-
Esiteri 2:9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Hegayi ashima uwo mwigeme, yumva aramukunze*. Ubwo nyene aca amuronderera ivyo azoza arisiga* ngo arushirize gusa neza+, atunganya n’uko azoza araronka ibifungurwa bidasanzwe. Amuronderera n’abigeme indwi bo kumwitwararika abakuye mu nzu y’umwami. Maze we n’abo bigeme abimurira mu kibanza ciza kuruta ibindi vyose vyo mu nzu y’abagore.
-