14 Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye yari yarimbishije mu gisagara ca Dawidi+. Bamuryamitse ku buriri bwuzuyeko amavuta amota neza n’ayandi mavuta adasanzwe bakoze mu kuvanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+. Baraheza bacana umuriro udasanzwe ku maziko yiwe kugira bamutere iteka.