34 Vyongeye, dupfinda ubupfindo+ ku bijanye no gutanga inkwi+, izo abaherezi, Abalewi n’abantu bakwiye kuzana ku nzu y’Imana yacu, hakurikijwe inzu ya ba sogokuruza bacu, ku bihe vyashinzwe, ku mwaka ku mwaka, kugira ngo zicanwe ku gicaniro ca Yehova Imana yacu+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko+;