ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwwd ikiganiro 36
  • Ukuntu ibikere bihamagarana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu ibikere bihamagarana
  • Vyoba vyariyadukije?
  • Ivyo bijanye
  • Irondoka ry’igikere kibundikirira mu nda
    Be maso!—2014
  • Ingabirano Abayapani batari biteze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibihano bitatu vya mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Vyoba vyariyadukije?
ijwwd ikiganiro 36
Igikere kiri kw’ibabi, agasaho k’ijwi ryaco kakaba kagutse.

Harshith J.V./500px Prime via Getty Images

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuntu ibikere bihamagarana

Ibikere vy’ibigabo bizwi ku kuntu biguma bihamagarana nk’aho umenga bikora ibintu bitari ku rutonde. Naho biri ukwo, urashobora kumenya buri gikere c’ikigabo kiriko kirahamagara naho coba kiri mu mugwi w’ibindi bikere biriko birahamagarana. Mu Buyapani, abahinga bagize ubushakashatsi ku bwoko bw’ibikere vyitwa rainettes basanze ivyo bishoboka kubera ko ibigabo biri mu kibanza kimwe bihamagara ibigore mu buryo buri ku rutonde.

Rimbura iki kintu: Ibikere vy’ibigabo birasohora amajwi kugira bikwegere ibigore. Ijwi riva mu tugozi tw’ijwi tw’igikoko riraba rinini igihe rivugiye mu gasaho k’ijwi, kakaba ari agasaho kari mu muhogo kaguka. Ibikere bifise amajwi atandukanye, bivanye n’ubwoko bwavyo. Nk’akarorero, hari ibifise ijwi rimeze nk’iry’ifirimbi, ibijwira, ibifise ijwi ridakaze rigomba kumera nk’iry’igihuna, irimeze nk’ijwi ry’imbata canke ibisohora ijwi ry’uguhirira.

Ni gute none amajwi y’ikigabo kimwe atandukanye n’ay’ibindi bigabo, vyaba biri canke bitari mu bwoko bumwe? Abahinga basanze ko aho gumagara ku buryo butari ku rutonde, ibikere vyegeranye bihamagara ku buryo buri ku rutonde, kimwe kimwe cose kigahanahana n’ikindi, kikavuga ku mwanya waco. Ubwo buhinga bufasha ivyo bikere kutavugira rimwe, gutyo bikamera nk’aho biriko biraririmba bishira hamwe amajwi mu gihe nyene biba biriko biraziganya inguvu. Vyongeye, ukwo kuntu bihamagara ku rutonde bituma ivyo bikere bishobora kuruhuka mu gihe biriko biraririmba.

Niwumvirize ukuntu igikere c’ikigabo citwa coqui gihamagara ikigore

Abahinga mu vyo gutumatumanako amakuru, bisunze ubwo buryo ibikere bihamagarana mu rutonde, bariko barakoresha ibiharuro bihanitse kugira bateze imbere ubuhinga bwo kurungika amakuru, ku buryo amakuru atandukanye atarungikwa ku mwanya umwe. Ivyo bituma harungikwa amakuru yo kwizigirwa kandi bigatwara inguvu nke mu kubikora.

Uvyibaza ko iki? Ubwo bushobozi ibikere bifise bwo guhamagarana mu rutonde bikamera nk’aho biriko biraririmba bishira hamwe amajwi, vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika