4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’