15 uwo mugabo azoce azana umugore wiwe ku muherezi+, amuzanane n’ishikanwa rya nya mugore, ic’icumi c’ingero ya efa c’ifu ya sayiri. Ntaze ayisukeko amavuta canke ngo ayishireko imibavu yitwa olibani+, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ry’icibutso ryibutsa ikosa.