ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 158
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni impanuro nziza izihe Bibiliya itanga?
  • Hoba hari uburorero bw’abantu bipfuje gupfa buvugwa muri Bibiliya?
  • Nokora iki numva ntagishaka kubaho?
    Urwaruka ruribaza
  • Sinokwiyahura bigahera biheze?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura
    Icofasha umuryango
  • Igihe wumva warambiwe n’ubuzima
    Be maso!—2012
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 158
Umugabo afise ivyiyumviro vyo kwiyahura

Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?

Inyishu Bibiliya itanga

Ego, kubera ko Bibiliya iva kuri ya Mana “ihoza abakubititse.” (2 Abakorinto 7:6) Naho Bibiliya atari igitabu kivuga ibijanye n’amagara yo mu mutwe, yarafashije abantu benshi kuvavanura n’ivyiyumviro vyo kwiyahura. Impanuro nziza itanga na wewe zogufasha.

  • Ni impanuro nziza izihe Bibiliya itanga?

  • Hoba hari uburorero bw’abantu bipfuje gupfa buvugwa muri Bibiliya?

  • Ni ivyanditswe ibihe vyodufasha kuvavanura n’ivyiyumviro vyo kwiyahura?

  • Nofasha gute umugenzi avuze ko ashaka kwiyahura?

  • Bite ho nimba narigeze kugerageza kwiyahura?

Ni impanuro nziza izihe Bibiliya itanga?

  • ● Nugire uwo uyagiye uko wiyumva.

    Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

    Ico bisobanura: Turakenera ko abandi badufasha iyo dufise ivyiyumviro bitudurumbanya mu mutima.

    Kwigumizamwo ingene wiyumva ni nko kwikorera umuzigo munini utokwitura. Ariko iyo ugize uwo ubiyagira, uzokwumva uremurutse mu mutwe mbere n’ubuzima busubire kukuryohera.

    Umugabo afise ivyiyumviro vyo kwiyahura ariko arabiyagira uwundi mugabo

    Nugerageze iki kintu: Nurabe umuntu ubibwira uyu musi nyene, kumbure incuti canke umugenzi wizigira. Urashobora kandi kwandika uko wiyumva.

  • ● Niwiture umuganga.

    Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

    Ico bisobanura: Iyo turwaye turakwiye kwitura umuganga.

    Kuba umuntu afise ivyiyumviro vyo kwiyahura, coshobora kuba ikimenyetso cerekana ko afise indwara yo mu mutwe canke indwara iva ku mubabaro. Mwene izo ndwara ntizikwiye kudutera isoni kuko ari nk’izindi ndwara zose, kandi zirashobora kuvurwa.

    Nugerageze iki kintu: Niwiture umuganga yavyigiye vuba bwango.

  • ● Niwibuke ko Imana ikwitwararika.

    Ico Bibiliya ivuga: “None utujuri dutanu ntitugurishwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi? Yamara nta na kamwe muri two kibagirwa imbere y’Imana. . . . Ntimutinye; mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”​—Luka 12:6, 7.

    Ico bisobanura: Uri n’agaciro ku Mana.

    Woshobora kwumva umenga nta n’umwe akwitaho, ariko Imana irabona ivyo uriko uracamwo vyose. Iracagukunda naho wumva umengo ntugishaka kubaho. Muri Zaburi 51:17 hagira hati: “Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.” Imana ishaka ko ubaho kuko igukunda.

    Nugerageze iki kintu: Nusuzume ibimenyamenya biri muri Bibiliya vyerekana ko Imana igukunda. Nk’akarorero, nurabe ikigabane ca 24 c’igitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa Niwiyegereze Yehova.

  • ● Nusenge.

    Ico Bibiliya ivuga: “Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

    Ico bisobanura: Imana iragutera akamo ngo uyibwire uko wiyumva n’ibiguhagaritse umutima vyose.

    Imana irashobora kuguha amahoro yo mu mutima n’inkomezi zo kwihangana. (Abafilipi 4:6, 7, 13) Uko ni ko Imana ifasha abayitakambira n’umutima wabo wose.​—Zaburi 55:22.

    Umugabo afise ivyiyumviro vyo kwiyahura yicaye ku ntebe, afise Bibiliya izinguruye, ariko arazirikana

    Nugerageze iki kintu: Nusenge Imana uno musi nyene. Nukoreshe izina ryayo Yehova kandi uyibwire ingene wiyumva. (Zaburi 83:18) Nuyisabe igufashe kwihangana.

  • ● Nuzirikane ku cizigiro ca kazoza Bibiliya itanga.

    Ico Bibiliya ivuga: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.”​—Abaheburayo 6:19.

    Ico bisobanura: Uko wiyumva vyoshobora kuza birahinduka, hamwe ukumva uryohewe, ahandi na ho ukumva ubabaye, ariko icizigiro Bibiliya itanga kirashobora gutuma wumva utekanye.

    Ico cizigiro si umugani, ahubwo gishingiye ku muhango Imana yatanze wo gukuraho ibintu vyose bidutera umubabaro.​—Ivyahishuwe 21:4.

    Nugerageze iki kintu: Niwige vyinshi ku vyerekeye icizigiro Bibiliya itanga mu gusoma icigwa ca 5 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana.

  • ● Nukore ibintu bikuryohera.

    Ico Bibiliya ivuga: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.”​—Imigani 17:22.

    Ico bisobanura: Iyo dukoze ibintu bituryohera, vyoshobora gutuma twumva tumerewe neza.

    Umugabo afise ivyiyumviro vyo kwiyahura ariko aramwenyura mu gihe ariko arafasha mugenzi we gukubura amababi yaguye hasi

    Nugerageze iki kintu: Nukore ikintu gisanzwe kikuryohera. Nk’akarorero, niwumvirize utuziki ukunda cane, nusome ikintu kiremesha canke ukore utundi dukorwa tukuryohera. Vyongeye, gufasha abandi, naho hoba ari mu tuntu dutoduto, vyoshobora gutuma urushiriza kugira umunezero.​—Ivyakozwe 20:35.

  • ● Niwitwararike amagara yawe.

    Ico Bibiliya ivuga: “Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro.”​—1 Timoteyo 4:8.

    Ico bisobanura: Kwinonora imitsi, gusinzira bihagije no gufungura neza biratugirira akamaro.

    Nugerageze iki kintu: Nuze urinonora imitsi, naho yoba iminuta 15.

  • ● Niwibuke ko uko ivyawe vyifashe bishobora guhinduka.

    Ico Bibiliya ivuga: “[Ntimu]zi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”​—Yakobo 4:14.

    Ico bisobanura: Ingorane ufise, naho wobona umengo irakurengeye, yoshobora kuba ari iy’akanya gato.

    Naho woba ubona umenga kabaye, ejo ibintu birashobora guhinduka. Rero, nugumeko. (2 Abakorinto 4:8) Uko ivyawe vyifashe birashobora guhinduka umusi uri izina, ariko waramaze kwiyahura nta co woba ugihindura.

    Nugerageze iki kintu: Nusome inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyerekeye abantu bacitse intege ku buryo bipfuza gupfa, maze ubone ingene ivyabo vyahavuye bihinduka bikamera neza mu buryo batari biteze. Raba uburorero bumwebumwe:

Hoba hari uburorero bw’abantu bipfuje gupfa buvugwa muri Bibiliya?

Egome. Bibiliya iratubwira abantu bamwebamwe bipfuje gupfa. Imana ntiyabahambariye, ahubwo yarabafashije. Na wewe yogufasha.

Eliya

  • ● Yari nde? Eliya yari umuhanuzi arinda. Ariko vyarashitse na we nyene aracika intege. Muri Yakobo 5:17 havuga hati: “Eliya yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.”

  • ● Kubera iki yipfuje gupfa? Vyarashitse ariyumvira ko ata wukimushigikiye, aragira ubwoba yongera arumva ko ata co amaze. Yaciye atakambira Yehova ati: “Yehova, nkuraho.”​—1 Abami 19:4.

  • ● Ni igiki camufashije? Yarabwiye Imana ukuntu yiyumva. None Imana yamuremesheje gute? Yaramweretse ko imwitwararika yongera iramuha ibimenyamenya vy’uko ifise ububasha. N’ikindi kandi, yaramukuye amazinda ko yari agifise agaciro yongera iramuha umuntu wo kumufasha.

  • ▸ Nusome ivyerekeye Eliya: 1 Abami 19:2-18.

Yobu

  • ● Yari nde? Yari umugabo atunze kandi afise umuryango munini, kandi yasenga Imana y’ukuri.

  • ● Kubera iki yipfuje gupfa? Ivya Yobu vyarahindutse bimwe bibi. Yaratakaje ubutunzi bwiwe bwose, abana biwe bose barahitanwa n’icago, yongera ararwara indwara ibabaza cane. Mu nyuma, abagenzi biwe baramwagirije ko ari we yatumye izo ngorane zose zimushikira. Yobu yaciye avuga ati: “[Ubuzima bwanje] ndabutaye nk’akanuka; sinobaho gushika igihe kitagira urugero.”​—Yobu 7:16.

  • ● Ni igiki camufashije? Yobu yarasenze Imana yongera aritura abandi bantu. (Yobu 10:1-3) Yararemeshejwe n’umugenzi w’umunyempuhwe yitwa Elihu. Elihu yaramufashije kubona ibintu mu buryo bwiza. N’ikiruta vyose, Yobu yaremeye ko Imana imukosora kandi ikamufasha.

  • ▸ Nusome ivyerekeye Yobu: Yobu 1:1-3, 13-22; 2:7; 3:1-13; 36:1-7; 38:1-3; 42:1, 2, 10-13.

Musa

  • ● Yari nde? Yari indongozi y’ihanga rya Isirayeli akaba n’umuhanuzi w’umwizigirwa.

  • ● Kubera iki yipfuje gupfa? Musa yari afise ibikorwa vyinshi, Abisirayeli bakama bariko baramunegura kandi akumva yasanzaye. Yaciye abwira Imana ati: “Ndakwinginze unyice bihere biheze.”​—Guharūra 11:11, 15.

  • ● Ni igiki camufashije? Musa yarabwiye Imana ingene yiyumva. Imana yaramufashije, iramuremurura ibikorwa kugira amaganya yari afise agabanuke.

  • ▸ Nusome ivyerekeye Musa: Guharūra 11:4-6, 10-17.

Ni ivyanditswe ibihe vyodufasha kuvavanura n’ivyiyumviro vyo kwiyahura?

Ivyanditswe vyerekana ko Imana ikwitwararika:

  • “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”​—Zaburi 34:18.

  • “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—Zaburi 94:19.

    (Raba kandi Zaburi 27:10; 103:12-14; 2 Abakorinto 1:3, 4.)

Ivyanditswe vyerekana ko Imana itahura umubabaro ufise:

  • “Wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.”​—Zaburi 31:7.

  • “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa. . . . Mu rukundo rwiwe no mu mpuhwe ziwe [yarabashize] hejuru.”​—Yesaya 63:9.

Ivyanditswe vyerekana ko Imana ishaka ko uyiyegereza, ukayisukira ibiri mu mutima wawe mw’isengesho:

  • “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga . . . ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:6, 7.

  • “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

    (Raba kandi Zaburi 34:4, 15; 55:22.)

Ivyanditswe vyerekana ko Imana ishobora kuguha inkomezi:

  • “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

  • “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”​—Yesaya 41:10.

    (Raba kandi Zaburi 138:3; Yesaya 40:29-31.)

Nofasha gute umugenzi avuze ko ashaka kwiyahura?

  • Igihe umugenzi akubwiye ko ashaka kwiyahura, ntubifate minenerwe. Muremeshe akuyagire, akubwire ukuntu yiyumva. (Imigani 20:5) Igihe umuntu amaze kuyagira umugenzi ko yumva yokwiyahura, akenshi ntaba aciyahuye.

  • Numutege yompi ubigiranye ikibabarwe. ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga.’ (Yakobo 1:19) Numenye ko amaganya canke umubabaro bishobora gutuma umuntu avuga amajambo y’“uguhoromboka.” (Yobu 6:2, 3) Rero, nimba umugenzi avuze ibisunitswe n’impwemu canke ibintu bikubabaza, ntuce ushavura, ngo urondere kwihora.

  • Numuyagishe n’ijwi ryirura. Bibiliya iduhanura iti: “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Abatesalonika 5:14) Ntuvuge mu buryo bwerekana ko ivyo yakubwiye ata co bivuze. Niwubahirize ingene yiyumva n’igituma yiyumva gutyo. Numubwire ko umukunda cane.

  • Numuremeshe kwitura umuganga. Mu Migani 13:10 havuga hati: “Mu baja inama hari ubukerebutsi.” Nka hamwe umugenzi wawe yoba arwaye indwara ikomeye, none ntiwomuremesha kuja kwa muganga? N’ivyiyumviro vyo kwiyahura birashobora kuba ikimenyetso c’indwara yo mu mutwe canke indwara iva ku mubabaro. Rero, numuremeshe kuja kwa muganga. Urashobora no kumusaba ko womuherekeza.

  • Numwereke ko umukunda. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Ni ivy’ukuri ko udashobora guca utorera umuti ingorane umugenzi wawe afise, canke ngo utume ivyiyumviro vyo kwiyahura bimuheramwo. Ariko umweretse ko umukunda be n’uko wipfuza kumufasha, vyoshobora gutuma aba aramaze kabiri.

Bite ho nimba narigeze kugerageza kwiyahura?

Biratahurika ko ushobora kwiyagiriza canke kwumva umaramaye. Woshobora kandi kwumva umenga nta n’umwe atahura icatumye wumva wokwiyahura canke intuntu vyoba bigutera ubu.

Bibiliya iremeza ko tudashobora gutahura neza ukuntu abandi biyumva. Igira iti: “Umutima w’umuntu urazi ukudundumirwa kwiwe.” (Imigani 14:10; 1 Abami 8:38) Rero, naho abagenzi boshobora kuturemesha, barafise aho bagarukiriza. Ariko rero, nuhere amazinda ko utari wenyene.

Imana irazi umutima w’umuntu. (2 Ngoma 6:30) Yehova arazi icoba caratumye wiyumvira ko kwiyahura ari wo muti wonyene w’ingorane zawe. Kandi aratahura ukuntu wiyumva ubu, nk’uko twabivuze, hakaba hashobora kuba harimwo kwiyagiriza canke kwumva umaramaye.​—Zaburi 139:1.

Ni ivy’ukuri ko Imana iha agaciro cane ubuzima, ariko iriteguriye kubabarira abo bose bigeze kwiyumvira kwiyahura. (Zaburi 86:5) Iratahura ko abantu benshi bagerageza kwiyahura bataba bashaka vy’ukuri gupfa, ahubwo baba bashaka gusa ko umubabaro bafise uhera. Rero, Yehova arashobora kudufasha kuko naho ‘imitima yacu yodutsindisha, Imana iraruta imitima yacu kandi irazi ibintu vyose.’ (1 Yohani 3:19, 20) Ego cane, Yehova ashaka kukubera ‘So w’imbabazi zuzuye ikibabarwe n’Imana y’uruhoza rwose.’​—2 Abakorinto 1:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika