Bibiliya ivuka iki ku bijanye n’ubukene bw’ibifungurwa buhari muri iki gihe?
«Nta nzara.» Ayo ni amajambo abategetsi bo kw’isi bavuga ku bijanye n’umugambi bafise wo gutorera umuti ingorane idasanzwe ihanze umuryango w’abantu, ni ukuvuga umugambi wo kuronsa ibifungurwa umuntu wese kw’isi.a None hoba hazogera igihe aho kw’isi ata nzara izoba ihari? Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe hobayeho amapfa
Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe cacu hobayeho amapfa, kikaba ari ikiringo yita «imisi ya nyuma.» (2 Timoteyo 3:1) Imana si yo iduteza amapfa, ariko yari yaratuburiye ku bijanye na yo. (Yakobo 1:13) Raba ubuhanuzi bubiri buvyerekana.
«Hazoba amapfa . . . [a]va hamwe [a]ja ahandi.» (Matayo 24:7) Ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ko hoteye inzara mu mihingo myinshi. Ku bijanye n’ico kintu, hari raporo iherutse gutangwa n’abantu biga ibijanye n’ingene ibifungurwa bihingurwa bikongera bigatangwa, yavuze iti: «Utwigoro isi ikora two kurwanya inzara canke ugufungura nabi, ntaco tuvamwo.»b Abantu bagera ku ma miliyoni amajana mu bihugu vyinshi ntibashobora kuronka ibifungurwa bakeneye. Ikibabaje n’uko benshi muri bo bapfa.
«Ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe.» (Ivyahishuwe 6:5) Muri ubu buhanuzi, ifarasi n’uwuyicayeko bigereranya amapfa aba mu misi ya nyuma.c Umunzane uri mu minwe y’uwicaye kw’ifarasi ni uwo gupima ibifungurwa. Uwugendera kw’ifarasi agenda asemerera amenyesha ko ibiciro vy’ibifungurwa vyoduze cane, yongera aburira abantu kudasesagura ibifungurwa vya nkenerwa. (Ivyahishuwe 6:6) Ivyo birahuye neza na neza n’ubukene bw’ibifungurwa bwibonekeza kw’isi yose muri iki gihe, aho abantu amamiliyaridi bataronka ivyo bafungura vy’akamaro canke amahera yo kubigura.
Amapfa azohera gute?
Abahinga bavuga ko iyi si yimbuka ibintu bisumba ivyogaburira uwo ari we wese ayibako. None ni ingorane izihe zituma haba amapfa? Kandi Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu Yehovad azokora iki kugira ngo atorere umuti izo ngorane?
Ingorane: Ubutegetsi ntibushobora gukuraho ubukene n’ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi, ivyo bikaba bituma abantu bamana inzara.
Umuti: Ubwami bw’Imana, ikaba ari intwaro itagira akanenge, buzosubirira intwaro z’abantu zidatunganye. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Muri kino gihe, abantu benshi bakenye usanga bitaborohera kuronka ivyo bafungura, ariko si ko bizoba biri ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana. Bibiliya ivuga ku vyerekeye umwami w’Ubwami bw’Imana Yezu Kristu, iti: «Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. . . . Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.»—Zaburi 72:12, 16.
Ingorane: Intambara ziratuma haba ubwicanyi kandi ivy’ubutunzi bigahungabana, ivyo bigaca bituma abantu batoroherwa kuronka ibifungurwa bakeneye.
Umuti: «[Yehova] ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.» (Zaburi 46:9) Imana izokuraho ibigwanisho vy’intambara n’abateza intambara. Ivyo bizotuma twese dushobora kuronka bitatugoye ibifungurwa bimeze neza. Bibiliya isezerana iti: «Umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi.»—Zaburi 72:7.
Ingorane: Ihinduka rikomeye ry’ikirere hamwe n’ibiza n’isibe bironona imirima bikica n’ibitungwa.
Umuti: Imana izocungera inguvu ziri mu bidukikije, itume isi imera. Bibiliya ivuga iti: «[Yehova] atururuza ikirura c’umuyaga kigatekana. . . . Ahindura agahinga ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga, isi yo mu ntara igadutse akayihindura amasôko atemba y’amazi. Kandi atuma abashonje bibera ng’aho . . . Barabiba amatongo bagatera n’imirima y’imizabibu, kugira ngo bitange ivyimburwa bigwira.»—Zaburi 107:29, 35-37.
Ingorane: Abantu b’umwina kandi bononekaye barahingura ibifungurwa atari vyiza ku magara y’abantu canke bagatuma abandi bataronka ibifungurwa bakeneye.
Umuti: Ubwami bw’Imana buzokuraho abantu bose babesha kandi bononekaye. (Zaburi 37:10, 11; Yesaya 61:8) Bibiliya ivuga ko Yehova Imana «[azoshitsa] urubanza ku bw’abagunzwe, [agaha] umukate abashonje.»—Zaburi 146:7.
Ingorane: Buri mwaka, ica gatatu c’ibifungurwa vyo kw’isi yose birapfishwa ubusa canke bigatabwa.
Umuti: Mu ntwaro y’Ubwami bw’Imana, ibifungurwa bizogabanganywa neza. Igihe Yezu yari kw’isi, yaranse ko hagira ibifungurwa bipfa ubusa. Nk’akarorero, igihe kimwe yaragaburiye ku gitangaro isinzi ry’abantu barenga 5.000. Mu nyuma, aca abwira abigishwa biwe ati: «Nimwegeranye utumanyu dusigaye, kugira ntihagire igipfa ubusa.»—Yohani 6:5-13.
Kubera ko Ubwami bw’Imana buzokuraho ibituma hatera inzara, abantu bose bazokwironkera ibifungurwa vyiza vyinshi kandi bifise akamaro. (Yesaya 25:6) Kugira umenye igihe Ubwami bw’Imana buzorangura ivyo, raba ikiganiro kivuga ngo: «Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?»
a Iryo ni ihangiro ryo mu 2030 ryashizweho n’abagize ama Leta yose ari mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 2015 ku bijanye n’iterambere rirama.
b Raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’ibifungurwa n’uburimyi (FAO) rifatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana (UNICEF), Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya inzara (PAM) n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi (OMS).
c Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’abagendera ku mafarasi bose uko ari bane, raba ikiganiro kivuga ngo: «Abagendera kuri za farasi zine ni bande?»
d Yehova ni ryo zina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo: «Yehova ni nde?»