34 Gushika n’uyu musi bakora bisunze uburyo bwo gusenga bwabo bwa kera+. Nta n’umwe yatinya Yehova+ kandi nta n’umwe yakora yisunze ivyagezwe vyiwe n’ingingo z’ubutungane ziwe+ n’itegeko+ ryiwe n’ibwirizwa+ Yehova yari yarategetse bene Yakobo+, uwo yahinduriye izina rikaba Isirayeli+;