39 Umwami arenganye, nya muhanuzi arasemerera abwira umwami ati: «Jewe umusuku wawe nari ahari urugamba rushushe, hanyuma haza umusoda ansigarana umuntu. Ambwira ati: “Cunga uyu muntu. Akaramuka akujanye, urapfa mu kibanza ciwe+ canke na ho uce uriha italanto y’ifeza.”