14 Maze nya nzige zitangura kuduga ku gihugu cose ca Misiri, zigwa ku karere kose ka Misiri+. Zari ubugesera+. Imbere yazo ntihari bwigere haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo, kandi ntihazokwigera haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo mu nyuma yazo.