32 Ariko Yehonadabu+ mwene Shimeya+, Shimeya mwenewabo na Dawidi, avuga ati: «Mwami wanje, ntiwiyumvire yuko ari abahungu bawe bose bishwe. Ni Amunoni wenyene yapfuye+. Abusalomu ni we yategetse ko bamwica, kandi yateguye uwo mugambi+ kuva umusi Amunoni yakorera ibiteye isoni mushikiwe+ Tamari+.