27 Ivyegera vy’umwami, ivyariho, ba buramatari n’abategetsi bakomakomeye b’umwami bari bakoraniye ng’aho+, na bo nyene bariboneye ko umuriro ata na kimwe wabagize+. Nta n’agashatsi ko ku mitwe yabo kari kahiye. Imitamana yabo nta co yari yabaye, kandi nta n’akamoto k’umwotsi wabumvako.