ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 20
  • Mwoba mwemera kuvurwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mwoba mwemera kuvurwa?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera kuvurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Woba uriko uravyigizayo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Woba witeguriye gutabarwa vyihutirwa mu bijanye no kuvurwa?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Woba uriko uravyigizayo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 20

Mwoba mwemera kuvurwa?

Ego, Ivyabona vya Yehova turemera imiti be n’ukuvurwa. Naho twihatira kugirira isuku imibiri yacu kugira tugume dufise amagara meza, birashika ‘tugakenera umuganga.’ (Luka 5:31) Washaka, Ivyabona vya Yehova bamwebamwe ni abaganga, nka kumwe kwa wa mukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Luka.—Abakolosayi 4:14.

Ariko hariho imiti be n’uburyo bwo kuvura usanga biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ivyo rero ntituvyemera. Nk’akarorero, ntitwemera guterwa amaraso kubera ko Bibiliya ibuza kwinjiza amaraso mu mubiri ku bwo kuwubungabunga. (Ivyakozwe 15:20) Bibiliya irabuza kandi uburyo bwo kuvura burimwo ivy’ubupfumu.—Abagalatiya 5:19-21.

Ariko bwinshi mu buryo bwo kuvura ntibuteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Umwumwe wese ni we yihitiramwo. Icabona umwe yoshobora gufata ingingo yo kwemera umuti munaka canke uburyo bwo kuvura bunaka, ikindi Cabona na we ntiyemere uwo muti canke ubwo buryo bwo kuvurwa.—Abagalatiya 6:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika