13 Ariko Abisirayeli barangararije mu bugaragwa+. Ntibakurikije ivyagezwe vyanje, kandi barateye akagere ingingo nashinze, zimwe zituma uwuzikurikiza abaho. Barahumanije cane amasabato yanje. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje mu bugaragwa kugira ngo ndabahonye+.