19 Avuga ati: «Kubera ko ntinya Imana yanje, sinokwubahuka kunywa aya mazi! Kwoba ari nko kunywa amaraso y’aba bagabo bashize ubuzima bwabo mu kaga+, kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.» Yanka rero kuyanywa. Ivyo ni vyo abo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi bakoze.