20 Umuherezi na we aze abizungagize irya n’ino+ biri kumwe na ya mikate y’ivyamwa vya mbere vyeze, bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova, kumwe na ya myagazi y’intama ibiri y’amasuguru. Bikwiye kuba ikintu ceranda kuri Yehova, kikegukira umuherezi+.