18 Bazokwemera ivyo ubabwiye+. Mwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli muzoja ku mwami wa Misiri, mumubwire muti: “Yehova Imana y’Abaheburayo+ yavuganye natwe. Turagusavye utureke tugire urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kugira tuje gushikanira ibimazi Yehova Imana yacu+.”