8 Nuko Asa agira inteko za gisirikare zitwara inkinzo zagutse+ n’amacumu+, abagabo ibihumbi amajana atatu bo muri Yuda+. Muri Benyamini na ho, abatwara udukinzo bakongera bagafora umuheto+ bari ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani+. Abo bose bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi.