5 canke igihe ajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya inkwi, hanyuma akabangura ukuboko kwiwe ngo ateme igiti n’ishoka, maze icuma cayo kikarokōka mu kirindi c’igiti+, kigakubita mugenziwe agapfa; uyo muntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara, abone kubaho+.