19 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, ukwo mu kwezi kugira gatanu+, ukwo mu kwezi kugira indwi+ n’ukwo mu kwezi kugira cumi+, kuzoba ari akaryo ko kwigina no kunezerwa+ ku baba mu Buyuda, imisi mikuru y’umunezero. Nimukunde rero ukuri n’amahoro.”