26 Maze Yosuwa arahiza indahiro ico gihe nyene ati: “Arakavumwa imbere ya Yehova umugabo azohaguruka akubaka koko iki gisagara, egome, iki gisagara Yeriko. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe, kandi niyahagarika imiryango yaco aze abure umuhererezi wiwe+.”