ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 151
  • Ya Mabwirizwa cumi Imana yatanga ni ayahe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ya Mabwirizwa cumi Imana yatanga ni ayahe?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Urutonde rwa ya Mabwirizwa cumi
  • Kubera iki batayatondeka kumwe?
  • Yari afise intumbero iyihe?
  • Abakirisu boba babwirizwa kuyubahiriza?
  • Yoba akiri ngirakamaro muri iki gihe?
  • Ingingo ngenderwako zo muri ya Mabwirizwa cumi ziraboneka mw’Isezerano rishasha
  • Turōngōwe na ya Mabwirizwa Cumi?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ya Mabwirizwa Cumi agufasha gute?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Icagezwe c’urukundo mu mitima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Urukundo rw’Imana rwamaho
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 151
Ibisate vy’amabuye biriko ya Mabwirizwa cumi

Ya Mabwirizwa cumi Imana yatanga ni ayahe?

Inyishu Bibiliya itanga

Ya Mabwirizwa cumi ni amategeko Imana yahaye ihanga rya Isirayeli ya kera. Ayo mategeko yitwa kandi Amajambo cumi, ikaba ari insobanuro y’ijambo ku rindi y’imvugo y’igiheburayo ʽaseʹreth had·deva·rimʹ. Iyo mvugo iboneka incuro zitatu muri Pantateki (Itorati), ni ukuvuga ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya. (Kuvayo 34:28; Gusubira mu vyagezwe 4:13; 10:4) Imvugo y’ikigiriki isa n’iyo ni deʹka (cumi) loʹgous (amajambo), akaba ari ho havuye ijambo “Décalogue.”

Imana yanditse ayo Mabwirizwa cumi ku bisate bibiri vy’amabuye ica ibiha umuhanuzi wayo Musa ku musozi Sinayi. (Kuvayo 24:12-18) Ayo Mabwirizwa cumi yanditse muri Kuvayo 20:1-17 no mu Gusubira mu vyagezwe 5:6-21.

  • Urutonde rwa ya Mabwirizwa cumi

  • Kubera iki batayatondeka kumwe?

  • Yari afise intumbero iyihe?

  • Abakirisu boba babwirizwa kuyubahiriza?

  • Yoba akiri ngirakamaro muri iki gihe?

  • Ingingo ngenderwako zo muri ya Mabwirizwa cumi ziraboneka mw’Isezerano rishasha

Urutonde rwa ya Mabwirizwa cumi

  1. Usenge Yehova Imana wenyene.​—Kuvayo 20:3.

  2. Ntugasenge ibigirwamana.​—Kuvayo 20:4-6.

  3. Ntugafate izina ry’Imana nk’aho ata co rimaze.​—Kuvayo 20:7.

  4. Wubahirize isabato.​—Kuvayo 20:8-11.

  5. Tera iteka abavyeyi bawe.​—Kuvayo 20:12.

  6. Ntukice.​—Kuvayo 20:13.

  7. Ntukarenge ibigo.​—Kuvayo 20:14.

  8. Ntukibe.​—Kuvayo 20:15.

  9. Ntugashinge intahe y’ikinyoma.​—Kuvayo 20:16.

  10. Ntukipfuze.​—Kuvayo 20:17.

Kubera iki batayatondeka kumwe?

Ayo mabwirizwa Bibiliya ntiyaha inomero. Ku bw’ivyo, usanga abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ingene yotondekwa. Urwo rutonde ruri aho hejuru rwisunga uko benshi bakunda kuyatondeka. Ariko hari n’abayatondeka ukundi. Itandukaniro rikunze kuba kw’ibwirizwa rya mbere, irya kabiri n’irya nyuma.a

Yari afise intumbero iyihe?

Ya Mabwirizwa cumi yari mw’Itegeko rya Musa. Iryo Tegeko ryari rigizwe n’amabwirizwa arenga 600, kandi ni yo yari agize isezerano Imana yagiraniye na Isirayeli ya kera. (Kuvayo 34:27) Imana yasezeraniye Abisirayeli yuko bagamburutse iryo Tegeko izobahezagira. (Gusubira mu vyagezwe 28:1-14) Ariko intumbero nyamukuru y’iryo Tegeko kwari ugufasha Abisirayeli kwitegurira ukuza kwa Mesiya yari yarasezeranywe, ari we Kristu.​—Abagalatiya 3:24.

Abakirisu boba babwirizwa kuyubahiriza?

Oya. Itegeko rya Musa, ushizemwo na ya Mabwirizwa cumi, Imana yari yarihaye Isirayeli ya kera gusa. (Gusubira mu vyagezwe 5:2, 3; Zaburi 147:19, 20) Abakirisu ntibasabwa kwubahiriza Itegeko rya Musa. Mbere n’abakirisu b’Abayuda bari ‘barabohowe kuri iryo Tegeko.’ (Abaroma 7:6)b Itegeko rya Musa ryasubiriwe n’“itegeko rya Kristu,” rikaba rigizwe n’ibintu vyose Yezu yategetse abigishwa biwe gukora.​—Abagalatiya 6:2; Matayo 28:19, 20.

Yoba akiri ngirakamaro muri iki gihe?

Ego. Kwiga ya Mabwirizwa cumi birashobora kutugirira akamaro kubera ko ahishura ukuntu Imana ibona ibintu. (2 Timoteyo 3:16, 17) Ashingiye ku ngingo ngenderwako zo kwizigirwa zitazokwigera zita igihe. (Zaburi 111:7, 8) Wanashima, nyinshi muri izo ngingo ngenderwako ni zo zigize umushinge w’inyigisho zo mw’Isezerano rishasha.​—Raba ahavuga ngo “Ingingo ngenderwako zo muri ya Mabwirizwa cumi ziraboneka mw’Isezerano rishasha.”

Yezu yigishije ko Itegeko rya Musa, ushizemwo na ya Mabwirizwa cumi, bishingiye ku mabwirizwa abiri. Yavuze ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Ayo mabwirizwa abiri ni yo Itegeko ryose be n’Abahanuzi vyenenako.” (Matayo 22:34-40) Naho rero abakirisu badasabwa kwubahiriza Itegeko rya Musa, bategerezwa gukunda Imana na bagenzi babo.​—Yohani 13:34; 1 Yohani 4:20, 21.

Ingingo ngenderwako zo muri ya Mabwirizwa cumi ziraboneka mw’Isezerano rishasha

Ingingo ngenderwako

Aho iboneka mw’Isezerano rishasha

Usenge Yehova Imana wenyene

Ivyahishuwe 22:8, 9

Ntugasenge ibigirwamana

1 Abakorinto 10:14

Tera iteka izina ry’Imana

Matayo 6:9

Wame usenga Imana

Abaheburayo 10:24, 25

Tera iteka abavyeyi bawe

Abanyefeso 6:1, 2

Ntukice

1 Yohani 3:15

Ntukarenge ibigo

Abaheburayo 13:4

Ntukibe

Abanyefeso 4:28

Ntugashinge intahe y’ikinyoma

Abanyefeso 4:25

Ntukipfuze

Luka 12:15

a Twisunze imigenzo y’Abayuda, “Kuvayo 20:2 ni ryo ‘bwirizwa’ rya mbere, umurongo wa 3-6 na yo igafatwa nk’ibwirizwa rimwe, ni ukuvuga irya kabiri.” (The Jewish Encyclopedia) Abagatolika bobo bafata ko Kuvayo ikigabane ca 20 umurongo wa 1-6 ari ibwirizwa rimwe. Ku bw’ivyo, itegeko ribuza gufata nabi izina ry’Imana rica riba ibwirizwa rya kabiri. Kugira ayo mabwirizwa agume ari cumi, baca bacamwo kubiri itegeko rya nyuma ribuza kwipfuza umugore wa mugenzawe n’ivyo atunze.

b Mu Baroma 7:7 hakoresha ibwirizwa ry’icumi mu gutanga ?akarorero k’amabwirizwa yari agize “Itegeko” rya Musa. Ivyo birerekana ko ya Mabwirizwa cumi na yo nyene yari mu bigize iryo Tegeko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika