36 Imisi indwi mukwiye gushikiriza ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova. Ku musi ugira umunani muzogira ihwaniro ryeranda+, kandi muze mushikirize ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova. Ni ikoraniro ry’agakūra. Nta gikorwa na kimwe kiruhisha muzokora.