NUGUME URI MASO!
Umukirisu akwiye kwigenza gute? Bibiliya ibivugako iki?
Abantu benshi hirya no hino kw’isi bavuga ko ari abakirisu kandi bakavyishimira, ariko ugasanga bafata nabi abandi. Bamwe bashira imbere inyungu zabo bwite canke bagakora amanyanga, abandi na bo bagahemukira abo bubakanye. Ivyo bica bituma abantu bamwebamwe bibaza bati: «Mbega umukirisu akwiye kwigenza gute?»
Umukirisu akwiye kwigenza gute?
Biroroshe ko umuntu avuga ati: «Ndi umukirisu.» Ariko rero si vyo vyonyene bihagije. Bibiliya ivuga ko umukirisu ari umwigishwa wa Yezu Kristu. (Ivyakozwe 11:26) Yezu ubwiwe yavuze ati: «Nimwagumya ijambo ryanje, muzoba muri abigishwa banje vy’ukuri.» (Yohani 8:31) Tuvugishije ukuri, nta muntu n’umwe ashobora gukurikiza ijana kw’ijana ivyo Yezu yigishije. Naho ari ukwo, umukirisu akwiye kwihata agakurikiza ivyo Yezu yigishije kandi ivyo bikibonekeza mu vyo akora buri musi. Reka turabe ibintu bimwebimwe umukirisu akwiye gukora.
Abakirisu barakundana kandi bagashira imbere inyungu z’abandi
Ivyo Yezu yavuze: «Ndabahaye ibwirizwa rishasha: nimukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.»—Yohani 13:34, 35.
Ivyo Yezu yakoze: Yezu yarakunda abantu bose kandi agashira imbere inyungu zabo. Ivyo yabigira adafatiye ku butunzi umuntu afise, ku kuntu azwi canke aho avuka. Yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, mbere aranatanga ubuzima bwiwe kugira acungure abantu.—Matayo 14:14-21; 20:28.
Ivyo abakirisu bakwiye gukora: Abakirisu bakwiye gukundana kandi bagashira imbere inyungu z’abandi. Nk’akarorero baratanga, bakababarira abandi kandi bakirinda kurenganya. Vyongeye, baremera guheba ivyo bikundira kugira bafashe abari mu ngorane.—1 Yohani 3:16.
Abakirisu bavugisha ukuri
Ivyo Yezu yavuze: «Jewe ndi . . . ukuri.»—Yohani 14:6.
Ivyo Yezu yakoze: Yezu yama avugisha ukuri kandi nta manyanga yigeze akora. Ivyo n’abantu bari babizi. Ntiyigeze abesha abandi kugira gusa bamwemere. Mbere n’igihe baba bariko baramurwanya, ntiyatinya kuvugisha ukuri.—Matayo 22:16; 26:63-67.
Ivyo abakirisu bakwiye gukora: Abakirisu baririnda kubesha canke kwiba. Barariha amakori kandi bagakorana umwete ku kazi. (Abaroma 13:5-7; Abanyefeso 4:28) Vyongeye, baririnda kubesha kugira ngo bironkere inyungu zabo, bakirinda gutirisha canke gutanga amakuru y’ikinyoma igihe bariko bararondera akazi.—Abaheburayo 13:18.
Abakirisu barafata neza abandi
Ivyo Yezu yavuze: «Nimuze iwanje mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje nzobaruhurira. Nimwikorere ingogo yanje kandi munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingogo yanje yoroshe gutwara, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.»—Matayo 11:28-30.
Ivyo Yezu yakoze: Yezu yarafata neza abandi ku buryo abantu baryoherwa bari kumwe na we. Yarasaba n’abana ngo baze aho ari. Vyongeye, yarubaha abandi, akaremesha n’abari mu ngorane.—Mariko 10:13-15; Luka 9:11
Ivyo abakirisu bakwiye gukora: Abakirisu barafata abandi neza mbere n’igihe babayagisha. Barubaha abandi aho kubaburira indero. (Abanyefeso 4:29, 31, 32) Vyongeye, baritaho abandi bakarondera n’ukuntu bobafasha.—Abagalatiya 6:10.
Abakirisu ntibahemukira abo bubakanye
Ivyo Yezu yavuze: «Ico Imana yafatanije rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya.»—Mariko 10:9.
Ivyo Yezu yakoze: Naho Yezu atigeze yubaka urwiwe, yasavye abubatse kutigera bahemukira abo bubakanye. (Matayo 19:9) Yaranababwiye ibintu bokwirinda kugira ntibasambure urugo rwabo.—Matayo 5:28.
Ivyo abakirisu bakwiye gukora: Abakirisu baririnda gukora ikintu cose comaramaza abo bubakanye. (Abaheburayo 13:4) Vyongeye, abubakanye bakwiye gukundana no kwubahana.—Abanyefeso 5:28, 33.