ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 53
  • Luka 1:37: «Kuko ata kinanira Imana»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Luka 1:37: «Kuko ata kinanira Imana»
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico muri Luka 1:37 hasobanura
  • Amakikuro ya Luka 1:37
  • Yezu aterwa iteka ataravuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Gaburiyeli agendera Mariya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umumarayika kwa Mariya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yatewe Iteka Imbere y’Uko Avuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 53

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Luka 1:37: «Kuko ata kinanira Imana»

«Kuko ata kintu na kimwe kidashoboka ku Mana.»​—Luka 1:37, Bibiliya y’isi nshasha.

«Kuko ata kinanira Imana.»​—Luka 1:37, Bibiliya Nyeranda

Ico muri Luka 1:37 hasobanura

Imana Mushoboravyose irashoboye gukora ibintu abantu babona ko bidashoboka. Nta kintu na kimwe gishobora gutuma idashitsa ivyo yasezeranye.

Mu rurimi rwo mu ntango, imvugo «ijambo» ishobora kwerekeza ku «kintu cavuzwe», ariko ng’aha kikaba ari icavuzwe n’Imana. Ishobora no kwerekeza ku vyo Yehovaa Imana yavuze bikaranguka. Kubera ko ivyo Imana ivuga vyama biba, ibivugwa muri Luka 1:37 bishobora kandi kuvugwa ngo: «Kuko ivyo Imana isezerana bitigera bireka kuba» canke «Ku Mana vyose birashoboka.» Uko kuntu bahinduye ico gisomwa c’ikigiriki co mu ntango bitanga iki ciyumviro nyene: Nta jambo na rimwe canke ivyo Imana yasezeranye bitazoranguka kubera ko ata kintu na kimwe kiyinanira.​—Yesaya 55:10, 11.

Imvugo zisa n’izo ku vyerekeye ivyo Imana yasezeranye ziraboneka muri Bibiliya. Nk’akarorero, Yehova abicishije ku mumarayika wiwe yaravuze ko Sara, umugore wa Aburahamu, akaba atavyara, yokwibungenze mu busaza bwiwe. Imana yongeyeko iti: «Hari ikidashoboka kuri Yehova?» (Itanguriro 18:13, 14) Amaze kwihweza ivyo Imana yaremye, sekuruza w’imiryango Yobu yavuze ati: «[Nta] kintu na kimwe ushatse gukora kikunanira.» (Yobu 42:2) Kandi igihe abigishwa ba Yezu babona ko batoshitsa ivyo Imana isaba kugira barokoke, Yezu yarabibukije yuko “ku Mana vyose bishoboka.”​—Matayo 19:25, 26.b

Amakikuro ya Luka 1:37

Umumarayika yitwa Gaburiyeli yarabwiye umwigeme w’isugi w’umuyuda yitwa Mariya amajambo dusanga muri Luka 1:37. Gaburiyeli yari ahejeje kumubwira ko yovyaye «Umwana w’Imana Musumbavyose» kandi ko “yomwise Yezu.” Yezu yobaye umwami w’Ubwami bw’Imana, ubuzoganza ibihe bidahera.​—Luka 1:26-33; Ivyahishuwe 11:15.

Mariya yarabajije ingene ikintu nk’ico coshobotse kubera ko atari yubatse kandi “ata mugabo yari afise.” (Luka 1:34, 35) Gaburiyeli yishuye ko Imana yokoresheje impwemu yayo nyeranda canke inguvu akoresha. Ico gihe Yezu yari mw’ijuru, ari umwana w’Imana afise umubiri w’impwemu. Rero Yehova yakoresheje impwemu yiwe nyeranda mu gukura ubuzima bwa Yezu mw’ijuru akabushira mu nda ya Mariya. (Yohani 1:14; Abafilipi 2:5-7) Mariya yaciye yibungenga ku gitangaro. Kugira uwo mumarayika atume Mariya yizera ko Imana ibishoboye, yamubwiye ko incuti yiwe Elizabeti yari aherutse kwibungenga umuhungu «mu busaza bwiwe.» Elizabeti n’umugabo wiwe Zekariya nta mwana bari bafise kuko Elizabeti atavyara. (Luka 1:36) Umuhungu wabo yari Yohani umubatizi, uwo Yehova yari yavuze imbere y’igihe ko yomukoreye.​—Luka 1:10-16; 3:1-6.

Umumarayika Gaburiyeli rero yaciye avuga amajambo dusanga muri Luka 1:37, kumbure afise mu muzirikanyi Mariya na Elizabeti. Ayo majambo nyene arahumuriza abasavyi ba Yehova muri iki gihe ko azobandanya gushitsa ivyo yasezeranye. Muri ivyo hakaba harimwo ico yasezeranye ko izi ntwaro z’abantu azozisubiriza intwaro nziza iganzwa n’umwana wiwe Yezu kristu, umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.​—Daniyeli 2:44; 7:13, 14.

Soma Luka ikigabane ca 1 muri Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya yoroshe gusoma irafise ivyafashwe amajwi, utujambo tw’epfo, amarabiro yo mu nkingi, amafoto n’amakarata.

Nurabe iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu ca Luka.

a Yehova ni izina ry’Imana ry’uruharo. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

b Amajambo nk’ayo turayasanga mu Guharura 23:19; Yosuwa 21:45; 1 Abami 8:56; Yobu 37:5; Zaburi 135:6; Yeremiya 32:17; Daniyeli 4:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika