2 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu bose, abaherezi n’abahanuzi, ni ukuvuga abantu bose kuva ku muto gushika ku wuhambaye. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu+ c’isezerano+ bari batoye mu nzu ya Yehova+.