31 Yabikoze yisunze ivyo Musa umusavyi wa Yehova yategetse Abisirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa, ahagira hati: «Igicaniro c’amabuye atabajwe, ata gikoresho c’icuma bigeze bayakozako+.» Baca bashikanira Yehova kuri ico gicaniro amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+.