo irashobora kugufasha mu buryo bwihuta. Abokwitaba igihe uterefonye barashobora kugufasha kumenya ico wokora kugira wikingire. Nimba uwuhora agukorera ayo mabi yemeye ikosa akaba kandi yipfuza guhindura iyo ngeso, abo wituye kuri iyo nomero barashobora kumufasha kubona ivyo yoba arakora kugira ahinduke.

Hari abandi bashobora kugufasha mu buryo bwihuta nimba uri mu kaga. Muri abo harimwo nk’abaganga, abaforoma canke abandi bantu bavyigiye.

Nturi wenyene

Ico Bibiliya ivuga: «Yehovab ari hafi y’abavunitse umutima. Akiza abadendebukiwe mu mutima.»​—Zaburi 34:18.

Niwibuke iki kintu: Imana igusezeranira kugufasha.

Yehova arakwitwararika cane. (1 Petero 5:7) Aratahura ingene wiyumva vy’ukuri. Arashobora kuguhumuriza akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. Vyongeye, agusaba ngo umusenge. Igihe umusenga, urashobora kumusaba kumenya ico wokora be n’inkomezi ukeneye kugira wihanganire ivyo uriko uracamwo.​—Yesaya 41:10.

Amabi akorerwa mu ngo azohera

Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri bo azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni ata n’umwe amutera ubwoba.»​—Mika 4:4, akajambo k’epfo.

Niwibuke iki kintu: Bibiliya isezerana ko vuba mu ngo zose hazoba harangwa amahoro.

Yehova Imana ni we wenyene ashobora gukuraho ingorane zacu burundu. Bibiliya isezerana iti: «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.» (Ivyahishuwe 21:4) Muri ico gihe, mbere n’ibintu vyatubabaje ntituzoba tukivyibuka kuko bizoba vyasubiriwe n’ibintu vyiza. (Yesaya 65:17) Ivyo ni vyo Bibiliya ikubwira ku bijanye na kazoza karangwamwo amahoro.

a Iki kiganiro cerekeza ku bagore bakorerwa amabi, ariko ivyiyumviro birimwo birerekeye n’abagabo bayakorerwa.

b Yehova ni izina ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

Ukuntu wofasha uwukorerwa amabi mu rugo

Woba uzi umuntu akorerwa amabi mu rugo? Naho utoba warigiye ibijanye no gufasha mwene abo bantu, hari ivyo ushobora gufasha.c

Numwumvirize witonze. (Yakobo 1:19) Numubwire ko witeguriye kumwumviriza, ariko ntumuhate ngo akuyagire. Numukure amazinda ko uza kwemera ivyo aza kukubwira.​—Imigani 20:5.

Igitabu kimwe kivuga ivy’amabi akorerwa mu ngo kivuga giti: «Umugore akorerwa amabi mu rugo biramugora kuyagira uwundi muntu. Akenshi [abakorerwa amabi mu ngo] aho kubesha canke ngo barenze urugero, bahitamwo kubihisha canke bakivugisha ko ari ibisanzwe. Birashobora kukugora gutahura ko umuntu usanzwe uzi ahora ahohotera uwo bubakanye. Kenshi umuntu nk’uwo arakwiyorobekako, ariko ari kumwe n’uwo bubakanye akaba igikoko.»

Numuremeshe. (1 Abatesalonika 5:11) Numuyagishe mu buryo butuma abona ko afise agaciro. Numubwire ko umwitwararika. Numwibutse kamere nziza afise kandi umuremeshe kurondera imfashanyo.

Numusabe ko womufasha. (Imigani 17:17) Numufashe mu buryo buboneka, nko mu kumusigaranira abana umwanya muto canke mu kumuronsa ivyo afungura. Numubaze nimba yarategekanije uko azobigenza hamwe ibintu vyokwunyuka, canke nimba afise aho yohungira.

Numufashe gutahura ko ashoboye kwifatira ingingo. (Abagalatiya 6:5) Numuronse amakuru akeneye kandi umuterere ivyiyumviro. Ariko ntumubwire ico akwiye gukora.

c Nimba uri umugabo ukaba uzi umugore akorerwa amabi mu rugo, vyoba vyiza utarondeye kumufasha wewe ubwawe ahubwo ukamusaba kwitura umugenzi wiwe w’umugore kugira amufashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika