ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 51
  • Intambara yo muri Ukraine yateje amapfa kw’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intambara yo muri Ukraine yateje amapfa kw’isi
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yari yaravuze ko hoteye amapfa
  • Ukuntu Bibiliya yogufasha
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuntu intambara be n’ihindagurika ry’ikirere biriko birateza inzara kw’isi?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuka iki ku bijanye n’ubukene bw’ibifungurwa buhari muri iki gihe?
    Ibindi biganiro
  • Abagendera kuri za farasi zine ni bande?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene ibiciro biguma biduga kw’isi yose?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 51
Ikibombe kitaraturika kiri mu murima wo muri Ukraine.

NUGUME URI MASO!

Intambara yo muri Ukraine yateje amapfa kw’isi

Ku wa 19 Rusama 2022, abategetsi b’abanyacubahiro barenga 75 baramenyesheje Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ko “ukugabanuka kw’ibifungurwa kwatejwe n’ikiza ca korona hamwe n’ihindagurika ry’ikirere kuriko kurunyuka kw’isi yose kubera intambara yo muri Ukraine.” Inyuma y’aho gato, ikinyamakuru citwa The Economist cavuze giti: “Iyi si ubwayo ifise ingorane nyinshi, ariko iyi ntambara izotuma abantu benshi babangamirwa n’inzara.” Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe hoteye amapfa, ariko kandi iratwereka ingene twovyifatamwo.

Bibiliya yari yaravuze ko hoteye amapfa

  •  Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami, kandi hazoba amapfa.”​—Matayo 24:7.

  •  Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kiravuga mu buryo bw’ikigereranyo abagendera kuri za farasi zine. Umwe muri bo agereranya intambara. Uwumukurikira agereranya amapfa, bikaba vyerekana ko hogeze igihe bigorana kuronka ibifungurwa, ibibonetse na vyo bikazimba cane. “Mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. Maze numva ijwi . . . rivuga riti: ‘Igemeri y’ingano kw’idenariyo, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu.’”​—Ivyahishuwe 6:5, 6.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ko hoteye amapfa, buriko buraranguka muri iki gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1) Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye “imisi ya nyuma” hamwe n’abagendera kuri za farasi zine bavugwa mu Vyahishuwe, raba ividewo ivuga ngo Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914 wongere usome ikiganiro kivuga ngo “Abagendera kuri za farasi zine ni bande?”

Ukuntu Bibiliya yogufasha

  •  Bibiliya irimwo impanuro ngirakamaro zodufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira, harimwo kuzimba kw’ibifungurwa eka mbere n’amapfa. Raba zimwe muri izo mpanuro mu kiganiro kivuga ngo “Ingene wobeshwaho na bike.”

  •  Bibiliya kandi iraduha icizigiro ko ibintu bizomera neza. Iravuga ko hazogera igihe “[hakaba] umukimba w’intete kw’isi” kandi abantu bose bakaronka ibifungurwa bikwiye. (Zaburi 72:16) Kugira umenye n’ibindi ku vyerekeye icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga be n’igituma wokwemera ivyo isezerana, nusome ikiganiro kivuga ngo “Niwizigire ko kazoza ari keza.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika