4 Maze ubupfindo busohoka ku bw’imiryango y’Abakohati+, hanyuma ibisagara cumi na bitatu biraheza vyegukira bene Aroni umuherezi, bo mu Balewi, biciye ku bupfindo, bikuwe mu muryango wa Yuda+ no mu muryango w’Abasimeyoni+ no mu muryango wa Benyamini+.