14 Tamari aca akura impuzu z’abapfakazi, yambara umwitwikiro maze arenzako igitambara ariyoberanya. Araheza aja kwicara kw’irembo ry’igisagara ca Enayimu, iruhande y’inzira ija i Timuna. Yabigize kuko yari yarabonye ko Shela yari yarakuze, ariko sebukwe ntiyamumuha ngo amubere umugore+.