ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 75
  • Nobigenza gute umugenzi ambabaje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nobigenza gute umugenzi ambabaje?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Kuki umugenzi yampemukiye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kubabarira abandi bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwirinde gutsitaza “aba batoyi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Umugenzi nyakuri ameze gute?
    Be maso!—2014
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 75
Umwigeme ariko abwira mugenziwe ibintu bibabaza

URWARUKA RURIBAZA

Nobigenza gute umugenzi ambabaje?

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ico ukwiye kumenya

  • Nta zibana zidakomanya amahembe. Kubera ko tudatunganye, umugenzi wawe, mbere n’urya ubona ko ari somambike, arashobora gukora canke kuvuga ikintu kikubabaza. Ariko na wewe ntutunganye. Kandi tutabeshanye, nawe uramaze kubabaza uwundi muntu.​—Yakobo 3:2.

  • Internet irashobora gutuma umuntu ababazwa n’ubusa. Nk’akarorero, umuyabaga yitwa David avuga ati: “Uri kuri internet ukabona ifoto y’umugenzi wawe ari mu kirori, urashobora guca utangura kwibaza igituma atagutumiye. Ivyo birashobora kukubabaza, ukabona ko yaguhevye.”

  • Urashobora gutorera umuti iyo ngorane.

Ico wokora

Niwisuzume. Bibiliya ivuga iti: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.”​—Umusiguzi 7:9.

“Hari igihe ubiraba neza, ugasanga wababajwe n’ubusa.”​—Alyssa.

Zirikana kuri iki kintu: Woba uri inkomwahato? Woba wokwiga kwirengagiza udukosa tw’abandi?​—Umusiguzi 7:21, 22.

Rimbura ivyiza biva ku kubabarira. Bibiliya ivuga iti: “Kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza.”​—Imigani 19:11.

“Naho woba ufise imvo yumvikana yo gushavura, ni vyiza kubabarira ata gahigihigi kandi ntugume wibutsa uwo muntu ikosa yagukoreye, bigatuma yama ariko aragusaba ikigongwe. Umaze kumubabarira, fata ko biheze.”​—Mallory.

Zirikana kuri iki kintu: Yoba ari ingorane ikomeye? Woba woshobora kumubabarira kugira uzigame amahoro?​—Abakolosayi 3:13.

Kwugururira imbeho ahantu hasusurutse

Kwama mwicarira ingorane yose mugiraniye n’umugenzi bimeze nko kuguma wugururira imbeho ikinjira ahantu hasusurutse

Ntiwiyumvire ivyawe gusa. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

“Igihe mukundana n’umugenzi wawe kandi mukubahana, biratuma wihutira gutorera umuti ingorane mugiranira kubera ko uha agaciro ubucuti mufitaniye. Uba waragize akigoro kugira mube abagenzi, ntiwokwipfuza rero kubutakaza.”​—Nicole.

Zirikana kuri iki kintu: Ubwo nta ciza na kimwe ubona mu kuntu uwo mugenzi wawe abona ibintu?​—Abafilipi 2:3.

Iciyumviro nyamukuru: Kuvyifatamwo neza igihe abandi bakubabaje bizogufasha n’igihe uzoba umaze gukura. Nube uravyiga hakiri kare.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kiana

“Si ngombwa ngo twicarire akagorane kose. Numvise ko novyihanganira, nca ndavyihoza. Ivyo birazigama amahoro kuruta kwicarira akantu kose.”​—Kiana.

Treigh

“Igihe cose ndibaza nti: ‘Iyi ngorane yoba ikomeye cane ku buryo ubugenzi bwacu buhagarara?’ Akenshi nsanga inyishu ari oya.”​—Treigh.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika