ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 18
  • Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Imana yoba yemera ko umugabo agira abagore benshi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ushobora gute kugira ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Inyishu z’ibibazo cumi bijanye n’ivy’igitsina
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 18
Iminwe y’umugeni n’umukwe

Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Inyishu Bibiliya itanga

Imana yaramaze igihe ireka abagabo bakagira abagore barenga umwe. (Itanguriro 4:19; 16:1-4; 29:18-29) Ariko si yo yabitanguje. Yahaye Adamu umugore umwe atarenga.

Imana yarahaye Yezu Kristu uburenganzira bwo gusubizaho ya ngingo ngenderwako yo mu ntango isaba yuko umuntu agira umugore umwe canke umugabo umwe. (Yohani 8:28) Igihe Yezu bamubaza ibijanye n’umubano w’ababiranye, yavuze ati: “Uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, [avuga] ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.’”—Matayo 19:4, 5.

Mu nyuma, umwe mu bigishwa ba Yezu yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Umugabo wese nagire umugore wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite.” (1 Abakorinto 7:2) Bibiliya ivuga kandi yuko umugabo wese yubatse wo mw’ishengero rya gikirisu ashingwa amabanga adasanzwe ategerezwa kuba ari “umugabo w’umugore umwe.”—1 Timoteyo 3:2, 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika