ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 22
  • Ingene wovyifatamwo igihe wumva urengewe n’iki kiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wovyifatamwo igihe wumva urengewe n’iki kiza
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bishika igihe umuntu yumva yarengewe n’iki kiza?
  • Kubera iki umuntu atobifata minenerwe?
  • Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha?
  • Imirongo yo muri Bibiliya yogufasha
  • Ubuzima bwoba buzosubira kumera nk’uko bwahora? Ingene Bibiliya yodufasha kubaho mw’isi yahindutse kubera ikiza
    Ibindi biganiro
  • Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye no kwitwararika amagara?
    Ibindi biganiro
  • Imfashanyo yatanzwe kw’isi yose kubera ikiza cateye kw’isi yose
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Dushigikire Indongozi yacu Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 22
Umugabo yicaye afise impfunguruzo z’umuduga n’agapfukamunwa.

Ingene wovyifatamwo igihe wumva urengewe n’iki kiza

Woba wumva urengewe kubera iki kiza ca korona? Nimba ari ko biri, nturi wenyene. Hirya no hino kw’isi, abantu baramaze amezi bahinduye ukuntu babayeho kubera iki kiza ca korona. Umuganga yitwa Hans Kluge aserukira Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) mu karere ka Buraya, avuga ati: “Abantu benshi baremeye kugira ivyo bahevye kugira bafashe ngo ikiza ca korona ntikigume gikwiragira. Mu bihe nk’ivyo biroroshe ko abantu bumva babuze ico bafata n’ico bareka, bakumva bacitse intege kubera ko baba barengewe.”

Nimba wumva warengewe kubera iki kiza, nureme. Bibiliya iriko irafasha abatari bake kuvyifatamwo neza muri ibi bihe bitesha umutwe. Na wewe yogufasha.

  • Ni ibiki bishika igihe umuntu yumva yarengewe n’iki kiza?

  • Kubera iki umuntu atobifata minenerwe?

  • Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha?

  • Imirongo yo muri Bibiliya yogufasha

Ni ibiki bishika igihe umuntu yumva yarengewe n’iki kiza?

Iyo ikiza gitumye umuntu abwirizwa guhindura ukuntu abayeho kandi ntabone ico kazoza kamubikiye, bituma yumva arengewe. Ibimenyetso vyerekana ko umuntu yarengewe usanga bitandukanye bivanye n’umuntu. Ariko ivyo benshi bahurizako ni ibi:

  • Kwumva ata kintu na kimwe ushaka gukora

  • Amahinduka mu vyo gufungura no kuryama

  • Gushavura ningoga

  • Ibintu wahora ukora neza bigasigara bigutera amaganya

  • Kunanirwa kwitunira ku kintu

  • Kwihebura

Kubera iki umuntu atobifata minenerwe?

Igihe umuntu arengewe n’ikiza birashobora kumutera ingorane, yaba we canke abandi. Tutabaye maso turashobora gusanga tutagikurikiza amabwirizwa yo kwikingira korona. Uko haca igihe twoshobora gutangura kubona ko korona idateye akaga n’aho ikibandanya gukwiragira no guhitana ubuzima bw’abantu. Kuba hari ivyo tubujijwe birashobora kuturambira, tukumva dushaka kwidegemvya, ivyo na vyo bikaba bishobora gushira ubuzima bwacu n’ubw’abandi mu kaga.

Muri ibi bihe bitesha umutwe, abantu benshi bariko baribonera ko aya majambo avugwa muri Bibiliya ari ay’ukuri: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zishobora kudufasha kwihanganira ibintu bica intege, harimwo n’iki kiza.

Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha?

  • Niwirinde kwegerana n’abandi ariko ntuce wigungire ukwa wenyene

    Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri . . . yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

    Igituma bihambaye: Abagenzi nyakuri bararemeshanya. (1 Abatesalonika 5:11) Mugabo kumara igihe wigunze birashobora kubangamira amagara yawe.​—Imigani 18:1.

    Nugerageze iki kintu: Nugume uyaga n’abagenzi bawe biciye ku buhinga bwa videoconférence, telefone, n’amamesaje. Igihe utiriwe neza niwiture abagenzi kandi nawe wame ubabaza uko bamerewe. Nimuze murabwirana ibiriko birabafasha kwihanganira iki kiza. Nurondere uturyo two kugirira iciza umugenzi wawe. Ivyo bizotuma mwempi mwumva mumerewe neza.

    Ivyo bamwebamwe bavuze

    Megan.

    “Ndagerageza gutegekanya umwanya wo kuyaga n’abagenzi banje biciye ku buhinga bwa videoconférence. Hari igihe nganira n’umuntu umwe gusa. Ikindi gihe usanga biryoshe duhuye turi umugwi, tugakina udukino canke tugatera inkuru. Naho atari cokimwe no kubonana amaso mu yandi, birafasha. Iki kiza caratumye ibintu bigora. Birahambaye rero ko twiyegereza abagenzi kandi tukababwira uko twiyumva tutabahisha. Ivyo birashobora kutoroha, ariko twese turakeneye gufashwa.”​—Megan, Kanada.

    Nathan na Emma, n’abana babo Eli na Hope.

    “Turakumbuye incuti n’abagenzi. Ariko twararonse uburyo bwo kubakura amazinda ko tukibakunda. Uko tugize umuryango twararungikiye abagenzi bacu udukarata n’utuganuke, harimwo n’umurongo wo muri Bibiliya, kugira tubereke ko tukibazirikana. Ivyo vyaratumye tugira umunezero. Gukorera ivyiza abandi biradufasha kwibagira ingorane turiko turacamwo.”​—Emma n’umugabo wiwe Nathan, n’abana babo Eli na Hope, Amerika.

  • Nukoreshe neza umwanya ufise ubu

    Ico Bibiliya ivuga: ‘Niwicungurire umwanya ubereye.’​—Abanyefeso 5:16.

    Igituma bihambaye: Gukoresha neza umwanya wawe biragufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kutarengerwa n’amaganya.​—Luka 12:25.

    Nugerageze iki kintu: Aho kugumiza umutima ku vyo utagishoboye gukora, niwiyumvire ibindi bintu vyiza wokora. Nk’akarorero, hoba hari ibikorwa ubu ufitiye umwanya canke ibintu vyo kwinezereza ubu ushobora gukora? Woba ushobora kwongereza umwanya umarana n’umuryango wawe?

    Ivyo bamwebamwe bavuze

    Evan na Samantha n’abana babo Eli na Adam.

    “Twarakoze utundi dukorwa muhira, nko gutera imboga n’ibirungo, gucapa no gushariza inzu.”​—Evan n’umugore wiwe Samantha, n’abana babo Eli na Adam, Afrika y’Epfo.

    Ivan na Eve.

    “Mu myaka 30 tumaze twubakanye, ni bwo bwa mbere dushoboye kumarana umwanya munini ukuraho. Vyaratumye turushiriza gukundana kubera ko twatahuye aho umwe wese akomeye n’aho agoyagoya. Ubu kuruta ikindi gihe cose, turiteguriye gushigikirana no mu zindi ngorane zokwaduka.”​—Ivan n’umugore wiwe Eve, Ubutaliyano.

  • Niwumire ku rutonde rwawe

    Ico Bibiliya ivuga: “Vyose bibe . . . ku rutonde.”​—1 Abakorinto 14:40.

    Igituma bihambaye: Abantu benshi barumva batekanye kandi bahimbawe igihe bafise urutonde bama bisunga.

    Nugerageze iki kintu: Nugire urutonde ruhuye n’uko ivyawe bisigaye vyifashe. Nutegekanye umwanya wo gukora udukorwa two kw’ishure, akazi, udukorwa two muhira n’uwo kwitwararika ivy’Imana. Nushiremwo ibindi bintu vyokugirira akamaro, nko kumarana umwanya n’umuryango, kuja gutembera no kwinonora imitsi. Nuze urasuzuma urutonde rwawe kandi igihe bikenewe uruhindure.

    Ivyo bamwebamwe bavuze

    Kgaogelo.

    “Naragerageje kugumana urutonde nari mfise imbere y’uko iki kiza gitera. Ibikorwa bimwebimwe nahora nkora nabisubirije kwinonora imitsi. Ariko isaha nahora mvyukirako ntiyahindutse. Urutonde rwanje ruratuma ntaguma niyumvira ivy’iki kiza, ahubwo nkagumiza umutima ku ncuti n’abagenzi.”​—Kgaogelo, Afrika y’Epfo.

    Carmel.

    “Ndavyuka, ngategura icayi nk’uko bisanzwe. Nca nitegura, nkisiga, nkambara nk’aho umengo ngira ngende. Ivyo biratuma nguma meze neza kandi nkaguma niteguriye icoshobora gushika cose.”​—Carmel, Ubufaransa.

  • Nuhuze n’uko ikirere cifashe

    Ico Bibiliya ivuga: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”​—Imigani 22:3.

    Igituma bihambaye: Bivanye n’aho uba, ikirere kirashobora guhinduka ku buryo bitaba bigishoboka ko usohoka gusama akayaga no kwota akazuba, ivyo na vyo bikaba vyari gutuma ugira amagara meza kandi ukiyumva neza.

    Nugerageze iki kintu: Nimba urushana rwegereje, nuhindure ibintu mu nzu canke aho ukorera kugira agaco k’izuba kinjire. Nutegekanye udukorwa wokorera hanze naho hoba hakanye. Nimba bishoboka nurondere impuzu z’imbeho zishobora kuzogufasha kumara umwanya uri hanze.

    Nimba ici ryegereje abantu benshi bazotembera cane. Uraba maso rero. Niwiyumvire ahantu wotemberera kandi ujeyo mu gihe ata bantu benshi bahari.

    Ivyo bamwebamwe bavuze

    Sameena.

    “Mu karere mbamwo, haguma hagwa imvura. Rero kuza ndahindura urutonde biramfasha. Iyo akazuba katse, ubwo nyene nca nja gutembera. Naho notembera gatoyi gusa canke nkanyonga ikinga ku kazuba, biratuma numva meze neza.”​—Sameena, Ubufaransa.

    Tiffany.

    “Mu ci ibintu vyari vyoroshe kubera nashobora gukorera udukorwa hanze. Ariko ubu ko urushana rwegereje, ndiko ndagira urutonde rw’utuntu nshobora gukorera mu nzu.”​—Tiffany, Kanada.

  • Nubandanye gukurikiza amabwirizwa yo kwikingira korona

    Ico Bibiliya ivuga: “Ikijuju kiraraka kandi kikiyizigira.”​—Imigani 14:16.

    Igituma bihambaye: Korona irica, kandi tutagumye twiyubara turashobora kuyandura.

    Nugerageze iki kintu: Nugume wiyibutsa amategeko yo kwikingira yashinzwe ng’aho iwanyu, hanyuma urabe nimba koko ukiyakurikiza. Niwame wibuka ko ivyo ukora bishobora kugira ingaruka kuri wewe, ku muryango wawe no ku bandi.

    Ivyo bamwebamwe bavuze

    Daryn.

    “Ndiko ndakora ivyo nshoboye vyose kugira nikingire iki kiza, nkingire n’abandi. Naho abandi birengagiza amategeko yo kwikingira, ngumiza umutima ku vyo nokora kugira nikingire nongere nkingire umuryango wanje.”​—Daryn, Afrika y’Epfo.

  • Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana

    Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

    Igituma bihambaye: Imana irashobora kugufasha kwihanganira ingorane zose zogushikira.​—Yesaya 41:13.

    Nugerageze iki kintu: Nusome Ijambo ry’Imana Bibiliya buri musi. Uru rutonde rwo gusoma Bibiliya rurashobora kugufasha gutangura kubigira.

Ubona gute urondeye Ivyabona vya Yehova ukababaza ukuntu babandanya kugira amakoraniro mu kiringo c’iki kiza? Nk’akarorero, kw’isi yose barakoresha ubuhinga bwa videoconférence mu kugira amakoraniro, mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu no mu kugira ibikorane biba buri mwaka.

Ivyo bamwebamwe bavuze

Roberto.

“Umwanya wiyongereye nsigaye mfise ndawukoresha mu gusoma Bibiliya. Ivyo biratuma ndushiriza kwizigira ivyo Yehovaa yasezeranye. Biratuma mbona ko ibintu bizogenda neza muri kazoza.”​—Roberto, Ubutaliyano.

Alta na Jannie.

“Twe n’umugabo wanje turasomera hamwe Bibiliya kandi tukishingira umugambi wo gufata ku mutwe ivyanditswe. Gusenga, gusoma Bibiliya no kuyagira abandi icizigiro Bibiliya itanga, biraduha inkomezi zo kwihanganira izi ngorane.”​—Alta n’umugabo wiwe Jannie, Afrika y’Epfo.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.​—Zaburi 83:18.

Imirongo yo muri Bibiliya yogufasha

Yesaya 30:15: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.”

Ico bisobanura: Kwizigira impanuro Imana itanga birashobora kudufasha kuguma dutekanye mu bihe bigoye.

Imigani 15:15: “Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”

Ico bisobanura: Kugumiza umutima ku bintu vyiza birashobora kudufasha kugumana umunezero mbere no mu bihe bigoye.

Imigani 14:15: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”

Ico bisobanura: Nukurikize amabwirizwa yo kwikingira kandi wirinde kwiyumvira ko adakenewe.

Yesaya 33:24: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”

Ico bisobanura: Imana isezerana gukuraho indwara zose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika