18 Abafilisitiya+ na bo batera ibisagara vyo mu karere ka Shefela+ no mu karere ka Negebu kari mu Buyuda. Baraheza bafata ibi bisagara: Beti-Shemeshi+, Ayaloni+, Gederoti, Soko n’udusagara tuhegukira, Timuna+ n’udusagara tuhegukira na Gimuzo n’udusagara tuhegukira, hanyuma babayo.