21 «Nayo jewe, iri ni ryo sezerano ngiranye na bo+», ni ko Yehova avuze. «Sinzokura mu kanwa kawe impwemu yanje iri kuri wewe n’amajambo yanje nashize mu kanwa kawe. Sinzobikura no mu kanwa k’abana bawe canke k’abuzukuru bawe, kuva ubu no gushika ibihe bidahera», ni ko Yehova avuze.